Haraciye imisi indwi, isi ihimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe abanyagihugu. Uwo musi wampaye kwiyumvira ku bavukagihugu b’Uburundi. Kuva mu mwaka w’2001, ibitigiri vy’Abarundi vyagumye vyiyongera, ariko kandi, bigaragara ko bitariko birasubira hasi vuba. None iryo gwirirana ryoba ritumwa n’iki ? Ingaruka zaryo zo ?
Muri rusansuma rwakozwe mu mwaka w’2008, ibitigiri vy’abantu baba mu Burundi vyari 8.053.574. Naho icegeranyo cakozwe n’ikigo ISTEEBU, mu mwaka w’2016 categekanya ko ibitigiri vy’Abarundi bazoba baba mu Burundi vyangana 11.772.322.
Ico kigo nyene kirabandanya cerekana ko ibitigiri vyiyongereye muri uyu mwaka w’2019, aho categekanya ko ubu bigeze ku bantu 12.044.164. Muri ivyo bitigiri rero, ...