LE JOURNAL.AFRICA
SOCIETE

Ibintu bitanu biranga umurongozi mwiza

« Umurongozi mwiza yitaho abandi gusumba inyungu ziwe canke iz’imirwi akomokamwo. Twese turafise ubushobozi bw’ukuba abarongozi » ; umwigisha muri kaminuza, Acher Niyonizigiye, yaraduhaye umuco ku nyigisho z’uburongozi amaze imisi atanga, biciye ku mbuga ngurukanabumenye.

Iminsi yose mu gatondo ka kare, umwigisha muri kaminuza Acher Niyonizigiye, yahoze mbere ari umupasitori, ararungikira ubutumwa bufashe mu buryo bw’amajwi (audio) abantu barenga 1500. Ubwo butumwa bugizwe n’inyigisho zivuga ku burongozi. Abazikurikirana bari mu migwi ya Whatsapp itandukanye.

Igitigiri c’abakurikirana izo nyigisho kiduga uko bukeye uko bwije, kuko benshi mu bazikurikirana baca bazikwiragiza irya n’ino, mu yindi migwi bahurikiyemwo. Tumaze kubona ukuntu izo nyigisho ziriko zirahurumbirwa n’abatari bake, abato n’abakuze, twahisemwo kumwegera, turamubaza imvahe n’injahe y’ubwo butumwa atanga.

Yaga : Kubera iki mwashimye gutanga inyigisho zivuga ku burongozi ?

Acher Niyonizigiye : Narihweje nsanga ingorane nyinshi tugira mu gihugu zikomoka ku burongozi butameze neza. Ivyo bigatumwa n’uko hari abarongozi batari bake usanga bafise ingeso z’uburyarya, ugasanga hari nk’uwushinga ishirahamwe avuga ko ari iryo guteza imbere abanyagihugu, ariko akarikoresha mu kwiteza imbere we nyene gusa. Nasanze kenshi abantu biyumvira uburongozi uko butari bigac...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

#ZaNzoga: ico amategeko avuga

YAGA BURUNDI

Bujumbura: Les points de ventes et transfert de musique, les salles de fortune de cinéma sous le couperet d’une mesure

LE JOURNAL.AFRICA

Sénégal: le harcèlement de rue subi par les femmes au centre d’un projet artistique

RFI AFRIQUE
Verified by MonsterInsights