Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ibintu bitanu biranga umurongozi mwiza

« Umurongozi mwiza yitaho abandi gusumba inyungu ziwe canke iz’imirwi akomokamwo. Twese turafise ubushobozi bw’ukuba abarongozi » ; umwigisha muri kaminuza, Acher Niyonizigiye, yaraduhaye umuco ku nyigisho z’uburongozi amaze imisi atanga, biciye ku mbuga ngurukanabumenye.

Iminsi yose mu gatondo ka kare, umwigisha muri kaminuza Acher Niyonizigiye, yahoze mbere ari umupasitori, ararungikira ubutumwa bufashe mu buryo bw’amajwi (audio) abantu barenga 1500. Ubwo butumwa bugizwe n’inyigisho zivuga ku burongozi. Abazikurikirana bari mu migwi ya Whatsapp itandukanye.

Igitigiri c’abakurikirana izo nyigisho kiduga uko bukeye uko bwije, kuko benshi mu bazikurikirana baca bazikwiragiza irya n’ino, mu yindi migwi bahurikiyemwo. Tumaze kubona ukuntu izo nyigisho ziriko zirahurumbirwa n’abatari bake, abato n’abakuze, twahisemwo kumwegera, turamubaza imvahe n’injahe y’ubwo butumwa atanga.

Yaga : Kubera iki mwashimye gutanga inyigisho zivuga ku burongozi ?

Acher Niyonizigiye : Narihweje nsanga ingorane nyinshi tugira mu gihugu zikomoka ku burongozi butameze neza. Ivyo bigatumwa n’uko hari abarongozi batari bake usanga bafise ingeso z’uburyarya, ugasanga hari nk’uwushinga ishirahamwe avuga ko ari iryo guteza imbere abanyagihugu, ariko akarikoresha mu kwiteza imbere we nyene gusa. Nasanze kenshi abantu biyumvira uburongozi uko butari bigaca bitera ingorane nyinshi.

Ugutahura nabi uburongozi biri hose, haba muri politike, mu mashengero, mu mashirahamwe atandukanye, mu mashure n’ahandi. Ni co gituma niyumviriye nti kugira igihugu gitere imbere, dutegerezwa guhindura ukuntu abantu babona uburongozi. Bishobora gufata umwanya munini ariko birashoboka.

Yaga : Ku bwanyu, ni ibiki biranga umurongozi mwiza ?

Acher Niyonizigiye : Umurongozi mwiza ni umuntu yitaho abandi. Ntiyitaho inyungu ziwe canke iz’imirwi akomokamwo gusa (ubwoko, idini, ishengero, umugambwe…), ahubwo yitaho iza bose. Ni umuntu ashobora kwitanga kugira ngo abandi bamererwe neza.

Ariko rero, ukuba umuntu ameze neza ntibikwiye. Umurongozi mwiza ategerezwa kuba afise ubumenyi butuma atunganiriza abandi neza. Ni umuntu akunda ibintu bikozwe neza kandi ashoboye kubikora neza. Ni umuntu abona kure, ashobora kwiyumvira ati « none aha ndi nshakako hoba hameze gute mu myaka 10 canke 20 ? » Ni umuntu, ivyo akora vyose uyu munsi, aba ashaka ko bimushikana ku ntumbero yihaye muri kazoza.

Nasanze rero indongonzi zitari nke zidafise imbonakazoza. Ugasanga babona inyungu bakura mu kazi barimwo uno munsi, ntibiyumvire kazoza. Abo  ntibaba ari abarongozi, baba ari abakozi bironderera ico bafungura gusa.

Yaga : None umuntu wese arashobora kuba umurongozi ?

Acher Niyonizigiye : Ego cane, twese turafise ubushobozi bw’ukuba abarongozi. Ariko, hariho aboroherwa n’ukuba abarongozi kurusha abandi, bivanye n’impano bavukanye. Hariho nk’abantu basanzwe boroherwa mu kuvuga bashwashwanutse ; abo, iyo bafise imigambi myiza, biroroshe ko baba abarongozi. N’abadafise iyo mpano, baba bafise izindi mpano zotuma baba abarongozi beza.

Ariko rero, mvuze ko abantu bose bashobora kuba abarongozi, ntibisigurako bose bategerezwa kuja mu bibanza bikomeye vy’uburongozi (kuba abashingamateka, kuzezwa amashirahamwe, kuba abashikiranganji, abarongozi b’amashengero n’ibindi). Umuntu wese arashobora kuba umurongozi mu vyo akora ; n’uwukubura harya mu biro, aba afise abo abera akarorero. Uburongozi ni ubushobozi bw’ukwereka inzira abandi hanyuma bakakuyoboka, naho woba ukora akazi kabayabaye.

Yaga : Abakiri bato bokora iki kugira bashobore kuba abarongozi beza ?

Acher Niyonizigiye : Ica mbere, birinde cane kwicafuza mu gukurikirana ababakurira bahushije inzira, bagakoresha ubutegetsi bafise kugira ngo bironderere inyungu zabo gusa. Barabahendesha amahera canke ubuzi kugira babakoreshe amakosha, maze bamere nka bo. Ivyo bategerezwa kuvyirinda.

Ica kabiri, abakiri bato bakwiye kwimenyereza kwiyumvira nk’abarongozi naho boba ata kazi bararonka. Kuba umurongozi ni ukwiyumvira icokorwa, hanyuma ugakora ico ushoboye. Aho niho uburongozi butangurira. Bakwiye rero kwimenyereza kwiyumvira n’ugukora ibintu bituma hagira igihinduka aho babaye.

 

Quitter la version mobile