Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Acher Niyonizigiye: “ Si abarongozi bose bakomoka ku Mana ”

Hari abantu benshi bisunga ijambo ryo muri Bibiliya rivuga ko “ata kuganza kutava ku Mana”, maze bakabeshera Imana ko ari yo yabahaye umuhamagaro wo gukora ibintu kanaka. Ku vy’ukuri, iryo jambo si ico risigura. Abarongozi bose tubona aha kw’isi ntibava ku Mana. Uwo ni umuco utangwa na Acher Niyonizigiye, umwigisha muri Kaminuza. Aradutomorera.

Imbere yo kuvuga ku bijanye n’abarongozi, nashaka mbanze mvuge ikintu codufasha gutahura : ububasha bwo guhitamwo Imana yahaye abantu. Ubu bubasha busigura ko ivyo Imana ishaka bidategerezwa kwama biba uko ibishaka ijana kw’ijana, kandi ko hashobora kubaho n’ibinyuranye n’ivyo ishaka. Birya bintu dukora, si vyose bihwanye n’ivyo Imana ishaka, kandi irabireka bikaba kuko ari yo yemeye ko tugira ububasha bwo guhitamwo.

Kugira ngo ivyo Imana ishaka vyame biba uko ibishaka igihe cose, vyoyisaba kutatwemerera gukoresha ububasha yaduhaye iyo tugira tubukoreshe nabi. Ivyo ntiyobikora, kuko yoba yivuguruje. Ico ikora, iremera ko habaho ibintu bidasa n’ivyo yashaka, n’aho atari vyose iba ishaka. 

Ubushake bw’Imana n’ubw’abantu

Abaseranguzi b’Ijambo ry’Imana bavuga ko ugushaka kw’Imana kuri uburyo buburi: ivyo Imana ishaka n’ivyo Imana ireka bikaba n’aho atari vyo biba bikwiriye (volonté parfaite na volonté permissive mu gifaransa). 

Rirya jambo rivuga ko ata kuganza kutava ku Mana, ntirivuga ko ata baganza batava ku Mana. Ni vyo ukuganza kwose (uburongozi bwose) kubaho, gukomoka kuri yo, kuko ata kindi kintu kiyirengeye mu bibaho vyose; ariko uburongozi bushobora gukoreshwa nabi kandi bukomoka ku Mana. 

Uko biri rero, uburongozi bukomoka ku Mana ariko abarongozi bashobora kuba ari bo Imana yashaka ko bahaba canke bakabaho kuko yaretse bakahaba bitewe n’uguhitamwo kwabo, ukw’ababatora canke ukw’abaharura amajwi mu bihe vy’amatora.

Akarorero ni Sauli

Mwibuke umwami Sauli. Imana yigeze kumushira mu burongozi, hanyuma avyifatamwo nabi kuko yakoresheje ububasha bwo guhitamwo nabi, arayigarariza. Imana yahavuye imumenyesha ko yamukuyeko amaboko, ko yamwatse ubwami (1 Samweli 15). 

Aho kwemera ico Imana ivuze no gusubiza ubutware, yahisemwo kuhaguma ku nguvu, atangura guhiga uwo Imana yashaka ko amusubirira kugira ngo amwice. Ivyo vyatumye amara igihe ari ku butegetsi kandi Imana yaramaze kumwaka ubutware.

Imana yaremeye ko ahamara ico gihe kuko ari we yabihisemwo, ariko murumva ko ata wovuga ko muri co gihe ari we Imana yashaka. Ico gihe c’inyongera yabaye umwami kubera ubugaba bwiwe, maze Imana irabireka biraba. Mbega ibi bisigura ko umuntu ashobora guhagarika umugambi w’Imana? Oya, bisigura ko Imana ishobora kureka umuntu agakora ivyo ashaka kandi bidasa n’ivyo yo ishaka, kugeza umusi yo nyene ifashe ingingo yo kubihagarika ikoresheje uburyo bumwe canke ubundi.

Ni uko rero, abaja mu bibanza vy’uburongozi, ntibategerezwa kuba ari bo Imana yashaka ko bahaja. Birashoboka ko umuntu aba umurongozi w’abantu ata muhamagaro afise, ata n’ingabire ico kibanza gisaba afise, bitewe gusa n’uko abibonamwo inyungu ziwe. Imana irashobora kureka bakaba abarongozi ku bwo guhitamwo kwabo, guhitamwo kw’ababatora, hamwe n’uguhitamwo kw’abafise umuhamagaro ariko batitoza. Ico Imana ikora, irabireka bikaba n’aho bitaba bihwanye n’ico yashaka; hanyuma ikadusaba kwemera inkurikizi zavyo kuko tuba tubifisemwo uruhara.

 

Quitter la version mobile