Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#Coronavirus : impanuro zofasha abakoresha gukingira abakozi

Mu gihe ikiza citwa Coronavirus kiriko kirasasasika inganda mu bihugu bitandukanye kw’isi, gutora inzira zo kuzitira ico kiza ni icihutirwa ahantu hose hakoranira abantu mu rwinshi. Canecane mu buzi, ahahurira abakozi benshi.  Ng’izi impanuro n’ingingo ishirahamwe canke ubuyobozi kanaka bwofata, ngo bukingire amagara y’abakozi.

Nk’uko urubuga Acas rwo mu gihugu c’Ubwongereza rubivuga, uwuserukira ishirahamwe riraba amagara y’abantu kw’isi, Dr Tedros Gebrysos, abona ko igihugu kimwe cose gitegerezwa kugerageza gukinga iyo ndwara, kugira ireke kubandanya ikwiragira hose. 

Hamwe muho kugabira, ni ahantu abantu bahurira hamwe, na canecane abakozi. Ni ingendo nziza abakoresha iyo bava bakagera bari bakwiye kwijukira muri ino misi. Urwo rubuga rwaciye rutororokanya ingingo n’inyifato zibereye abarongozi b’amashirahamwe ari zo zikurikira:  

  • Kumenyesha abakozi bose ingingo zafashwe, mu ntumbero yo gukinga uwo mugera, aho abantu bakorera ; 
  • Amashirahamwe ategerezwa kuguma asuzuma amanomero y’amaterefone y’abakozi bose, akamenyesha bose inomero z’ubutabazi ; 
  • Kwitwararika ko abarongozi b’ishirahamwe bazi ibimenyetso vy’uwo mugera, kandi batahura kumwe amategeko n’inyifato yo kugira mu gihe bishitse, kuva ku kuntu umukozi abimenyesha akanasuzuma ifatwa ryiwe, n’ibikurikira mu gihe hagize umuntu agaragarako ibimenyetso vy’iyo ndwara ari ku kazi ;
  • Gushiraho ibibanza vyiza vyo gukaraba intoke n’amazi y’akazuyazi n’isabuni, no guhimiriza abakozi gukaraba kenshi gashoboka ;
  • Gushiraho ibikoresho vyo kwihanagura no guhimiriza kubikoresha ;
  • Kuraba ko twa dutambara bipfuka ku munwa no ku mazuru dushobora gukoreshwa n’abantu mu gihe bagiye gukorera ahantu hateye amakenga ;
  • Kuraba ko ingendo zigirwa mu bihugu bimaze kugaragaramwo ico kiza koko zikenewe, no kuraba icofatwa.

Yanduye uwo mugera aje ku kazi naho ?

Ikintu twoguma twiteguriye muri ino misi ni uko hashobora kuba umuntu yanduye uwo mugera aza aho dukorera, ashobora kuba ingenzi, umukozi canke umukoresha. Kuri ubwo, hari inyifato zimwezimwe zitegerezwa kuranga abakozi bakorera aho hantu: 

  • Ico kibazo gitegerezwa kuvuganwako aho nyene ku kazi, na canecane n’uwujejwe abakozi ;
  • Gusuzuma no kugira urutonde rw’abantu begereye uwo muntu yanduye ;
  • Gusuzuma urugero rwo kwanduza abandi no kumenya iyo uwo mugera woba waraturutse kugira wandukire uwo muntu ;
  • Birakenewe ko abarongoye ishirahamwe biyumvira inzira zishoboka zo kwirinda ico kiza, bikenewe bakanahagarika ibikorwa ikiringo gitoya, kugira bemeze vy’ukuri ko uwo mugera ata wuhari muri ico kibanza ;
  • Kwitwararika imisi yose ko abakozi bafise uburyo bwo gutumatumanako n’umukoresha canke ubuyobozi bw’ishirahamwe.

Iyo umukozi yumva uburuhe ari ku kazi ho ?

Kwumva uburuhe bwiyadukije, umuntu ari ku kazi, birakunze gushika kenshi na kenshi. Muri kino gihe ikiza coronavirus kiriko kiriha inkumbi, hari impanuro zo kwikingira zitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba amagara y’abantu kw’isi (OMS). Iyo umuntu agaragaje ivyo bimenyetso vy’uburuhe, akaba yaheruka kugendera kimwe mu bihugu bivugwamwo uwo mugera. Aho naho duhamagariwe gukora ibi bikurikira : 

  • Kwirinda kumwegera, ukaguma ku nkikura y’imetero 2 ;
  • Kumushira mu kibanza ca wenyene canke ahantu hari umuryango wugaye ubatandukanya ;
  • Kwirinda gukora ku bintu ivyo ari vyo vyose ;
  • Kwipfuka ku munwa n’agatambara igihe cose ufashwe no gukorora canke kwasamura, uhejeje ugaterera ako gatambara aho bata imicafu ;
  • Gukoresha ubwogero butari n’ubwo uwo muntu yakoresheje ; 
  • Umukoresha ategerezwa gukurikirana ibimenyetso vy’uwo mukozi agaragaje ivyo bimenyetso, n’ibihugu aba yaragendeye mu kiringo c’imisi 14. 

Ingingo zo gukinga indwara ahakorera abantu ni ibintu bihambaye cane zitegerezwa kumenyekana, haba ku bakozi canke ku bakoresha; kuko zifasha kugira akazi kabandanye, hamwe no kubungabunga itunga ridasanzwe rituma akazi gatera imbere : abakozi.

Quitter la version mobile