Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Yaga Innovation Challenge : iyandikishe mubashe guhiganwa !

Mu ntumbero yo guteza imbere ivyiyumviro bishasha no kwitunganiriza imigambi y’iterambere mu rwaruka rw’Uburundi, Yaga yaratanguje ihiganwa yise « Yaga Innovation Challenge ». Ni ihiganwa ry’ ivyiyumviro-migambi mu buhinga bwa none, rigamije gushigikira urwaruka rwipfuza guterera mw’iterambere ry’ibisata vy’amagara y’abantu, indero, kunganisha ibitsina no gukingira ibidukikije. 

Ku rwaruka rufise ivyiyumviro birashe kandi bishasha, rukaba rwipfuza kuja muri iryo higanwa, ng’izi ingorane rwokwiyumvira gutorera inyishu zibereye, zumvikana kandi zishobora kuja mu ngiro.  (MN : umuhora mwocako mu kuja ku rupapuro mwiyandikishirizako, uri musi y’iki gisomwa)

Amagara y’abantu : iterambere ry’ubumenyi n’ubuhinga ryarafashije mw’inagurwa ry’ubuvuzi no kubaho neza, haba kw’isi yose, eka mbere no mu Burundi. Ariko hano mu gihugu cacu, igisata c’amagara y’abantu gihanzwe n’ingorane zitari nke, na canecane amagara y’umuvyeyi, ibibondo, imiyabaga n’urwaruka muri rusangi. Aho twovuga nk’indwara zandukira, irondoka rijanye n’amagara meza, n’ukunywa ibiyovyabwenge.

Indero : ni yo nzira irashe mu guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu wese. Aha twovuga nko ku bagore, urwaruka, ari bo bagize igice kinini c’ababa mu Burundi. N’aho igihugu cateye intambwe iboneka mu bijanye no kwigisha urwaruka, abaheba amashure baracari umurengera. Vyongeye, ubumenyi n’ubushobozi baronkera mu mashure ntibiborohereza kuronka akazi keza kandi bakwiriye.

Kunganisha ibitsina : ni vyo, « abantu bose bavuka bangana imbere y’amategeko, banganya n’agateka »; ariko, icibonekeza ni uko ubusumbasumbane bugumaho, na canecane mu vyerekeye inganishwa ry’ibitsina. Aha twovuga nk’ukuntu umugore adahabwa amahirwe amwe n’umugabo (mu kwiga, mu kazi, mu kwinezereza, n’ibindi). Ivyo bikiyongera ku yandi mahohoterwa afatiye ku gitsina nk’ukudandaza abigeme, ugufatwa ku nguvu, amahohoterwa mu miryango canke mu buzi, n’ibindi vyinshi.

Gukingira ibidukikije : iterambere riguma ryiyongera hirya no hino kw’isi ntirisiba kwonona ibidukikije. Nazo ingaruka mbi, zirahaye ziribonekeza mu biza bija biratera ahatandukanye kw’isi, nk’imyuzurira, ihindagurika ry’ibihe n’uguhona kw’ibinyabuzima.

Ni nde arekuriwe guhiganwa ?

Abiyandikisha muri iri higanwa bategereza kuba bakwije ibi bikurikira :

  1. Kuba bari mu mugwi w’abantu n’imiburiburi 3, ariko batarenga 5, uwuserukira uwo mugwi akaba asanzwe aba ku butaka bw’Uburundi ;
  2. Abagize uwo mugwi bategerezwa kuba bafise hagati y’imyaka 16 na 30.

Ihiganwa rizogenda gute ?

Ihiganwa « Yaga Innovation Challenge » ryugururiwe urwaruka rwose ruba mu Burundi hamwe n’urwaruka rw’Abarundi ruba mu makungu.

Uwiyandikishije aba yemeye kuja mu bice vyose vy’iri higanwa.

Ibizokwisungwa mu kuraba abarushije abandi

Dushaka ivyiyumviro bishasha kandi birashe, bitorera inyishu kimwe canke vyinshi mu bibazo bihanze igihugu cacu ; nk’uko twabisiguye aho hejuru.

Ivyo vyiyumviro-migambi bitegerezwa kuba bikwije ibi bikurikira :

  • Kuba ari bishasha kandi bitorera inyishu kimwe mu bibazo twasiguye aho hejuru ;
  • Kuba vyatangujwe kandi bitunganywa n’urwaruka (hagati y’imyaka 16-30)
  • Kuba ari ivyiyumviro-migambi bitunganije neza, bigaragaza abo bigenewe n’abo bose bazokenerwa kugira bije mu ngiro ;
  • Kuba ari ivyiyumviro-migambi bigaragara ko bizogira akamaro mu kibano, nk’ukugwiza akazi, kurwanya ubukene, kunagurira ubumenyi abenegihugu, n’ibindi ;
  • Kuba ari ivyiyumviro-migambi bifise akamaro kagaragara kandi bifise ivyo umuntu afatirako kugira yemeze ko ako kamaro kashitsweko ;
  • Kuba ivyo vyiyumviro-migambi bishobora no gukoreshwa mu gihugu cose, ndetse no mu bindi bihugu ;
  • No kuba ari ivyiyumviro-migambi bifise uko bizokwinjiza uburyo buzotuma bibandanya bikorwa.

Abazoca urubanza

Mu mugwi w’abazotora abarushije abandi, hazoba harimwo abahinga baturuka mu mashirahamwe n’inganda zikorera mu bisata twavuze aho hejuru : amagara y’abantu, indero, gukingira ibidukikije no kunganisha ibitsina.

Ubushimwe

Imigwi cumi izoba yasumbije iyindi (izohiganwa mu gice ca nyuma) izoshirwa ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Yaga, hamwe n’izindi mbuga koraniro zitandukanye za Yaga ;

Aba kane : 700 000 vy’amafaranga y’amarundi ;

Aba gatatu : 800 000 vy’amafaranga y’amarundi ;

Aba kabiri : 1000 000 w’amafaranga y’amarundi ;

Aba mbere : 1 500 000 y’amafaranga y’amarundi ;

Hamwe n’ugushigikirwa mu vy’ubuhinga, igihe co gushira mu ngiro iyo migambi.

Amagenekerezo yo kwitondera

12 Nyakanga 2019 : Ikiganiro ku bamenyeshamakuru, no gutanguza ihiganwa

6 Gitugutu 2019 : kwiyandikisha bizoba bihagaze

14 Gitugutu 2019 : hamenyekane ivyiyumviro-migambi 10 bishasha kandi birashe kurusha ibindi vyose

30 & 31 gitugutu : Ihiganwa nyezina (Hackathon)

8 Munyonyo : Gutanga ubushimwe

Fyonda kuri uwu muhora kugira wiyandikishe

https://docs.google.com/forms/d/e/1FAIpQLSdzVUtiUKNE4UXlGS9KrWi5jmOr73g79J-u7xKdvTZ5LbUdOQ/viewform

 

Quitter la version mobile