Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ikoreshwa ry’abana bataragera: “Uwanka agakura abaga umutavu”

Ingingo zirafatwa, ariko abantu bakaguma bakoresha abana batarakwiza imyaka yo gukora. Aha i Bujumbura ndetse no mu yindi mihingo y’igihugu, abana bafise hagati y’imyaka cenda na cumi n’umwe, usanga bariko bakora ubuzi bwo mu nzu, kudandaza canke ubundi bwose abo bita “aba boss” babatuma. Abo bana babona amakuba menshi; nk’uko Eric* na Aline* babituyagira hano.  

Nitwa Eric, mfise imyaka cumi n’umwe. Mvuka mu muryango ukenye cane. Kugira turonke ico dufungura, hari ku gihamana.  Ubwo bukene ni bwo bwatumye ntabandanya amashure yanje, n’aho yariko aranyorohera kandi nkiri muto. Nabonye kazoza kanje n’ak’umuryango kataboneka neza, nca mpitamwo kuja kurondera iyo nisumamwo, n’aho nyene bigoye. 

Narijijanije imitima, ndaraba kuja i Gitega, ariko nkabona hatomfasha gutera imbere. Niko guhitamwo kuja mu gisagara ca Bujumbura. Sinagira uwunyakira. Nashikiye kurara mw’ibarabara.

Haheze nk’amezi atatu, nahuye n’ umuvyeyi arantora, ambaza igituma ndi mw’ibarabara. Ndamwiganira ivyanshikiye, nawe nyakuntunga anyumvira akagongwe, maze anjana kuba iwe.

Aca angira umukozi wiwe 

Kubera ko atashobora kundihira ishure, yaciye ansaba kumudandariza amagi ndayatembereza mu bunywero butandukanye no mw’isoko, hanyuma akaza arampemba make make, kugira ndonke uko mbaho. Gutyo, mba ndavuye mw’ibarabara.

Ngitangura kudandaza ayo magi mu bunywero butandukanye bw’aha mu gisagara ca Bujumbura, vyarangoye cane, ku buryo ayo nagurisha nkarihwa yari make. Umukoresha wanje nawe ntivyamushimisha; kukaba nkako, nawe vyaramuhomvya cane. 

Imisi yose atashe ava ku kazi yanshikiza ku nkoni, atakubise akanturubika. Igihe cose ntashe, n’aho ataco naba nononye, yambonamwo ikosha. Vyakabaye kera, ndateba ndata ndomoka, nsubira iyo naje mva. Sinarindiriye no guhembwa. Gusa icananiye ni ugusubira mu Kayanza iyo mvuka.

Agashahara gato kadapfa kabonetse

Aline*, uwundi mwana w’umwigeme wo mu runganwe rwa Eric, yunganira uwo mugenziwe avuga ko nawe yagize ivyago bisa n’ivyo. Ati : “ndi impfuvyi. Bakinzana bankura mu ntara ya Ngozi bantesheje amashure, bampenda ngo nje kuronka ubuzima mu gisagara. Maze kuhashika, umukoresha yambwiye ko azompemba hageze kuduga, nanje ndavyemera uko.  Narakoze ibindengeye umwaka urahera. Ndamusavye ngo ampembe nje kuramukanya iwacu, yampemvye igice, ayandi ambwira ko azoyampa ngarutse.  Vyahereye ngaho, kuko nahakuye ikirenge, aca azana uwundi mukozi”. 

Kazoza k’abo bana

Mu mihingo itandukanye y’igihugu, na canecane mu gisagara ca Bujumbura, ugukoresha utwana duto ni ingeso isangiwe na benshi; kandi uwo wegereye abikora, ukamubwira kubiheba, umenga ugira umukure amata mu kanwa.

Barakoreshwa, bagahura n’ingorane zitavugwa. Bahembwa intica ntikize, bagakatwa amahera iyo bagize isanganya bakamenekanwa n’ikirahuri canke isahani. Umukoresha ntanibuka ko amukoresha atarakwiza imyaka, gutyo amugirire impuhwe. Barabaheranira, barwara ntibabavuze, ugukubitwa n’uguhohoterwa bidasigaye inyuma. Abigeme bobo bikanashika bagashurashuzwa ku nguvu n’abakoresha babo, agateka kabo kagahonyangwa n’abari bajejwe kugakingira, kazoza kabo kagapfa uko.

Ni vyo, abantu barakenera ababafasha ibikorwa bitandukanye mu mihana iwabo, kandi barakenera kudasohora uburyo bwinshi. Ariko, barakwiye kwikebuka bakagira imitima y’abavyeyi, bakareka kwica kazoza k’abo bana n’ak’igihugu. Urwo rwaruka ni rwo igihugu kizeyeko iterambere. 

 

Quitter la version mobile