Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Kwambikana impeta ntibihagije kugira urugo rusagwe n’iteka

Kwubaka bitandukanye n’ihiganwa ry’ugusiganwa. Kwambikana impeta ntibihagije kugira abubakanye bashinge urugo ruterwa iteka. Kuko inyuma y’aho, haza uruvyaro na kazoza k’urugo. Abihutira gusangira uburiri na mwene nde rero, musubize ameru mw’isaho !

Hari ku w’Imana w’indwi iheze, ntashe mvuye gusenga ku mugoroba nk’isaha imwe y’ijoro. Nahuye na Kwizera, umwana w’umuhungu w’imyaka icenda. Yari yambaye uduhuzu ducafuye cane kandi twatabaguritse. Eka na we nyene yari acafuye, umubiri wumaganye kandi wuzuye ubuhoma. Vyaraboneka ko ata mazi amuherukako. Ambonye amfata ukuboko ambwira ati : “ Mpa ijana ry’igitumbura uzoba ukoze.”

Naciye mbanza kumuganiriza. Ndamubaza ubuzima bw’umuryango avukamwo n’ingene abayeho. Yanyishuye  ati : “ Tuvukana turi abana batandatu, kandi turafise abavyeyi, ariko nta mahera yo gusuma bafise. Mu bo tuvukana, nta n’umwe yiga kuko twarabuze ibikoresho vy’ishure.” N’ikigongwe cinshi naciye nkora mu  mupfuko ndamuha utwo nari nirengagije. Ntaha ndiyumvira ico izo ngorane zoba zivako.

Ubwoba bwo kwitwa iciburire

Abana nka ba Kwizera baruzuye mu bisagara vyose vy’igihugu, ndetse no mu mitumba bariyo. Hari aho nibaza igituma abavyeyi babo bubahuka bakabavyara, nkakibura. Kuko kwibaruka abo urungika mw’ibarabara, ntaho bitandukaniye n’ubugizi bwa nabi.

Bukuru ni umugabo w’imyaka mirongo itatu n’itandatu atunzwe n’ “ukwisumamwo” hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura. Haheze imyaka cumi agize ubugeni, kandi afise abana batanu, bose babayeho nka Kwizera. Nta kintu na kimwe abamariye. Ndamubajije ko ata soni bimutera, yanyishuye ati : “Ha kwitwa umusore w’iciburire, nokwitwa umugabo w’imburakimazi. Kuko naravyaye. Imana izorera.”

Kwiyumvira kuri kazoza

Butoyi, mwene wabo na Bukuru, na we nyene aba mu gisagara ca Bujumbura ; akora akazi ko kwunguruza abantu n’ibintu kw’ikinga. Avuga ko ata mugambi wo kwubaka urwiwe afise ubu vuba. Wewe abona ko gushinga umuryango bisaba kwitegura, umuntu akaba abona n’imiburiburi ko azoshobora gutunga umugore n’umwana.

Ati : « Kwubaka si ikigoye. N’aho nobikenera ubu nyene nobikora. Ariko ndacafise ibibazo ntaratorera inyishu: abana twokwibaruka bofungura iki? Bokwambara iki? Boba hehe? Barwaye bovurwa gute? Ibikoresho vy’ishure bobikura hehe? … Igihe cose ntazoba ndashobora kwishura ivyo bibazo, sinzigera niyumvira kurongora.

Kwubaka bitandukanye n’ihiganwa ry’ugusiganwa. Ukuvyara si vyo bigira umuntu umuvyeyi, ahubwo ni ico abo amariye n’umuryango wiwe. Rero, “kwubaka si ukujandajanda » ; umugani wa wa muririmvyi.

 

Quitter la version mobile