Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Abana baba mw’ibarabara : iyindi nzira yobasubiza mu mihana iwabo

Mu bisagara bitandukanye vy’Uburundi, haracibonekeza abana mu mabarabara, basegerereza. Abo bana baza mu bisagara bavuye mu mitumba, eka no mu ntara za kure. Ko Reta yari yafashe ingingo yo kubakura mu mabarabara, kuki tukibona be n’abo bana ? Icokorwa.

Kw’igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2018, Reta yafashe ingingo y’uko ata mwana n’umwe yosubira kwiyerereza mw’ibarabara. Ico gihe abana bo mw’ibarabara baregeranijwe, bajanwa ku makomine no mu ntara baje bavamwo, ariko icibonekeje mu nyuma, ntibaragama. Baca bigarukira mu bisagara.

Mu kigo kijejwe iterambere ry’ingo, imiryango n’ikibano gikukira ubushikiranganji bwo gushigikirana no gufatana mu nda, baremeza ko ibitigiri vyagabanutse cane ugereranije no mu mwaka w’2018, imbere y’uko Reta ifata ingingo yo gukura abana mw’ibarabara co kimwe n’abasegerereza mu bisagara. Ariko, bavuga ko n’aho barungikwa mu miryango, baguma bagaruka.

Igitangaje, ni ukuntu abo bana bemera guheba imiryango yabo, bagatora kuza kuba mu buzima nk’ubwo, n’aho Reta ifata ingingo, ntihagire ico zihindura.

Ibituma  baja mw’ibarabara 

Bamwe muri bo bavuga ko kugaruka mu bisagara babitumwa n’ubukene, abandi bakavuga ko babitumwa n’ubupfuvyi: nk’uwubuze nyina, akaba arezwe na mukase, mu gihe amufashe nabi, ahitamwo kumuhunga, akigira mw’ibarabara. Marie Claire, umuvyeyi wo mu ntara ya Ngozi yahoze areze umwana yahora mw’ibarabara twaganiriye, yemeza ko iyo umwana afashwe nabi mu muryango, ahitamwo guhunga. 

Ruhezagira Stanislas, yanonosoye ibijanye n’imico n’imigenzo, avuga ko kugira abana bagume bagaruka mw’ibarabara ari uko mu miryango haba hari umubano mubi hagati y’abavyeyi, canke naho uwo mwana akaba ari impfuvyi irezwe na mukase. Aremeza kandi ko imibereho mibi y’abana ituma bata imiryango bagahitamwo kuyerera mu bisagara. Ikindi naco ni iyo umwana abuze urukundo rw’abavyeyi canke mu muryango hari ukutumvikana. 

Babitumwa kandi n’agakuku. Hari abana badafise ingorane z’ubuzima, babona bagenzi babo mw’ibarabara, bagaca babasangayo bibaza ngo ubuzima bwo mw’ibarabara ni bwiza. 

Impinga iracari ndende

Mw’ishirahamwe riharanira agateka k’abana OIDEB (Observatoire Ineza des Droits de l’Enfant au Burundi) mu ntara ya Ngozi, ryahora rigaburira abana bo mw’ibarabara kabiri mu ndwi, bavuga ko kuva Reta ifashe ingingo yo gukura abana mw’ibarabara baciye babuzwa gukora ico gikorwa. 

Ubu bakira abana baje babitura, baba bashaka gusubira iwabo, bagaheza bakabarungika iyo baje bava. Ariko, icibonekeza ni uko benshi mu bo basubiza iwabo baca bagaruka.

Stanislas akabona ko ibintu bitera vyunyuka, agasaba umwe n’uwundi gufasha mu kibano, kugira ngo ibituma abo bana baja mw’ibarabara bikosorwe, na rirya bayamaze ngo umwana si uwumwe ni uwo umuryango.

Icokorwa

Hambavu y’ibiriko birakorwa ku mpande zose, yaba Reta, abavyeyi n’amashirahamwe aharanira agateka k’abana, hogwizwa ibigo abana nk’abo bobanza kwegeranirizwamwo, kugira bigishwe indero runtu kandi rupfasoni, yobatuma bashobora kubana neza n’abandi mu gihe basubijwe mu miryango yabo. 

Ikindi cogira akamaro, ni uko Reta yohimiriza mu kibano, bakishingira inama y’umuryango izokwama ikorana buri gihe cose mu muryango kanaka hadutse icoshobora gutuma abana bajuragirika, ku rugero rw’uko boja kuba mw’ibarabara. Iyo nama kandi yoba ifise igikorwa co guhimiriza imiryango kwubahiriza agateka k’abana. 

Gufata ingingo ni kimwe, ariko,  gukomeza ubumwe no gufashanya mu miryango, kugarukira indero ya ha ziko hamwe no gushira imbere imigambi yo kurwanya ubukene mu miryango ni yo nzira irashe yokura abana mu mabarabara burundu.

 

Quitter la version mobile