Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ugukoresha abana bato: « Uwanka agakura abaga umutavu »

Igenekerezo rya 12 Ruheshi, uko umwaka utashe, isi yose irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya ibikorwa biruhije ku bana. Mu Burundi, abana barakoreshwa ukuri kwamye, ata n’icamira. Hano, ndababwira muri make uko vyifashe.

Muti mbega umuntu avuze ugukoresha abana bisigura iki? Nk’uko tubisoma ku rubuga rw’ubushikiranganji bw’ubutungane mu Burundi, ni ibikorwa ivy’ari vyo vyose vy’ukwiteza imbere bikozwe n’umwana atarakwiza imyaka 18, vyaba ibitanga agashahara canke bitagatanga, ibizwi n’amategeko canke bitazwi, mu mihana canke hanze yayo, igihe cose canke rimwe rimwe.

Kw’isi yose,  abana bangana imilioni 152 barakoreshwa  bene ivyo bikorwa. Ibice 58%; ni ukuvuga abana b’abahungu bangana imilioni 88 hamwe na 42% vy’abakobwa (imilioni 64); ivyo bikerekanwa n,ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abakozi (OIT mu mpunyapfunyo y’igifaransa).

Mu Burundi, icegeranyo cakozwe n’ikigo ISTEEBU gifadikanije n’ishirahamwe mpuzamakungu UNICEF mu mwaka w’2014, cerekana ko abana barenga 19031 barakoreshwa ibikorwa vyo mu nzu. Ico cegeranyo kikaba casanze 13 239 ari abahungu, abakobwa bakaba 5 792. Muri bose, ibice 46% bari musi y’imyaka 16, nayo 54% bari hagati ya 16 na 18. Abo bana rero, ahanini bava mu ntara nka zose z’igihugu, ariko abenshi bakava mu ntara za Kayanza,  Ngozi, Gitega, Karusi na Muyinga.

« Uwanka agakura abaga umutavu »

Nk’uko rwa rubuga rw’ubushikiranganji bw’ubutungane rubandanya rutanga umuco, amikoro make, intambara, ubukene bw’akazi, uruja n’uruza rw’abirukira kuba mu bisagara, igwirirana ry’abantu, ni zo mpamvu nyamukuru zituma abana bakoreshwa mu buryo butandukanye ; hatibagiwe rero n’igwirirana ry’abana baba mw’ibarabara.

Ku rundi ruhande, nk’uko urwo rubuga ruvyandika, imico kama y’ikirundi iraninahaza ibikorwa vy’abana. Kanatsinda, umuryango ufise abana benshi uboneka nk’uwuhiriwe ; ari naho umuvyeyi yibarutse bamukeza bagira bati : « uravyara twinshi umpe kamwe ko kumvomera utuzi. »

Mu bisagara bitandukanye bigize Uburundi rero, aha twovuga nka Bujumbura, Gitega, Ngozi n’ahandi, turabona abana bato cane batembereza amagi n’ibiyoba mu mabarabara abandi bagakoreshwa mu mihana canke mu mazu y,uburiro, n’ibindi, ata kuvangura abahungu n’abakobwa.

Amategeko si yo abuze

Uwokwihenda ni uwohava yibwira ati: «ko mbona abana bakoreshwa ata camira, birarekuwe n’amategeko »; ihibambe we!

Yaba amategeko mpuzamakungu, ibwirizwa shingiro ry’Uburundi (mu ngingo zaryo za 19, 30, 44 na 45) canke itegeko rigenga abakozi n’akazi, vyose birihanikiriza ugukoresha abana batarakwiza imyaka. Hano iwacu, itegeko rigenga ivy’akazi ritegekanya ko umwana atarakwiza imyaka 18 ata kazi aba akwiye gukoreshwa. Maze ivyo bigasigura ko umuntu wese, uruganda canke ikigo coba gikoresha be n’abo bana, kibikora giciye kubiri n’amategeko.

Sokuru ati : « izija guhona, zihera mu ruhongore»; uwundi ati: “ikibanza c’umwana kiri mw’ishure.” Nimba Abarundi twonezerwa mu gihe tubona kazoza k’abana kagujijwe n’udufaranga tw’intica ntikize, utwo bahembwa mu gihe bakoreshejwe ibikorwa vy’intaharurwa, kazoza k’igihugu cacu karabangamiwe.

 

Quitter la version mobile