Site icon LE JOURNAL.AFRICA

“Senge na Dawe b’isomero” : intambwe mu kurwanya amabi afatiye ku gitsina mu mashure

Mu ntumbero yo kumenyesha no kurwanya amabi afatiye ku gitsina, n’igwirirana ry’imbanyi zitipfujwe mu rwaruka, hasigaye hari “Senge na Dawe b’ishure”, abavyeyi bitirirwa ishure kugira ngo bafashe iyo miyabaga mu vyerekeye ayo mabi, umugambi wa FAWE Burundi. None abo bavyeyi bajejwe iki? Bazohindura iki?

Kuva kera na rindi, mu Burundi, umukobwa ageze mu buyabaga yaregera inasenge akamucira agace kamucira inzira. N’umuhungu yaregera se akamuyagira. Ivyo birumvikana cane kuko nk’uko ishirahamwe FAWE ribivuga, umuyabaga atoronse uwiwe akuze amumenyesha uko yokwifata mw’ihindagurika ry’umubiri wiwe, ntibimworohera.

Bagira bati: “Aho umwana atayagiwe na se canke inasenge, ico gihengeri cuzurizwa n’ibinyoma n’ugushikuza yumvana abo bangana”.

Ni muri iyo ntumbero nyene ku mashure amwe amwe yo mu Burundi bagenye abajejwe gufasha abana muri iyo nzira. Abahungu bitura “Dawe w’ishure” (Tonton mu gifaransa), nabo abakobwa bakayagira Senge w’ishure (Tantine mu gifaransa). 

Abo ari bo n’ico bajejwe

Abo bavyeyi batorwa mu bantu biboneka ko ari abigisha b’abavyeyi koko, bafise inyifato iteye igomwe. Kira noneho, n’abanyeshure barajamwo mu kugena umwigisha aja muri ico kibanza. 

Abo bavyeyi baba batowe baraheza bakaronswa inyigisho zerekeye gukinga no kurandurana n’imizi amabi afatiye ku gitsina mu mashure. Baranaronswa ibikoresho bigishirizako ibijanye n’iryo banga.

Igikorwa nyamukuru bajejwe ni ukuganiriza abo bana. Mu kubikora rero, uwo muvyeyi asanzwe ari n’umwigisha ategerezwa kumenya uko abigenza. Ubona ko ibijanye n’ubuzima ndorabitsina bisanzwe bifatwa nk’ibiterasoni mu Burundi, uwo muvyeyi ategerezwa kumenya uko avyifatamwo. 

Kugira ikiganiro kibe mw’ibanga horoherezwe bose, hashizweho aho baganirira hitwa “Tuganire mw’ibanga”, barazana mbere n’agasandugu umwe wese ashobora gushiramwo ivyo yanditse akenereye inyishu canke ivyo umunyeshure atokwubahuka gushikiriza amaso mu yandi.

Bije hageze

Nk’uko bivugwa n’ishirahamwe ry’abigisha b’abakenyezi muri Afirika (FAWE-Burundi), gufata ku nguvu n’ugusama hataragera birigaragaza cane mu banyeshure. Kenshi ugasanga ari abana bataranashikana imyaka 18. 

Twisunze ibitigiri bimwebimwe, iyo hataba guhirimiza amazi yari kurenga inkombe. Raba namwe! Kuva mu mwaka w’2009 gushika mu 2015, abana b’abigeme bahevye amashure kubera gutwara inda bashika ku 11. 800 nk’uko ishirahamwe FINUAP ribimenyesha. Bakaba babaye abavyeyi bakiri abana. 

N’ishavu n’akantu, muri FAWE bati: “Ivyo ntibigirwa n’ibisizimwe vyo mw’ishamba nka kumwe tuvyumva mu migani, ahubwo ni abantu bama hafi yabo bana, incuti zabo canke abarezi”.

Bitayeko, abana bashikiwe n’ayo mabi barasinzikara cane ku mutima, ugasanga bagize inyifato ibabaje. Hari aho usanga bigunga, bakumva bova kuri iyi si, bagaheba ishure canke bakagira agatimatare bagakara cane. 

Kubera ko rero abana bamara umwanya munini bari kw’ishure, na ryo rirahamagariwe kwita ku rutare kugira rizibire ico cose coza gihungabanya inyigisho. Ivyo biri mu vyatumye iyo ngorane bayivira hasi. Reta n’abayifata mu mugongo baragize amasekeza y’uko ata mbanyi yosubira gusamwa n’umunyeshure, mbere nk’urunani Menyumenyeshe, mu mashure rusanzwe rukoreramwo, rurahimiriza ishigwaho ry’abo bavyeyi ngirakamaro 

PS: Mushobora kuvyisomera hano.

 

Quitter la version mobile