Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ihohoterwa rishingiye ku gitsina: twese turabikora tutabizi

Iyo bavuze amabi afatiye ku gitsina, benshi twumva gufata ku nguvu n’ibindi bisa na vyo gusa. Ihibambewe! Si ivyo gusa. Hari n’ibindi vyinshi mbere dukora tutazi, bikozwe, aba ari guhohotera umukenyezi. Turabire hamwe muri make uko ishirahamwe mpuzamakungu riharanira iterambere ridakumira (ONU Femmes) ribisigura. 

Mu Burundi, abinonora imitsi tubumva mu mabarabara bagenda batera urukato ; abariko barakora ibikworwa biruhisha ari benshi na bo nyene bikaba uko. Igitangaje, ubumvirije, abo bose bavyina bihaya amabi bakora, canke bakoze afatiye ku gitsina, n’aho bataba bazi ico bariko baravuga. 

Ishirahamwe ONU Femmes rivuga ko umukenyezi umwe kuri batatu ahohoterwa ku buryo ubu canke buriya kw’isi, kandi ugasanga birisubiriza cane. Burya rero, amabi afatiye ku gitsina ni menshi cane ntawoyadondagura ngo ayamare. 

… si ugufata ku nguvu gusa

Abantu benshi bibaza ko ihohoterwa rishingiye ku gitsina ari umugabo agirira nabi umukenyezi ashizemwo inguvu. Ihibambewe! Ni izo ngendo zose zituma umukenyezi atisanzura, kandi adashobora kuronka amikoro. 

Mu ngo nyinshi harimwo n’iz’abize, usanga abakenyezi bavuga ngo “umugabo ambajije ndapfa kwemera n’aho mba merewe nabi”. Kuvyumvikanako ni ngombwa. Umugore atabishoboye akabivuga, nta kibi kirimwo. Bitagenze uko riba ari ihohoterwa ridasanzwe.

Uguhohotera birava kandi ku vyo abantu baba bemera kuko bakuze bibarimwo uko, bikaruha bikabinjiramwo gose.  Ibaze namwe rero ukuntu nk’umukobwa yatwajwe inda canke yafashwe ku nguvu aca aba igicibwa, nyene kubigira na we aneganega aho kunegurwa. 

Hari n’ibindi vyinshi bihohotera abakenyezi bitavuzwe ngaha.

Turwanye ako kabi!

Kurwanya bene ayo mabi biraba twese. Nta dini, nta mugambwe, nta bwoko, nta mutunzi canke umukene. Twese hamwe, dukwiye gufata iyambere mu gutabaza iyo amabi nk’ayo ashiste. 

Aho rero umwe wese abonye uwufashwe ku nguvu, yoca ashengeza uwubigize. Uwashengejwe ntasubira kuko aba apfunzwe; nyene kubigirirwa ntaba akibangamiwe. 

Kugira ngo ababigira canke ababakingira ikibaba bagabanuke, abana ngo bategerezwa kuja kw’ishure ku bwinshi. Aho bazohamenyera vyinshi, maze umuhungu agere mu bigero azi ikizira. Abirenzeko na ho ahanwe nk’uwarenze umuziro nyene. 

Ubonye abo vyashikiye, begere, ubaremeshe ubaganirize bumve ko agaciro kabo ataho karoye. Ntuhirahire ngo ubacire umukenke.

Uguhotera umukenyezi bifise imero nyinshi cane. Umukenyezi atatoranye, iyo ashingirwa ku wo adashaka, iyo abonye vyanse mu rugo akagomba kwahukana bakamwankira, canke ugasanga umugabo yamutereranye abana.

P.S.: Mushobora kuvyisomera aha, batubwira uburyo 16 bwo kurwanya amabi ashingiye ku gitsina.

Quitter la version mobile