Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Gufata ku nguvu uwo mwubakanye: birabaho kandi biragisibije

Mu vyaha biremereye vy’ihohoterwa rifatiye ku gitsina, hari ico dukunze kwiyobagiza canke nyene tutigera twibuka ko kibaho. Ico naco kibera mu miryango yacu, akaba ari ugufata ku nguvu uwo mwubakanye. Muti none ivyo bigenda bite? Bifise inkurikizi izihe? Insiguro. 

Iyo bavuze gufata ku nguvu uwo mwubakanye, biragoye gutahura. Womenga ico kintu nticobaho. Abantu benshi baramaze kuba mu buzima bibaza ko abantu bubakanye ata kindi baba bagiye gukora atari kurangura amabanga y’abubatse. Benshi rero bakibagira agateka gategerezwa kuranga ayo mabanga n’ibitegerezwa gutuma agenda neza. 

Mu bubakanye nyene, hari abibaza ko aho bashakiye kurangura amabanga y’abubatse ari uko nyene, bica biba. Ngo “none hari ikindi duhuriyeko? Sinamuzanye ngo amare imbeho, anezereze igihe cose? Ntitwasezeranye imbere y’Imana na Reta ko tuje kubana akaramata, dusangira akabisi n’agahiye?  Ubumwe bwacu bushingiye ku mabanga y’abubatse”; ivyo ni vyo benshi bibwira. 

Baribagira ko ubwitonzi, umwumvikano n’ukwubahana bitegerezwa kuranga ubwo buzima; ako kabi ko gufatana ku nguvu hagati y’abubakanye kakaba karadutse.

Muti bigenda bite rero?

Ico caha kiba mu gihe habaye ukurangura amabanga y’abubatse ku nguvu; ni ukuvuga iyo bikozwe umwe abishaka uwundi nawe atabishaka. Gutyo, uwo atabishaka akabura ukwo agira ngo abimwankire canke kuko nyene kuvyifuza  yamuteye ubwoba. 

Benshi bapfa kwemera ku mvo z’uko bashaka ko abo bubakanye batogumana iryo pfa, ariko ubwabo batabishaka. bakabikora ngo babanezereze, ariko nabo batabinezererewe. Uwundi we abonye yemeye akibaza ko basangiye umunezero naho atari vyo. Kenshi na kenshi ivyo bikunze gukorwa n’abagabo batwarwa n’akanyota, ugasanga basimbiye ku bakenyezi babo batanabateguje, batanababajije ko bavyiteguriye.

Ikibabaje, ababikora babibona nk’ibisanzwe. Abo ni bamwe bibaza ko kubabaza umugore mu gihe bariko bararangura ayo mabanga ari bwo bugabo. 

Inkurikizi 

Uwo bishikiye, arakomereka cane ku mutima.  Akababazwa no kubona uwo yakunze amuhemukiye kandi basangiye vyose. Agasigara amubonamwo igikoko, inyamaswa. Iyumvire namwe, ukubabazwa n’uwokunezereje, uwo wari kuganyira akaba ari we agutuntuza. Nta magorwa asumba ayo!

Ntawokwibagira ko urukundo ruca ruzimangana mu bitwa ko babanye akaramata, bakamara ubuzima bwabo bwose babaye mu marushwa, mu bibazo, ukwumvikana kwo kugacika umugani.

Abahinga mu vy’inyifato bakunda gahanura abo vyashikiye kutabigira ibanga: gushengeza ababibagiriye birafasha. Kanatsinda, ni icaha mu bindi. 

Mugabo n’aho biri uko, benshi ntibavyubahuka, womenga bariyararaje; ubigize mu kibano wocika agahabwa. Ni naho  havuye ya mvugo mu kirundi ngo : “niko zubakwa”. Uwabikorewe agakenyererako.

Ivyo ni vyo twari dukwiye kurengera, uwo vyashikiye akitwara, kuko ni uburengenzira bwiwe. Akegeranya ibirego, amatohoza agakorwa, mu nyuma akuzurizwa. Ikiba gikenewe kurusha ibindi ni ibimenyetso bigaragara vyemeza ko ico caha cabaye. 

PS: Murashobora gusoma vyinshi mu gifaransa hano.

 

Quitter la version mobile