Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Ubwo ni urukundo canke ni ugushuha gusa ? » : inyishu

Urukundo ruragoye gusigura. Rurimwo ibinyegezwa vyinshi ku buryo, umwe wese usanga akunda canke agakundwa ukwiwe. Nta muntu yovuga ngo bakunda uku canke kuriya. Igikuru ni ukumenya ko umuntu yakunze canke ahimbarwa n’ukubona umuntu ka naka, na vyo birashika. Eka mbere hari n’abo usanga bama baryamana mugabo ata kariro k’urukundo bafitaniye. None womenya gute ko wakunze canke wakunzwe koko ?

Urukundo ruratera ibigumbagumba mu mubiri, ukumva akariro ; nk’uko bigenda ku bijanye n’ugusharwa. Uko umuntu yiyumva mu vy’urukundo bivana n’imyaka aba agezeko, bikavana n’uwo mukundanye, kandi bikavana n’ico uwo muntu nyene ari. Aha rero, ni ukumenya itandukaniro riri hagati yo gukunda umuntu ukamwiyumvamwo no kumushuhira gusa. 

Umuntu wumvira akariro k’urukundo, ni harya kuva mu ntango y’ukugendana kwanyu ubona vyose iwe ari vyiza gusa, na kare ba sokuru barayamaze ngo : « amaso akunda, ntabona neza ».  

Iyo ugeze kuri iyo ntambwe, biravuna umutima, mu gihe uwo ushuhiye nawe atakwiyumvamwo. Birashobora kuba ari ibishobisho mu ntango, mugabo bukebuke, uko imisi igenda, bigatera bishinga imizi mu mutima ; ukumva anyuze umutima wawe. Aho rero, ca umenya ko umukunda.

Urukundo rurakura, uko imisi igenda. Kandi, uko bigendera umwe, si ko bigendera uwundi. Mugabo kenshi, usanga bitangura mu kwumvira akariro uwundi. Mu nyuma, hakaza ibisa n’indoto, ukarengerwa n’uko kuntu wiyumva. Mu nyuma rero, haraheza hakaza kwiyumvanamwo ; na vyo birakura, uko igihe kigenda. Biraheza bikamara imyaka n’iyindi, canke mugasaza mwikundanira, mutebura.

Ibimenyetso vy’urukundo biriho

Iyo ufise uwo ukunda, uguma umwiyumvira umusi wose. Ico ari cose canke ico akoze ubona ari ciza cane. Erega uwuri mu rukundo ntaho afatwa. Ashobora kwumva ko ari umuntu ahambaye, mugabo akongera ukumva afise ibibazo vyinshi mu mutima, asa n’uwihebuye. Usanga ari amayobera.

Ukibonye uwakunyuze, uja wumva umutima ngo kwa! Umengo ufashwe n’inyonko, ukagira ubushuhe. Hari n’abamererwa nabi mu nda, hari abaguma bamwenyura buri mwanya… Mu kuvuga ntumenya iyo uhera n’iyo uhereza, ugasanga ugomvye kuguma uvuga kugira ngo umuhimbare. Ivyo urwaruka rw’ubu rwita « kumwemeza ». Ivyo rero, ni ibimenyetso vyerekana ko ukunda umuntu koko. 

Abahinga baragerageje kuraba ibiba mu bwonko bw’umuntu iyo yakunze. Basanze umubiri w’umuntu hari inkabuzo zimwezimwe uca ukora ku bwinshi. Muri izo, hari iyo bita « ocytocine »; bakunze kuyita “inkabuzo y’urukundo.”

Amabanga y’abubatse canke imibonano mpuzabitsina ?

Hari abantu usanga bahereye aho bohereje, bagashaka guhereza aho botanguriye. Urashobora kubona umuntu ahuye n’uwundi rimwe, bagaca baryamana. Bwaca, umwe akihenda ngo arakunda uwundi. 

Mugabo, abahinga bavuga bati: « amabanga y’abubatse ni yo ntambwe ya nyuma abakundanye bashikako, mu ntumbero yo kugaragaza urukundo. » Aha rero, ni ugutandukanya imibonano mpuzabitsina n’amabanga y’abubatse. Vyitwa amabanga y’abubatse iyo ari hagati y’umugabo n’umugore bubakanye. 

Ikindi na co, ni ugutandukanya gukundana n’ukugira imibonano mpuzabitsina. Ababigira bose si ukuvuga ko baba bakundana. Haba na mba! Birashika, ugasanga ari ukwironderera akaryoheramubiri gusa. 

 

Quitter la version mobile