Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Amakuba y’uwahemukiye uwo bubakanye

Ingeso yo kurenga ibigo iragisibije mu miryango itari mike, yaba iyo mu gihugu iwacu canke hanze. Iyo rero, uwo yiziziye, naho yorara arinyegeza gute, biratinda bikaja ahabona. Kandi, iyo bimaze kumenyekana, uwabikoze aragira amakuba adasanzwe.

Ku bakundanye, iyo umwe muri bo afashe ingeso yo guhemukira uwundi, ntibiteba kuja ahabona. Kenshi na kenshi, yadukana utugeso atahorana nko kumara amasaha menshi ku kazi, canke ugasanga ntacitayeho uwo bubakanye, ntabe akimuha akanya ko kuganira. 

Hari aho usanga aguma yitaba amaterefone yihishije, mbere ukabona ko atagifise igisharara co guhuza ivyiyumviro na we, ku neza y’urugo. Ugize ngo uramubaza ivyo ari vyo, akagerageza kuvyiyobagiza.

Menya neza ko…

Uvanze uwo mwubakanye canke uwo mukundana, uba urenze ku masezerano muba mwarapfunditse mu rukundo rwanyu. Iyo wemeye kuja mu “rukundo” n’uwundi muntu, uba uhemukiye umukunzi wawe.

Ico kumenya neza, ni uko uguhemuka atari ukuryamana n’abandi gusa. N’iyo umuntu ayaze n’uwundi utujambo dusosa, tw’inkoramutima dushobora kuvyura ivyiyumviro vyotuma mushakana, na ho nyene uba uvanze uwo wabwirizwa kubibwira.

Ba sokuru bati: “Ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka”, kandi ngo “Uwubundabunda abonwa n’uwuhagaze”; uguhenda umukunzi wawe ntibiteba kwigaragaza. 

Ingaruka…

Iyo umwe mu bakundanye acamwo uwundi, canke akabona akariro k’urukundo karagabanutse, akumva muri we nta gaciro agifise, canke akabona umengo arasuzugurwa, birashobora gutuma uno yadukana ingeso mbi, akaja kurondera hanze ico yumva atakironka ku wiwe. Aho rero, kenshi ruba rugira rutangure kwaka. 

N’uwoba ashoboye kuguma abundabunda, umutima uguma umwagiririza, kubera ubwo buhemu. Umutima uramutonganya, agashira ku munzane ivyo yakoze araba ko vyari bihuriranye n’ayo abonye. Amaherezo rero, abubakanye barasambura, nabo abakundanye bagahebana.

Si ivy’imbeshere, iyo ubonye ko uwo mwubakanye canke uwo mu kundana aboshwe n’iyo ngeso, biravuna umutima. Ntimuba mucizigiraniye. Eka mbere, hari n’abaca biyanka bo nyene ubwabo. 

Ico wokora

Iyo bigushikiye, fata umwanya wo kwisubirako witonze, ubaze umutima, hanyuma ubwize ukuri uwo mwasezeranye; naho nyene bigoye. Mwari mwatandukanye musubirane. Ivyo na vyo ntibipfa kwaduka uko. Ubanza kumenya ko uwo wahemukiye bitakimukomerekeje, kandi yipfuza ko musubirana. 

Abaye abishaka naho nyene, utegerezwa kwishura ku tubazo dukurikira: vyogenda gute kugira ngo asubire akwizigire? Mbega weho none uzomwizigira? Urukundo rwanyu muzorubungabunga gute? 

Ivyo bibazo, murabona ko inyishu zavyo zitoroshe kuronka; mugabo, fata umwanya ukwiye ubizirikane, maze ufate ingingo ibereye wahanuje umutima, ukore ico ukubariye.

 

Quitter la version mobile