Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Akamaro k’ikiyago mu buzima bw’abubakanye

Ba sokuru bati : « Kubandwa ntibigoye nko kurigumya », no mu rugo ni uko nyene. Uwugeze mu bigero araresha, akarushinga ; bagasayangana ku musi w’ubugeni. Ariko kuvomerera ubwo bumwe bunze ni ntabanduka. Ivyo navyo ntakundi bikorwa atari kwisuzuma no gukomeza ikiyago ca buri musi ku buzima bwabo bw’amabanga y’abubatse. Muti gute?

Kuva bagitangura ubuzima bw’abubatse, abakundanye barakenera kuganira ibijanye n’amabanga y’abubatse, ubona ko ari wo mushinge w’urukundo nyarwo. Ico gikorwa, n’aho ari kirumara, nticorohera bose. 

Hari benshi bagera amajanja iyo bari buhere ico kiyago, bikabata ku w’amazi. Umwe wese akabihaga amatama, bikamuniga ariko ntabashe kubitobora ngo babisabikanye n’uwo bakundana.  Vyaba ibibazo canke impanuro, vyose akabigira ibanga.  

Ariko ivyo bari bakwiye kubirengera. N’aho hano tudafise inyishu zose, hano twagira tubasabikanirize ibintu abubakanye bokwisunga, bahereye ku kiyago. 

Kubera iki ntegerezwa kubivugana n’uwo twubakanye ?

Hari benshi biyorobeka ntibaganirire n’uwo bubakanye uko bipfuza ko vyogenda mu buriri, bagatinya bibaza ngo bohava bafatwa nk’ishirasoni. Ivyo bimenyerewe mu bakenyezi bamwe bamwe batubahuka kubwira abanega babo ko babashaka, ku gutinya gutakaza urupfasoni canke bikavyura umwikeko w’uko yoba yaryamanye n’abandi benshi. 

Ukwo ni ukwihenda cane kuko n’aho mwoba mukundanye urungana iki, uwo mwubakanye ntarota ibiri mu mutima wawe. Ntamenya akakubakiye, kiretse iyo mubivuganye.

Ico mwomenya ni uko iyo muriko muraganira nk’abahuje imitima nyene, umwe arubahura uwundi mukanganira ibijanye n’uko mwiyumva mu buriri. Ivyo bigatuma  n’uwo wundi ashobora kumuyagira ibijanye n’amabanga y’abubatse. 

Ikiyago kiragabanya guharurukana

Uko imyaka ihera abantu bubakanye, imibiri irahinduka, bikabaviramwo kuba batakigiriranira igishika nk’ico bahorana bakirushinga. Biragera n’aho batakigira akanyota k’ayo mabanga. Ivyo kenshi biterwa n’uguhora muri vyabindi nyene, bataganira ngo bahindure. Ivyo ni vyo baba bakwiye gutorera umuti. Kandi ntugoye na gato. 

N’aho hari abapfana isoni, nawe nu iyo haheze imyaka mwubakanye, kuvugana biroroha kurusha mu misi ya mbere. Abubakanye barakwiye kuvugana umwe wese ico akunda n’ico yanka, gutyo bakihorera mu busha.

Kurya ibifungurwa biryoshe utokwama ubifungura bitetse kuno nyene imisi yose, n’ahandi ni uko. Bwira uwundi uko wipfuza ko vyogenda kugira bigire akanovera kurusha. 

Umugabo canke umugore abonye adahimbawe mu buriri, ntakwiye guta uburake ku wo bubakanye, nyabuna yomubwira uko yipfuza ko vyogenda kugira ngo banezerwe.

Uko witwara mu nyifato no ku mubiri bifise uruhara runini

Mu gufata inzira yo kurushinga, umukobwa canke umuhungu arashobora kuba yashimye uwundi kubera ko atavyibushe canke atonze, afise isuku, yambara utujanye… bivana n’ico umwe wese ashima. 

Igikwiriye ni uko wogerageza kwibungabunga, ku buryo utaba igihushane ca kwa kundi yagushima umeze. Birakenerwa kunonora imitsi, vyiza mukanajana. Erega hari aho wumva wishisha ukabona ko n’uwo mwubakanye bimugwa nabi. Nayo iyo wumva wihimbaye, n’umunega wawe canke umutambukanyi wawe biramuhimbara.  

Hari abantu iyo bubatse baca biyibagira. Ugasanga bavyibushe cane, canke mbere bakambara nabi. Naho woba ufise duke, urashobora kutwifatamwo neza, agahuzu gasanzwe mugabo gasukuye ntaco gatwaye. Naho wokwisiga utuvuta twa make cane, mugabo ukaboneka ko usukuye. 

Hari n’ikindi mutari muzi! Burya abakundanye barakina bakaryoheranira. Uburyo ni bwinshi cane. Murashobora kwandikiranira utujambo tw’inkoramutima, kakaba n’akaryo ko kumubwira iryo ugona bikamugwa neza.  mukabwirana twose, n’udushasha mukwiye gushira mu kuntu murangura amabanga y’abubatse tukazirawo. 

Kubera ko urukundo ruvomererwa, iyo mwiriwe muhimbawe, hageze ko murangura ayo mabanga mw’ijoro bigenda neza cane, kuko muba mwavyiteguriye kuva kare.

 

Quitter la version mobile