Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Uko ikibanza c’Ikirundi cahindaguritse kuva 1962 kugeza 2020

Kuva igihugu c’Uburundi cikukira, ururimi rw’Ikirundi rufashwe nk’ururimi rw’igihugu. Ariko, hambavu y’urwo rurimi, turafise izindi ndimi zikoreshwa mu buzima bw’igihugu. None izo ndimi, ko zikoreshwa zose muri rusangi, zibanye zite ? Ikirundi gifise ikibanza ikihe uno musi ? Umwihwezo.

Mu 2016, naragerageje kugereranya uko ururimi rw’ikirundi ruzoba rumeze mu myaka iza, hano mu gisagara ca Bujumbura. Uno musi, ivyo navuga muri ico gisomwa ntibinyuranye cane n’ivyo mbona, kuko kuvuga uruvange rw’indimi biracari nk’ubuhizi kuri bamwe, ndetse bikaba nk’ubuhungiro ku bandi. 

Mu myaka umunani maze ntanguye kwihweza ubwiza bw’urwo rurimi n’ikoreshwa ryarwo, naratahuye ko urwo rurimi bishika rugakengerwa; kandi bigakorwa n’abari bakwiye kuruha ikibanza. 

Amahasa adasa

Ibwirizwa shingiro rya mbere ry’Uburundi, ryo ku wa 16 Gitugutu 1962, ryavuga ko ururimi rw’ikirundi n’urw’Igifaransa ari indimi z’igihugu. Iryaje ririsubirira naryo, ryo kuwa 16 Gitugutu 1981, ryaje ryaka ico kibanza ururimi rw’igifaransa, maze Ikirundi gisigara ari co conyene cemewe nk’ururimi rukoreshwa mu buzima bwose bw’igihugu. Mu nyandiko, vyagumye bityo, ariko mu buzima bw’igihugu, ururimi rw’Igifaransa ni rwo rwagumye rufata iya mbere. 

Ku wa 16 Gitugutu 1962, itegeko ry’Umwami nomero 01/96 ryarashizeho Ikigo nshingwakirundi, kitigeze gitera imbere. Mu 1973, igihe habaye inagurwa ry’igisata c’indero (ryiswe “Kirundisation”), ururimi rw’Ikirundi rwahawe ikibanza kinini cane. Ikirundi cari ururimi rw’inyigisho zose, naco igifaransa rukaba rumwe mu ndimi  zigishwa. Mu nyuma, uwo mugambi wagiye urasubira inyuma nk’ibirenge, ntiwigeze ushika ku ntego wari wagenewe. 

Kuva ico gihe, Ikirundi ni ururimi rw’igihugu mu nyandiko ariko mu buzima butandukanye bw’igihugu, igifaransa ni co gikora. Za ndimi umwami yari yabangabanganishije nk’amahasa, ziboneka ko zidafise ibibanza bingana mu vy’ukuri. Kugeza n’uno musi, amategeko aratorwa mu nama nshingamateka na nkenguzamateka ari mu rurimi rw’igifaransa, mu nyuma agahindurwa mu Kirundi. Ariko mu bisanzwe, icari kuba ciza ahubwo, yotowe ari mu Kirundi maze akaja guhindurwa mu zindi ndimi mu nyuma. 

Vyaheze gute ?

Mu mugambi wo gutunganya indimi mu Burundi wari ufashwe mu mugongo n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba imico n’akaranga kw’isi “Unesco”, wakozwe mu 2013, Reta y’Uburundi yategekanya ko ururimi rw’ikirundi rugarukirwa mu bisata vyose ; ic’imenyeshamakuru, ari naco gisanzwe giteza imbere canke kikica ururimi,  kidasizwe inyuma. Amahangiro menshi yarafashwe, ariko ishirwa mu ngiro ryayo ni ryo ritaragaragara. 

Mu mwaka w’2019, Reta y’Uburundi, ibicishije mu kigo CEBULAC vyari vyagize umugambi wo guteza imbere abanditsi bandika mu Kirundi. Ariko kugeza ubu, umwaka uraheze, ivyamwa vy’uwo mugambi ntibiragaragara. Kugeza uno musi, hari abakunzi b’urwo rurimi baja baritanga mu kuruteza imbere bukebuke, benshi bakaba bagizwe n’ibinyamakuru n’abanditsi batandukanye babikora ku giti cabo.

Igitangaje ni uko winjiye mu biro bitandukanye, n’aho igifaransa ari co gikoreshwa cane, ururimi usanga ruriko ruravugwa ari Ikirundi. 

Kavukire ni agaheta

Mu bindi bihugu, iyo ururimi kavukire rufashwe nk’ururimi rw’igihugu, ruca rufata ikibanza kidasanzwe. Izindi ziza zikurikira, kuko ururimi abavukagihugu bose baba bumva urwo nyene, rukabahuza. Ndibuka muri Kigarama mu mwaka uheze, nari nagiye mw’isabukuru mu gihugu ca Tiniziya. Mu kwugurura ibikorwa vy’iryo sabukuru, eka mbere no mu kubisozera, bakoresheje ururimi kavukire rwabo. 

Burya no mu gihugu cacu, ururimi kavukire ni agaheta. Muti gute ? Kuba amajambo y’abubahwa; nk’iry’umukuru w’Igihugu ashikirizwa mu rurumi rw’Ikirundi, ni ikintu gikomeye cane. Vyerekana ko ururimi rw’Ikirundi rufise ikibanza kidasanzwe, kandi igihe cose igihugu cobishiramwo inguvu n’ugushaka, urwo rurimi rwonagurwa bikwiye. Ururimi ni agakoni gakomezwa no kwishimikizwa; ese twovyumva kumwe twese ! 

Biragaragara ko Ikirundi kidafise ikibanza cari gikwiriye mu buzima bw’Abarundi. Ariko umuntu avyihweje, inzira zo kugiha ikibanza kibereye zari zigaragara, kandi ico cari igikorwa coroshe cane; na rirya urwo rurimi rusanzwe rukoreshwa n’abantu bababa ibice 98% vy’Abarundi, tutibagiye n’Abanyarwanda, Abatanzaniya n’Abanyekongo barwumva.

 

Quitter la version mobile