Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ikirundi si ururimi rukenye: habe na mba!

Hari abavuga ko ururimi rw’ikirundi rukenye ugereranije n’izindi ndimi zikoreshwa mu nyigisho n’ibindi bikorwa vy’igihugu nk’igifaransa n’icongereza. Ariko hari ibintu vyinshi bigaragaza ko ivyo atariko biri.

Igihe hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe igitabu mu Burundi, abari bashitse aho uwo musi wahimbarijwe bararonse akaryo ko gukurikirana ibiganiro vyatunganijwe, na canecane icari gihariwe amayagwa yanditswe mu Kirundi kuva Abarundi bamenye kwandika. 

Umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi Dr Denis Bukuru, umwe mu batumire muri ivyo birori, akaba ari nawe yaremesheje ico kiganiro, yarajijuye abari bahari ko ikirundi atari ururimi rukene, nk’uko benshi babivuga canke bavyibaza. 

Ikirundi n’Ubumenyi

Uwo muhinga yemeza ko ururimi rw’Ikirundi rushobora gukoreshwa mu kwigisha ivyigwa vy’ubumenyi abandi bakoresha mu ndimi zabo. Ashize amanga, yemeza ati:

Erega hari n’amajambo amwe muri ayo y’ubumenyi n’ubuhinga Abarundi bakoresha batabizi. Akarorero ni nko mu vyigwa vy’ibiharuro, aho biga umuzingi (cercle mu rurimi rw’igifaransa). Ijambo ry’ikirundi risubirira ijambo “rayon” ni “inda”; irisubirira “Diametre” naryo ni “Indesho”. » 

Uwo muhinga avuga ko aho ari ho hava ijambo rikunda gukoreshwa mu Kirundi ngo “n’inda n’indesho”; bisigura mu rurimi rw’igifaransa “considérant le rayon du cercle et son diamètre”.

Irindi ryatangaje abari bahari ni ijambo  amagenge. Bose bari bazi izina Ndikumagenge ariko ntibari bazi insiguro yaryo. Kubwa Bukuru, ijambo amagenge risigura “tangente” mu gifaransa. Iryo zina rero Ndikumagenge  risigura mu gifaransa  « je suis à la tangente ».

Ikirundi n’Ubuhinga

No mu vyigwa vy’ubuhinga, ikirundi kirafise amajambo akwiye. Akarorero ni ijambo Ikigendajuru. Uwo muhinga atangazwa n’ukuntu mu Burundi,  ata hinguriro ry’ibigendajuru riharangwa, ntihabe hari n’ikigendajuru kiharangwa, ariko iryo jambo rikaba rikoreshwa mu Kirundi. Vy’ukuri ivyo birerekana ko ururimi rw’Ikirundi rufise  amajambo y’ubuhinga butarihoxx mu Burundi.

Tugiye no mu vy’ibirere, isabagi ni ijambo Abarundi batoye kugira bavuge umugwi w’inyenyeri zikoraniye mu kirere mu gifaransa bita « galaxie ».

 Ikibabaje…

Mu misi ya none, abantu basa n’abacitse abanebwe, kuko ntibacoroherwa no gutora amajambo y’ibintu bishasha bigezweho, bigatuma ururimi rutera rukena kubera Abarundi bakenye ubwira bwo kuruvomerera. Abo ni bo bagaruka kuvuga ko ururimi rwacu rukenye.

Bitayeko, Ikirundi kirakora mu buzima bw’igihugu muri rusangi, mu masengero, mu binyamakuru no mu maradiyo. Ariko mu nyigisho ruracafise ikibanza gito cane; iyo ikaba imwe mu mvo zihambaye zituma rusubira inyuma.

 

Quitter la version mobile