Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Burundi : twohomba iki hamwe ururimi rwacu rwozimangana ?

Isi irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe indimi kavukire, kuwa 21 Ruhuhuma.  Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko mwe n’izo ndimi ziguma zizimangana uko umwaka utashe. Mbega Abarundi bohomba iki Ikirundi coja muri uwo mugwi ? Hokorwa iki kugira ngo urwo rurimi ntiruduce mu myanya y’intoke ? Umwigisha wa Kaminuza, mu gisata c’indimi n’imico nyafirika, Dr Pascal Tuyubahe aratuyagira.

« Ibice mirongo ine na bitatu (43%) vy’indimi ibihumbi bitandatu zivugwa kw’isi biri mu nzira y’ukuzimangana » ; bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho indero kw’isi UNESCO. « Uko indwi zibiri zitashe, ururimi ruba rugiye ubutakigaruka. Aho rero, rukagenda rwikoreye imico ndangakaranga na ndorabwenge  y’abaruvuga » ;  ishirahamwe mpuzamakungu ONU ni ko rivuga.

Ikirundi kiracahagaze, yamara…

Niko, Ikirundi  ntikiri mu mugwi w’indimi zishobora kugenda akagirire, kuko ari ururimi ruvugwa kandi rugahurirwako n’umugwi munini w’abantu ; Abarundi bose. Ikindi naco, ni uko rwigishwa mu mashure, yaba mato, ayisumbuye, eka mbere na za kaminuza. Ariko, ntitwibagire ko hambavu yarwo hari izindi ndimi, kandi zigishwa mu mashure, ndetse no ku rugero runini. 

Mu gihe rero Abarundi benerwo batorwijukira, bakishinga cane izo zindi ndimi mvamahanga, naho vyoca kure, bokwisanga Ikirundi kiri muri wa mugwi w’indimi ziri mu kuzimangana. Aho rero, Abarundi bohahombera cane.

Twohomba iki ? 

Yaba imico igenga igihugu canke umugwi w’abantu kanaka, yerekanwa biciye mu rurimi kavukire. Nko mu mibano, ururimi rw’Ikirundi rutagihari, ntitwosubira kuronka ingene tugaragaza ya mico ituranga.  Ibaze rero ibihe bitari bike vyungirwamwo ubumwe bwacu biciye mu kiyago c’ikirundi ; nko gushinga umuryango, kumara imanza, imisi mikuru y’igihugu nk’uwo kwikukira, n’ibindi ; ivyo vyose vyoba bitakaje akanovera, bigahera nk’ifu y’imijira. 

Mbe nyene, bisa gute indero ndundi iriko itangwa mu rurimi mvamahanga ? Ubwo ho yoba icitwa ndundi ? Wosanga rero umwana akuze atazi ikintu na kimwe cerekeye imigenzo n’imico y’Abarundi, kuko nyene ataba yavyize mu Kirundi, gutyo n’akarangamutima k’igihugu kakaba karagiriyemwo.

Mu bijanye n’ubutunzi, imbere ya vyose ni abanyagihugu nyene. Ibaze rero: mbega ururimi abaguzi n’abaranguzi bakoresha mu kugura no kugurisha kw’isoko ni uruhe ? Ikirundi. Iyumvire ingene vyogenda mu gihe urwo rurimi rwoba rutagihari ; ubona ko igitigiri c’abantu bize, bazi kuvuga neza indimi mvamahanga atari nabo benshi cane.

Ntirikagwe !

Yamara nyene, izimangana ry’ururimi rwacu ryaratanguye. Indero ya ha ziko nta yikibazwa mu Burundi ; yasubiriwe na za mboneshakure, imbuga ngurukanabumenyi, n’ibindi. Ibihe n’ibibanza vyo kwigishirizwamwo imico n’imigenzo ndangakaranga ndundi bisa nk’uko ata bihari ; n’ibihari nta gaciro bigihabwa. Turabe neza !

Nayo abatunganya intonde z’ivyigwa bokwongereza umwanya urwo rurimi rwigwa mu mashure. Hariho abanyeshure bavuga ngo « tuzorujana hehe ? » Ariko bahamagariwe kurwitaho. Abantu hagera uburuhuko bw’amashure, bagaca bajana abana babo kwiga za ndimi mvamahanga ; barakwiye guhindura ingendo.  Ni naco gituma usanga bariko baravuga ngo « ikirundi kiragoye »; kandi ari ururimi kavukire. None bakimenye ata mwanya bagihaye ?

Hama kandi, harigeze kuvugangwa ishirwaho ry’urwego nshingwakirundi ; vyahereye he ? Urwo ni rwo rwokwerekana amajambo akwiye gukoreshwa,  rugashinga ingene azoza arandikwa, uburyo ibisata bikwiye kwigishamwo, rugashinga icohinduka n’icokwongerwako, n’ibindi.

 

Quitter la version mobile