Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ikirundi mw’imenyeshamakuru : hariyo ba “Rwicakokize”

Uku kwezi tugira turangize, kwaranzwe no gusubira kuzirikana ku rurimi rw’Ikirundi. Twaraciye ku mayange ibirubangamiye, icokorwa kugira rutere imbere, n’abokora kugira ruhabwe ikibanza kirubereye. Ariko, ivyo vyose kugira bishoboke, hari igisata gikwiye kubigiramwo uruhara rudasanzwe : imenyeshamakuru. Uno musi, ico gisata ntikiriko kirakora uko bikwiriye mu kwubahiriza ururimi rw’Ikirundi.  Akamo. 

Ntababesha, ndamaramara iyo ndiko ndumviriza ibiganiro bimwebimwe bica kuri zimwe mu  nsamirizi zikorera hano iwacu. Ukumva umumenyeshamakuru ariko araremesha ikiganiro, avuga avanga indimi, akava mu Kirundi, akaja mu Gifaransa, akaja mu Giswahili ; ubu ho data ibiharawe, basigaye bavanga n’Icongereza! Ukibaza uti ico kiganiro kiri mu rurimi uruhe? 

Ikimbabaza, ni uko ururimi bakunda guhohotera ari  Ikirundi. Iyo ari ibiganiro biri mu zindi ndimi, ntibakunze kuvangatiranya ; n’amazina y’Ikirundi barayahindura bakayavuga nk’Abafaransa, nk’Abongereza canke abandi batazi n’ico asigura. Nkibaza nti kubera iki bahohotera Ikirundi kandi ari bo bari bakwiye kugiteza imbere? 

Akarangamutima!

Igikorwa c’insamirizi ( n’ibinyamakuru muri rusangi) ni ukumenyesha, ukwigisha, n’ugufasha abantu kwidagadura. Ivyo, abakozi b’izo nsamirizi bakabikora bisunze akarangamutima kazo n’amategeko agenga umwuga wabo. Ariko, hari abo bishika ivyo bakabirengako!

Uno musi, abo bamenyeshamakuru bahohotera ururimi rwabo, boba bazi ko bariko bararengera amategeko atunganya ikoreshwa ry’indimi mu Burundi? Kwigisha abantu, kubamenyesha no kubafasha kwidagadura birashoboka cane, hubahirijwe ururimi. Kandi bose, babishizemwo ugushaka, bobishobora. 

Turakwiye gutandukanya imvugo tuvuga mu buzima busanzwe twiherereye kumwe n’abagenzi, n’imvugo ivugirwa ahisoneye, ahantu uba uriko urakurikiranwa n’Abarundi imiriyoni n’imiriyoni. 

Amaradiyo na canecane

Ibinyamakuru vyandikwa, kumbure vyo biritonderwa iyo bishitse bikandikwa mu Kirundi; n’aho nyene ata mwonga ubura isato. Ariko, ahagoye cane, ni mu maradiyo. Ikivugiwe ku maradiyo kiranyaruka cane gushikira abantu kandi ntigiteba kubahindura. 

Amaradiyo n’imboneshakure vyanditswe mu kigo kigenzura ibinyamakuru bigeze kuri 44, uyu musi. Muri vyose, hagiyemwo agahaze mu biganiro vyabo, n’aho hoba ari ku maradiyo abiri gusa, nta nkeka ko n’abariko barakora neza bica bibononera. Hamwe naho bopfundika gukora neza bose, nta nkeka ko ibintu vyogenda neza kuruta n’uko twovyibaza.

Twikebuke!

Kumenyesha amakuru ni igikorwa gihambaye cane. Ni umwuga mweranda, kuko ufasha abantu guhinduka. Iyo ukozwe neza, uhindura abantu neza. Hamwe ibimenyeshamakuru bikorera mu Burundi vyokwiha intumbero yo guteza imbere ururimi rw’ikirundi, mu kiringo gito cane, twoba twabonye ihinduka.

Igisata kijejwe kugenzura uko ibimenyeshamakuru bikora, cari gikwiye gushira mu vyo kigenzura ikoreshwa ry’ururimi rwacu, rwo shusho y’Uburundi, iragi twarazwe n’abatwibarutse. Kigaha gasopo abakoresha nabi ururimi, kuko n’amategeko avuga ko kumenya ikirundi ari kimwe mu bisabwa kugira ukorere ikinyamakuru co mu Burundi. 

Ikindi cogira akamaro cane, ni uko ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru bwoja buratunganya inyigisho zo kunagura ubumenyi mu rurimi rw’Ikirundi, nka kurya bahora babigira ku bijanye n’ubuhinga bwo kumenyesha amakuru. Abo mu bushikiranganji bw’imico nabo, bari bakwiye gushiraho agashimwe k’umumenyeshamakuru canke ikinyamakuru citwaye neza mu guha agateka ururimi rw’Ikirundi, kandi bariho. Ibi vyotuma n’abandi bagira ingoga zo kuruteza imbere.

 

Quitter la version mobile