LE JOURNAL.AFRICA
SOCIETE

Ikirundi mw’imenyeshamakuru : hariyo ba “Rwicakokize”

Uku kwezi tugira turangize, kwaranzwe no gusubira kuzirikana ku rurimi rw’Ikirundi. Twaraciye ku mayange ibirubangamiye, icokorwa kugira rutere imbere, n’abokora kugira ruhabwe ikibanza kirubereye. Ariko, ivyo vyose kugira bishoboke, hari igisata gikwiye kubigiramwo uruhara rudasanzwe : imenyeshamakuru. Uno musi, ico gisata ntikiriko kirakora uko bikwiriye mu kwubahiriza ururimi rw’Ikirundi.  Akamo. 

Ntababesha, ndamaramara iyo ndiko ndumviriza ibiganiro bimwebimwe bica kuri zimwe mu  nsamirizi zikorera hano iwacu. Ukumva umumenyeshamakuru ariko araremesha ikiganiro, avuga avanga indimi, akava mu Kirundi, akaja mu Gifaransa, akaja mu Giswahili ; ubu ho data ibiharawe, basigaye bavanga n’Icongereza! Ukibaza uti ico kiganiro kiri mu rurimi uruhe? 

Ikimbabaza, ni uko ururimi bakunda guhohotera ari  Ikirundi. Iyo ari ibiganiro biri mu zindi ndimi, ntibakunze kuvangatiranya ; n’amazina y’Ikirundi barayahindura bakayavuga nk’Abafaransa, nk’Abongereza canke abandi batazi n’ico asigura. Nkibaza nti kubera iki bahohotera Ikirundi kandi ari bo bari bakwiye kugiteza imbere? 

Akarangamutima!

Igikorwa c’insamirizi ( n’ibinyamakuru muri rusangi) ni ukumenyesha, ukwigisha, n’ugufasha abantu kwidagadura. Ivyo, abakozi b’izo nsamirizi bakabikora bisunze akarangamutima kazo n’amategeko agenga umwuga wabo. Ariko,...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

« Abatowneri » Vs « Abamanuka » : une guéguerre sans fondement

YAGA BURUNDI

#SoutenonsNosHirondelles : oui, mais pas seulement

YAGA BURUNDI

La LUCHA dénonce la double taxation des opérations par : M-Pesa RDC, Orange Money et Airtel money

POLITICO CD
Verified by MonsterInsights