Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ibintu bitanu vyererekana ko Abarundi badakunda ikirundi

Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ryemera ikirundi nk’ururimi kavukire rumwe rudende rwa nege. Ariko, indimi mvamahanga ziriko zituma urwo rurimi    rwibagiranwa. Ng’ibi ibintu bitanu vyerekana ko Abarundi tudakunda ururimi rwacu.

Ivyapa vyo  mu bibanza rusangi  

Uriko uragenda mu mihingo itandukanye y’igisagara ca Bujumbura, ubona nyinshi mu nzandiko ziranga inyubakwa  rusangi, iza reta, iz’abikorera utwabo, amashengero,… zanditswe mu gifaransa canke mu congereza. Aho rero, ibice 97% vy’Abarundi  baravuga ikirundi. None izo nzandiko ziba zigenewe bande?  Kuki hatoshigwa imbere ururimi rworohera benshi?

Nk’akarorero, umutama yize yaga mukama, yumvise  itangazo mw’iradiyo ati: “ku  bitaro kanaka, haje abahinga bavura amaso ku buntu”, ashitse i Bujumbura, azohatora gute, ko mu bwinjiriro bw’ivyo bitaro handitse igifaransa? Muca muvuga ngo “azobaza abahazi”? Kubera iki none?

Ikibanza c’ikirundi mu nteguro z’ivyigwa mu mashure

Mu myaka  y’1973, hariho umugambi  w’ukwigisha mu kirundi gusa mu mashure mato mato. Yamara kuva mu 1992, hatangujwe ivyo ukwigisha izindi ndimi. Uko  zigwirirana mu mashure, ni ko ikibanza c’ikirundi gitakara. Mu bisata nka vyose vyo mu mashure yisumbuye, kiretse ko ivyigwa bitangwa mu gifaransa, ikirundi gifise  amasaha make; ugereranije n’ibindi vyigwa. 

Muri kaminuza ho,  uwutagiye mu gisata c’indimi,  ntaho basubira guhurira n’ikirundi. Abize muri ivyo bisata vy’indimi baraduhishutse ko indimburo y’ikirundi bayiga mu gifaransa. 

Burundi bw’ejo butazi ikirundi

Mu miryango  imwe imwe yifise, mu bisagara,  ukutamenya ururimi kavukire bifatwa  nk’ubusirimu. Umwana ashirwa  ku mashure yigisha mu gifaransa gusa canke mu congereza, yataha akaganirizwa muri izo ndimi nyene; inakuru yava ruguru ntashobore kuyaga n’umwuzukuru kubera badahuje ururimi, kandi bose ari Abarundi baba mu Burundi. 

“Indero iva hasi”; Abo bavyeyi bari bakwiye kumaramazwa n’uko abo bibarutse bitwa Abarundi batazi ikirundi. Birakwiye ko umwana amenya izindi ndimi ariko hatirengangijwe urwo igihugu c’amavukiro.

Amategeko atugenga tudatahura

Integuro, itorwa n’ihinyanyurwa ry’amategeko riba mu gifaransa.  Iyo bibaye ngombwa, bivanye n’imigambi ya reta, amwe muri ayo mategeko arahindurwa mu Kirundi. 

None ko atawiregura muri sentare  ngo “sinari nzi ko iryo tegeko rinyagiriza ribaho’’, ubwo mu kwandika ayo mategeko mu ndimi z’abanyamahanga, ababijejwe boba biyumvira ku munyagihugu azogengwa n’ivyo adatahura ?

Imigambi itava mu nyandiko

Mu 2007 reta yarashizeho umugambi w’inyigisho z’ugukunda igihugu. Uwo mugambi ushimikiye kw’ishingwa ry’urwego rujejwe gukingira n’uguteza imbere ikirundi, itororokanywa ry’ivyanditswe mu kirundi hamwe n’ugushinga kazinduzi y’ikirundi, naho tumwe tumwe muri utwo twigoro twakozwe.

Nayo, Ntahonkiriye Melchior, umwigisha muri Kaminuza, ati: “ Nta bifadika bidushira mu ngiro birakorwa.  Inyuma y’imyaka 12 uwo mugambi ugiyeho, harageze ko uva mu nyandiko  ukaja mu ngiro.”

 

Quitter la version mobile