Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#Coronavirus: ibihuha vyagwiriye, dufate iki tureke iki ?

Kuva ikiza Coronavirus cadutse mu gihugu c’Ubushinwa, mu mpera z’umwaka w’2019, ibihuha vyakwiye hose. Mu mabarabara, ku mbuga ngurukanabumenyi, eka no mu biyago bitandukanye, umwe wese yivugira iryo ashatse. Uno musi hoho, abarenga 30 bamaze gushikanwa muri ca kibanza categurirwa kwakira ingenzi zivuye mu bihugu bivugwamwo ico kiza, abantu bakwiragiza ibihuha bitandukanye. None ukuri kuri uwo mugera ni ukuhe ? Ibihuha vyo ni ibihe ? Tubirabire hamwe. 

Imbere ya vyose, tubanze dutahure iyo ndwara ico ari co. Ni indwara yandukira, iterwa n’umugera SRAS-CoV-2, uri mu muryango w’imigera yo mu bwoko bwa Corona; iyo migera ikunze gusangwa mu bikoko nk’uduhungarema. Iyari imaze kugaragara ikaba igera kuri itandatu, harimwo MERS na SRAS yahitanye abantu bababa 800 mu mwaka y’2003. Ku bimenyetso, iyo ndwara ifitaniye isano n’akamangu canke agahiri. 

Umugera Covid-19 ni mushasha uheruka kuvuka muri uwo muryango w’iyo migera.  N’ubwo bitaremezwa neza, woba waturutse ku gakoko kitwa Pangolin kaba mu gihugu c’Ubushinwa.

Ibindi vyo kumenya kuri iyo ndwara

Turashobora kuyikingira. Dukurikije amategeko y’isuku, nta nkeka ko dushobora kuyikingira. Aho, twovuga nko kwama twitwararitse gukaraba intoke kenshi gashoboka n’amazi arimwo umuti (gel hydro-alcoolique) canke n’isabune; hama umuntu akamara n’imiburiburi ikiringo c’imisegonda 20 ariko ariko arinyukura. Kuja kure y’uwurwaye, n’imiburiburi ku nkikura y’imetero 2.

Ntiteye ubwoba gushikiriza Ebola, n’aho ubu ibinyamakuru n’amaradiyo vyose biguma bivuga iyo ndwara. Ku bw’ishirahamwe OMS, ibice 70% vy’abarwaye iyo ndwara mu gihugu c’Ubushinwa barakize. Ivyo bikagaragaza ko iyo ndwara ishobora gukira, uwo ifashe wese adaca apfa mu gihe avuwe neza.

Ibangamira canecane abantu basanganywe amagara make, bagendana izindi ndwara zibagabaniriza inkomezi z’abasoda b’umubiri

Ibinyoma n’ibihuha kuri ico kiza 

Iyo hateye ikiza, abantu baroroherwa no gutanga inkuru z’ibinyoma n’ibihuha. Mu misi iheze, muribuka ukuntu hatembereye ibihuha bikozwe ku mbuga ngurukanabumenyi, aho bafashe ibiranga ibinyamakuru n’imbuga zizewe, babirementaniriza ngo vyavuze ko mu Burundi hagaragaye uwurwaye iyo ndwara. Ivyo binyoma vyarabeshujwe, ariko n’ubu haracari ibintu bitari vyo bivugwa kuri ico kiza, harimwo ibi bikurikira:

1. Abirabure ntibarwara Coronavirus 

Ibihuha bisangiwe na benshi  muri Afirika, ni uko abantu bafise urukoba rwirabura boba bafise umubiri udafatwa n’uwo mugera. Inyuma y’umunyeshure aturuka mu gihugu ca Cameroun yayikize ativuje, bose bagumye badumisha ko yakize kubera ari umwirabure. 

Ivyo si vyo na gato, yakize kubera yagiye ku miti agakurikiranwa neza, inyuma y’imisi 13 abona gukira.  Twirinde ya mvugo ngo “umucafu ntiwica Umurundi”, nyabuna twihutire kwitura abaganga mu gihe twiketse ikimenyetso ico ari co cose. 

2. Ubuvuzi kama bwoba bukiza iyo ndwara 

Kugeza uno musi, nta muti n’umwe uyivura uhari. Nta n’urukingo. Abashakashatsi baracariko bararondera umuti, navyo birasaba umwanya utari muto. Iyo ndwara ni ho icaduka. Hari ibihuha bivuga ngo kurya igitunguru sumu canke kunywa ibinyobwa  ibi canke biriya birayivura, ariko si vyo na gato. 

Hari imiti yo gupfupfahaza isanzwe ikoreshwa ku zindi ndwara, harimwo n’imiti kama isanzwe ikoreshwa mu buvuzi mu bihugu vy’Ubushinwa, ariko nta n’umwe uremezwa ko uyivura ijana kw’ijana. Abantu rero bokwiyubara. Mu gihugu ca Irani, biravugwa ko hari abantu 27 bitavye Imana banyoye inzoga yapfuye babwiwe ko ivura. 

3. Igisabisho coba gikiza coronavirus ?

Si vyo na gato. Abantu benshi, na canecane abemera, barihebera amasengesho bakibagira kuja kwa muganga, kandi ari yo nzira ikiza. N’igitabu ceranda kiravuga ko ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye. Gusenga rero ntibubuze abantu gufata umuti, atari uko, nta kabuza barapfa.

4. Uwufashwe wese ategerezwa gupfa ? 

Habe na mba! N’ikimenyamenya, uwo mugera Covid-19 wica hagati y’ibice 3-4 kw’ijana nk’uko bivugwa n’ababitohoje.  Bisigura ko ku bantu 100 bafashwe, abantu bari hagati ya 3 na 4 ni bo bapfa. 

Uwihutiye kuja kwa muganga, arafise amahigwe menshi yo gukira. 

5. Kwipfunga igitambara ku munwa vyoba bikinga ijana kw’ijana ?

Ibitambara ntibikinga iyo ndwara. Kubitemberana umwanya wose utarwaye, nta kintu na kimwe bifasha. Ahubwo uwuba agakeneye ni uwurwaye, kugira akingire abandi. 

Uno musi, ibihugu bitandukanye bibandanya bifata ingingo zitandukanye kugira barabe ko ico kiza kitobandanya gikwiragira. Nk’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, igihugu kigeze ku barwayi 1200 bafashwe n’ico kiza, caraye gifashe ingingo yo guhagarika ingendo z’abava canke abaja mu bihugu vya Buraya, mu kiringo c’imisi 30.  

 

Quitter la version mobile