Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Amatora y’2020: urwaruka rwokwerekana ubudasa?

Mu mwaka buca dutangura, Uburundi buzokwinjira mu gihe c’amatora. Igihe gisigaye ni kigufi; ibihuha n’inkuru zitabereye ugutwi biza vyatanguye gukwizwa irya n’ino. Uko mbona kimwe kimwe cose, bigwiza iciyumviro mfitiye urwaruka rw’Uburundi, kubw’aya matora yimirije.  

Mu cegeranyo c’ishirahamwe OAG, ku rupapuro rwa 30 n’urwa 31 hati: « mu mwaka w’2010, urwaruka rwaratanye mu mitwe akatari gake, ku mvo zo kwihorahorana…» Na hirya y’ejo mu mwaka w’2015, ntawokwibagira intureka zabaye, aho benshi bahasize ubuzima, abandi bagakomereka, tutibagiye n’abahunze kugeza n’uno musi batarahunguka. Ndakebwa ko bizohava bisubira.

Ngo «twarize kuguruka mu kirere nk’inyoni, kwoga mu biyaga nk’ifi, ariko ntituramenya kubana kw’isi nk’abavukanyi »; vyavuzwe na Martin Luther King.

Nta mezi ashika abiri asigaye ngo twibjire mu 2020. Haza hamaze kugaragara ukutihanganiranira mu vya politike, hagati y’urwaruka ruri mu mugambwe uri ku butegetsi n’iyindi migambwe, dufatiye kw’itangazo ry’ishirahamwe Ligue Iteka, kuwa 16 nyakanga uyu mwaka. Ivyo biragaragarira kandi mw’itangazo ryasomewe abakirisu bo mu gihugu cose, muri nyakanga uyu mwaka. 

Igihe cose ivyo bibaye, ababa bari imbere ni urwaruka. Ni narwo biheza bigahitana canecane. Ko none twimirije ayandi matora, ubwo urwaruka rurafise ukundi ruzokwigenza, bitandukanye n’ivyo? 

Tuje inama

Urwaruka, ni twebwe nkingi y’umutekano n’amahoro. Uko twigenza uno musi, ni vyo bigaragaza ejo hacu. Ico dutegerezwa gufata nkama, ni uko ibihe vy’amatora ari ibihe nk’ibindi ; biraza hama bikarengana, ubuzima bukabandanya. Twibuke ko « vyoroshe kumena canke gusambura, ariko intwari ari abumvikana kandi bubaka »; nk’uko Nelson Mandela nawe yabihanuye. 

Ni ko, amatora ni igihe kidasanzwe, kuko ni gitegura impinduka zikomeye mu buzima bw’igihugu cacu. Bituma kija heza canke habi. Muri izo nzira zose, biraturaba. Ari nayo mpamvu dukwiye kuvyitwaramwo neza, tugakora ibibereye kandi dutegerezwa. Dufise ingabirano nyinshi kandi zitandukanye. Ni tuzikoresha mu vyubaka igihugu; kubw’ejo heza. Burya igihambaye, ni ubuzima tuzobamwo inyuma y’amatora. Ubwo nabwo, buvana n’ingene twifashe muri ico kiringo.

Mbe nka Mahatma Gandhi avuga ati : « inyifato ibereye ni ukwihanganiranira, kuko ntituzokwigera twiyumvira kumwe;  tuzokwama tubona igice kimwe c’ukuri ku vyo tubona, kandi mu buryo butandukanye ». Ese twogaragaza ubudasa, ku neza yacu no kuy’igihugu muri rusangi!

 

Quitter la version mobile