Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#KwitunganirizaImigambi : tuve mu majambo, tuje mu bikorwa

Urugero rw’ubukene bw’akazi mu rwaruka rwavuye ku bice 60% mu mwaka w’2016 ruja kuri 65% mu 2017. Yamara, iciyumviro c’uko abakeneye ubuzi « bokwitunganiriza imigambi bo nyene » catanguye kuvugwa cane kuva mu myaka y’2013. None, ni ukutumva ? Ni umuzi w’ibuye ? Canke ni wa mugani ngo « so akwanka, akuraga ivyamunaniye » ? Hari agahaze.

Ab’amahane menshi bati : « Ubuzi butangwa nabi, aka mwana wa mama karakoze ibara », nk’uko womengo baremezwa neza ko, hamwe ivy’amanyanga vyohagarara, ubuzi bwoca bukwira ababukeneye bose. Ariko kandi, nkumbure ntibarira busema.

Ku rundi ruhande, hari abasa nk’aho umengo  ingorane y’ubukene bw’akazi bayitoreye umuti wamaho. Uwo nawo si uwundi ; ni ukwama basemerera ubudahengeshanya bati : « Ni mwitunganirize imigambi » ; bigatangurira mu mvugo kandi bigaherera muri yo nyene ; nk’uko womengo ni yo ngiro. 

Tuve mu majambo !

Imbere ya vyose, kugira ntimuhave mugira ngo ndira busema, reka mbanze ndabiganire ubuhinga urwaruka rukoresha mu kurondera akazi. Naho « nimwitunganirize imigambi » atari aka vuba, bene gukenera iyo mirimo nyene basa n’abatavyumva. Muti kubera iki ? Mbaza nkubaze !

Mu cigwa cakozwe n’ishirahamwe Adisco mu mwaka w’2016, ubuhinga buza imbere nk’inzira y’ukurondera akazi ku bahungu n’abakobwa b’Uburundi ni ukunyenyagiza utudosiye aho hose bumvise hari akaryo katangajwe. Iyo barushe, canke babonye ko iyo nzira itariko irashika, baca bahindura umukenyuro, bakarondera incuti, umugenzi canke uw’ari we wese yobatabaza akazi. Izo nzira zompi zinaniranye rero, ni ho baca batangura kwiyumvira icitwa « kwitunganiriza imigambi ». 

None ko bimeze gutyo, turavuga iki kindi ga ncuti bagenzi Beneburundi ? Wa muvugamana ati : « Kuvumereza ngo Mwami Mwami siko kujana mw’ijuru » ; co kimwe, kuvumereza ngo « itunganirize imigambi ! Itunganirize imigambi ! » siko kugwiza akazi. Hari vyinshi bitegerezwa gukorwa kugira iyo ndoto ihinduke ibifadika.

Kuri runo rubuga, tugiye kubashikiriza urukurikirane rw’ibisomwa vyerekana intambwe umwe wese yategerezwa gutera, muri iyo ngendo y’uko « ukwitunganiriza imigambi » vyova mu majambo bikaja mu bikorwa.

 

Quitter la version mobile