Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Amatora y’ 2020 : urwaruka rushobora kugaragaza ubudasa

Muri ino misi ikiza ca Koronavirisi kibangamiye isi, n’Uburundi burimwo, biragoye kuvuga canke kwiyumvira ku kindi kintu atari ico kiza. Ariko Uburundi buri mu bihe vy’amatora. Kandi ivyo vyama bikomeye, nk’uko tubimenyereye; inyifato y’urwaruka igafata iyambere mu myitwarariko ya kino kiringo. Harageze ko rwerekana ubudasa.

Mu ntumbero yo gukomeza ubumwe n’umuvukano; urwaruka mu butandukane  bwarwo, haba mu vy’imigabwe, ubwoko, amadini, n’amashirahamye, rukwiye kugira inyifato nziza, na canecane muri ibi bihe vy’amatora twimirije.  Imbere, mu matora nye zina hamwe n’inyuma y’amatora.  

Hano rero, nashaka ngo turabire hamwe ibintu bine urwaruka rw’Uburundi rutegerezwa kubona ukundi, noneho biheze bishoboke ko uko vyamye aho hambere atari ko bimera n’ubu.  

Agasamazo

Akenshi, iyo ibihe nk’ibi bishitse, abatari bake mu rwaruka bariyibagira, bakareka kurangura imirimo yarwo. Baca baja kwirirwa bateze amatwi abanyepolike. Baba bafise ivyo bifuza kuri bano;  yamara, bigaragara ko iyo amatora arangiye, urwaruka ruhabwa ikibanza gito cane, n’aho nyene ari ro rwinshi mu gihugu.  

Kira rero! Bene wacu rwaruka, ngw’ino twibukanye ko igihe c’amatora ari gito cane. Kira noneho, n’inyuma y’amatora ubuzima burabandanya. Ku bwanje, uwpoba muzima yoja kwitunganiriza imirimo, kuko niho wosanga  yiteje imbere gusumba. Uwufise ico ariko arakora rero, ntate umwanya ngo asamajwe n’abo ataho badushikana.

Ubudasa bwacu

Uko bimeze mu kibano iwacu, rimwe na rimwe, abakiri bato ntidutahurana ku ivy’ubudasa bugize Abarundi. Ariko rero, si uko vyari bikwiye kumera. Bamwe bose usanga bafise uko bavyiyumvira, bivanye n’uko bavyiganiwe n’umukurambere kanaka. Bigaheza bigatera ukwinubana canke ugucamwo.

Yamara, urwaruka rwari rukwiye kubona ko ubutandukane ari irindi tunga. Niko, si ngombwa ngo tugire ivyiyumviro bimwe twese; yamara, hari ababikamisha. Mu butandukane bwacu rero, twari dukwiye gushira inguvu hamwe, kugira duhangane n’ibibazo biduhanze gusumba ibindi nk’ubukene bw’akazi n’ibindi.

Ibishobisho

Mu gihe nk’iki, abanyepolitike baributsa cane ivya kahise kabi Uburundi bwacu bwaciyemwo. Abandi nabo bakagira akarimi gasosa, amajambo y’amareshamugeni, canke bagatunganya ibirori, n’urukanywa rudasigaye inyuma.

Ivyo rero birasahura imitima abakiri bato, bagatwarwa n’ibishobisho, ari yo ntandaro y’ukwemere ibitagira mvura canke ukuja iyo rujanye nk’inama, bagakoa batabajije umutima. Twiyubare.

Agasomborotso

Ivy’amoko, imigambwe, n’ivy’intara ntivyari bikwiye kuba intandaro y’ukutihanganirana. Yamara ni vyo twama twabonye. Biragahera! Kuja mu migambwe si bibi. Igihambaye ni ukumenya ko uwo mudasangiye umugambwe atari umwansi. Dusangiye ingorane, ariko inzira umuti wocamwo akaba ari zo tutabona kumwe. Kuki none biducanishamwo? 

Rwaruka benewacu, kahise kabi ni katubere icigwa, maze tukagire indahiro. Nayo kazoza twifuza, enda ni muze tukiyubakire. Hamwe abatari bake twokwumva ibintu gutyo, nta nkeka ko urwaruka twogaragaza ubudasa muri aya matora twimirije.                   

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?
Quitter la version mobile