Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#Primusic2019 : genda, usize utwigishije vyinshi !

Ihiganwa Primusic ryari rimaze amezi atatu rigosora urwaruka rufise ingabirano mu kwikora mu gahogo, ryaraye rirangiye. Mu giteramo co kurisozera, cabaye ku wa 28 Mukakaro, haragaragayemwo vyinshi twokuramwo inyigisho ikomeye nk’Abarundi. 

Bizimana Aboubakar Karume; batazira « Sat-B », na Mugani Desire benshi bazi kw’izina rya « Big Fizzo », bari basanzwe badacana uwaka. Ivyo rero vyagaragarira no mu bakunzi babo, aho baterana amajambo yo gutyozanya. Ariko muri wewe, Primusic, abo baririmvyi barakoze ikintu kidasanzwe.

Inyigisho ku banyepolitike

Fizzo ntiyari anezerejwe n’ikibanza bamutangujemwo kuririmba, ugereranije n’uwo twokwise “umukeba wiwe” Sat-B; ivyo vyari gushobora gukomeza ukudahuza hagati yabo. Ariko, Sat-B amaze gushikirwa, yarahamagaye Fizzo. Uno nawe aramukundira araza, barahoberana, ndetse banaririmbira hamwe indirimbo yitwa « Wezere ». Ivyo bikaba vyaranezereje abakunzi b’abo baririmvyi bompi.

Mu gihe rero haheze imisi hibonekeza ingendo y’ukutihanganirana hagati y’abadasangiye ivyiyumviro vya politike, ako karorero k’abo baririmvyi kobera icirwa gikomeye benshi; abari mu mugambwe uri ku butegetsi hamwe n’abatavuga rumwe na bo. Tuguma twumva ingoro z’imigambwe ziturirwa canke zigasamburwa, abarongoye imigambwe n’intwaro bofatira kw’ako karorero mu kurengera ibibatandukanya, mu kurondera ineza y’abenegihugu n’igihugu cabibarutse.

“Ndacari muto ni bwo butindi”

Umwigeme Tetero Laurette, n’imyaka yiwe cumi n’icenda, ni we yatahukanye itsinzi. Ni muto, ariko ntari igito. Ni ho yari agiheza amashure yisumbuye, ndetse n’ivy’umuziki, bwari ubwa mbere abigiyemwo. Ariko naho atari abimenyereye, kandi mbere no mu bo bahiganwa harimwo ababifisemwo uburambe, ntivyamubujije kwitunganya neza, ararondera abamufasha, ndetse bimuviramwo gutsinda ihiganwa.

Mu gihe urwaruka rwidogera ababasaba uburambe bw’imyaka myinshi kugira bahabwe akazi, abakoresha bohakura icirwa c’uko n’uwutagira burebure ashobora kuba umukozi mwiza, ndetse agakora neza kurusha ababirambiyemwo. Ku rundi ruhande, urwaruka ruguma ruvuga ngo “ndacari muto, ntiharagera ko nitunganiriza imigambi”, canke ngo “ibi na biriya birabuze”, bokwigira kuri Tetero Laurette. Nibarinduke, n’aho bwoba ari ubwa mbere, bakarondera abo bashira hamwe utwo bahambije, bakiga kwitunganya neza.

Bigeme, murashoboye

Kuva ihiganwa rigitangura, abigeme biyandikishije bari ku rushi. Kukaba nkako, muri batandatu bahiganwa mu gice ca nyuma, umwigeme yari umwe rudende rwa nege. Naho yari umwe, nticamubujije ko aba ariwe aritahukana, aca aba n’umwigeme wa mbere aryegukiye.

Ivyo vyari bikwiye guter’intege abakenyezi. Hakuguma bikumira canke bidoga ko bakumiriwe, bokenyera zikaguma bakamenya ko nabo bashoboye. Yemwe bigeme muri hano, kure amaboko mu mpuzu, ntimukongere kwingingizwa ibi na biriya, e mama ngo « idosiye z’abigeme zirahimirijwe ». 

 

Quitter la version mobile