Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#KwitunganirizaImigambi: imyibutsa itanu iduhimiriza gukunda ibikorwa

Tumaze imisi tubashikiriza urukurikirane rw’ibisomwa ku kibazo kijanye n’ukwitunganiriza imirimo. Mu kurangiza urwo rukurikirane, twashimye kubatororokaniza imyibutsa 5 itera intege abakozi ikajinjibura abanebwe, hamwe n’insiguro zayo.

1. Nta yimba ngo ibure ivu

Uwo mwibutsa urimwo icigwa gihambaye.  Iyo ivugwa ni imfuku yimba imyobo mu mirima. Uwo mwibutsa rero usigura ko iyo imfuku iriko irimba, ivu ritegerezwa kuboneka. Kukaba nkakwo, iyo duteye igiti, ivyamwa vyaco bitegerezwa kuboneka. Abahinga bavuga ko ikintu cose dukoze (canke tudakoze) kigira ingaruka, zaba mbi canke nziza ku buzima bwacu. 

Uwu mwibutsa wokwigisha cane abantu bibaza ko batagira akazi. N’aho woba utagira akazi, vyiza woguma “wimba”, urondera ico udandaza, aho wimenyereza, n’ibindi. Nayo ugumye wicaye, nta n’uwuzomenya ko hari ico ushoboye. Ariko ugumye urondera ico ukora, n’aho utoba uhembwa, bizotuma abantu babona ivyo ushoboye n’ubutwari bwawe. 

2. Ak’i muhana kaza imvura ihise 

Uwo mwibutsa utwigisha ko ata kwama tuzera inze. Ibi bisigura ko tudakwiye kuzera urukiza ku bandi, tukama tuzi ko vyose biva kuri twebwe.

Abarundi bakunda kuvuga ngo “vyose bizova mu maboko yacu”. Ukwo ni ukuri kuzima, haba ku vyerekeye ubuzima bw’igihugu muri rusangi canke mu buzima bw’umwe wese muri twebwe. 

3. Akadatetswe karotswa 

Uwu mwibutsa werekana ko abakurambere bari bazi bimwe twita mu gifaransa ‘strategie”. Ikintu canse mu buryo bumwe, ni ugukoresha ubundi. Hari benshi babona ikintu canse kuba nk’uko bashaka, bagaca batana n’ikigazuzo bagira ngo ntigishoboka. 

Hari umuhinga umwe yavuze ati ushaka gutora inyishu y’ibibazo vyawe, andika ivyiyumviro cumi ku musi. Akarorero: “Amashirahamwe cumi nipfuza gukoramwo”, “Ibintu cumi nshobora kudandaza”, “Ibihugu cumi nshobora kuronkamwo akazi”, “Imyuga cumi nshobora kwiga”, n’ibindi. 

Wanditse mwe n’ivyo vyiyumviro ku musi ku musi, usanga mu misi mikeya ufise ivyiyumviro vyinshi vy’ukuntu wotorera inyishu ibibazo vyawe. Aho kwihebura, ibi bituma umwe wese abona ibintu vyinshi ashobora gukora kugira yiteze imbere, maze ateze imbere n’igihugu.

4. Akagumye bagumako 

Uwu mwibutsa urakomeye kuko utwibutsa ko atawurima ngo ace arara yimbuye uwo musi nyene. Nk’uko kugira twimbure tubanza kurima, tugatera, tukavomera, tukabagara, tugafurira, tugapompa, ni ko bigenda no mu yindi migambi yose dukora.

Uwu mwibutsa wofasha canecane abantu bakiri bato, bamwe baheza amashure bagaca bipfuza gutunga, kwubaka amagorofa n’ukugendera mu biduga binini binini vyiza vyiza. Utwibutsa ko ubuzima atari ukwiruka; indoto yose ifata umwanya n’ibikorwa vyinshi imbere y’uko ija mu ngiro. 

5. Amazi masabano ntamara imvyiro 

Uwu mwibutsa utubwira ko ubusumano buhaza umutwe ariko butamara inzara. Ni ukuvuga ko akava ku bandi katavuna. Nyabuna ibidukiza biva mu maboko yacu. N’aho tubironka, ari ibisabano, ntaco bitumarira nk’iyo ari ivyacu bivuye mu maboko yacu.

Gusaba si bibi. No guhanahana si bibi. Bikomeza ubumwe n’urukundo mu kibano. Ariko ntitwobigira umugenzo, ngo bidutware umutima, bitubuze gukora ivyacu. 

Yaga nawe! 

 

Quitter la version mobile