Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Burundi : abagendana umugera w’igitigu B bari mu makuba

Amezi atatu arikokoye imiti yahora ihabwa abagendana umugera w’igitigu wo mu bwoko B (hépatite B) wabuze aho wahora utangirwa. Ivyo bikaba bibabaza cane abawugendana babona ko ata kabuza bagiye guhona. Umve akamo k’umwe mu bawugendana. 

Umusi umwe nagiye gutora umuti w’igitigu witwa Truvada nk’uko nahora, barandahiye ko utakiboneka. Ibihe vyose nagiye banyishura bati: “Umuti uhari ni uwo duha abagendana umugera wa SIDA gusa. Mwihangane”. 

Iyo nkuru yabaye nk’incamugongo kuri jewe kuko iyo ndwara iri mu zo ntinya cane. Kukaba nkako, indwara imaze kuntwara data amvyara, igahitana mukurwanje tuvukana, senge, ba data wacu murumva ko ntoyiburira ubwoba. Nagarukiye ku cobo; ndokorwa n’iyo miti mwumva yabuze. 

Iryo bura ryayo ni nk’urupfu ku batari bake kuko rije gusongera isibe na rirya uwo mugera wari ugisibije hirya no hino kw’isi. 

Rwicaruhoze

Mu gihugu cacu, nta cigwa canke isekeza birakorwa ngo hamenyekane ibitigiri nyezina vy’abagendana uwo mugera. Ivyo bigatuma no kuyirwanya bitoroha. Ikindi na co, kubera yica mu kayombekera, abantu benshi ntibakunze kuja kuyipimisha. Abatari bake ikabahitana batanazi ko bayirwaye. 

Nihereyeko, uwo mugera mubi narawuvukanye. Ndawukurana ntaraca n’ikanda ko hari ico ndwaye. Nabanye na wo, undya umpuha nk’imbeba ntumva umusonga na mba. Nipimishije nsanga mfise umugera mubi w’igitigu w’ubwoko bwa B. Ngira Imana nca ntangura imiti, umugera uragabanuka cane. Nari ndawumazeko imyaka itatu. Mukurwanje yahora yirirwa arikinira agapira, mugabo yagize ararwara ntiyavyutse, basanze igitigu caratabagaye. 

Iryo kena ry’iyo miti rero, rigiye gutuma n’ivyahuha bihuhuka, abantu bagume bapfa kandi bari bamaze kwishimira iyo miti yatangwa ku buntu.  

Ata gikozwe turahona!

Gushika n’uno musi, iyo miti ntiraboneka. Baguma badusaba kwihangana bavuga ko ishobora kuboneka umwanya n’umwanya. None ni ukwihangana gushika ryari ko indwara yoyo iba ironse aho imenera? Uwo muti watabara benshi kandi wari umaze kurokora abatari bake na jewe ndimwo. Ndatakambiye abashobora kugira ico bakoze kugira iboneke badutabare. 

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu no kurwanya SIDA burakwiye gufata ico kibazo mu ntoke bukagitorera inyishu vyihuse inganda zitaratikira. Kurya bashizeho imigambi ijejwe kurwanya igituntu, imibembe, Malariya n’izindi ndwara nka Sida, bagerageze bavire hasi iyo ndwara yagisibije, iyo miti yo iboneke tutarahona. 

Aho niho twosubira guhimiriza abantu kwijukira kwipimisha uwo mugera, bakamenya uko ubuzima bwabo bwifashe. Abarwayi bakavugwa, abatarwaye na bo bagakingirwa. Bamenye ko hari urucanco rwayo. Ico abantu batazi, ni uko kenshi wumvise umusonga kubera iyo ndwara, kenshi ushobora gusanga waratabagaye. Erega na jewe naho mwumva nagira nsezere isi nta na hamwe numva mbabara. Ntimwijajare nyabuna, ipimishe mwese kandi igipimo kirasanzwe cane. 

 

Quitter la version mobile