Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ibitaro bikuru vya Ngozi: batondera imiti nk’abarondera isakaramentu!

Imyaka irarenze ibiri, ku bitaro bikuru vy’ i Ngozi, hafashwe ingingo y’uko umurwaza canke umurwayi ari bo bonyene bategerezwa kuja kwitorera umuti aho usanzwe udandarizwa, aho babanza kuwubarura. Bamwe mu barwaza bakidoga bati: « Iyo ngingo yaje kwica ico yari gukiza. »

Nta yinga rirarangira, nari nagiye kuraba umugenzi arwariye ku bitaro vy’i Ngozi.  Nshitse imbere y’inzu itangirwamwo imiti, mbona imirongo miremire cane y’abarwayi n’abarwaza  basunikana. Ngize ntya, mbona umurwayi umwe vyanse ko atera intambwe, kuko ata tuguvu two guhagarara ku murongo yari agisigaranye.

Impuhwe ziramfata, ndegera ngo ngire ico ndamufasha, nawe ati: «Reka reka mupfaso ! Kuva aho bafatiye iyi ngingo, turarushe. Ahubwo, ngira nasubiye kuremba. »

Kukaba nkako, uruzuba yariko rwamena imbwa agahanga.

Ukugene iyo ngingo yaje

Nk’uko abaganga n’abandi bakozi bo muri ivyo bitaro babisigura, iyo ngingo yafashwe n’ubuyobozi bw’ibitaro, bivuye kw’inyuruzwa ry’ imiti ryari ryimonogoje. Nk’uko vyagenda ubwa mbere, umuganga wese yarahitana umuti aho mu bubiko bwayo, akaja kuvura umurwayi ajejwe. Mu nyuma, bimenyekana ko bamwe mu baganga banyuruza imiti, bitwa ngo bayishiriye abarwayi, iyo ikagenda amazimayongo.  Maze uburongozi bw’ibitaro, bubona ko bigiye guhomba, ni ko gufata iyo ngingo.

Yamara rero, ivyo bitaro vyakira abarwayi bari hagati y’350 n’384 mu buraro, baturutse mu ntara za Ngozi, Kirundo, Karusi na Muyinga, nk’uko Muganga Guillaume Ntawukuriryayo, umuyobozi w’ivyo bitaro, abivuga mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Le Renouveau. Iyumvire rero abo bose batonze barindiriye imiti; biragorana cane mu gihe iyo miti itangirwa mu kibanza kimwe, uwuyitanga akaba umwe rudende.

Bitera imyidogo ku barwayi

Karita* ni umuvyeyi w’ umwana agwariye kuri ivyo bitaro. Ati: « Nshobora kumara amasaha arenga atatu ntondeye umuti.  Umwana wanje yategerezwa kuba yafashe umuti isaha zibiri zo mugitondo, ariko gushika isaha zine n’uwo muti nturaboneka. Nk’ubu yoremba nogira gute? »  

Kankindi* nawe arwarije mu gisata cakira indembe. N’umwiheburo ugaragara ku maso ati : « umuntu wanje ashobora gusandaba, kuko amaze imisi adafatira umuti ku gihe. » Akabandanya ati : « Hariho abarwayi bahora bitaba Imana kubera kudafatira imiti ku gihe gitegekanijwe. Umuti umurwayi yategerezwa gufata isaha zibiri zo mu gitondo ukamushikira isaha zitanu canke zitandatu z’umutaga. Ku bisanzwe, aho haba hageze ko afata uwundi. Uca usanga rero, yategerezwa gufata imiti gatatu ku musi, ayifashe kabiri gusa. Aho gukira akaguma aremba. »

Ku neza ya bose…

Bumaze kubona izo ngorane, ubuyobozi bw’ibitaro buvuga ko butegekanya kwubaka izindi nzu zo gutangiramwo imiti; ariko aho vyavugiwe ni kera, haraciye imyaka ibiri.

Bamwe mu bajejwe gutanga iyo miti bakiyumvira bati: « N’imiburiburi, harakwiye ko batwongerereza umurindi w’ingurukanamakuru ( débit internet) dukoresha ifise.» Kukaba nka ko; ku wuje gusaba umuti wese aho mu bubiko, bisabwa ko imiti basohora yose bayandika mu nyabwonko, kugira ngo baze bereka uburyo iyo miti yasohotse. Ariko rero, iyo nyabwonko irikwega birenze urugero, ari na co gituma ugutanga umuti biheza bigatebagana.

*: yahinduwe izina

 

Quitter la version mobile