Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Kutitaho umurwayi : indwara ibangamiye abaganga bamwe bamwe

Kuryagagura abarwayi, kwikwega mu kubakira, maze bakirirwa batonze kandi baremvye, canke nyene kubahererekana batabavuye. Ivyo ni bimwe mu vyo Yakobo* yaneguye amavuriro amwe amwe ya Reta ari mu gisagara ca Bujumbura. Aratwiganira ido n’ido uko vyamugendeye.   

Mperutse kugira ivyago ndarwara ndaremba. Inyuma y’imisi ibiri ndindiriye ngo numve iyo bija, nituye ibitaro binyegereye. Mu biri hano i Bujumbura vyose, ivyo bitaro nituye bivugwa ko ari vyo bigendeka, naho atari ko nabisanze. Ngira navyo vyarandukiwe.

Nashikiye aho bakirira indembe nibaza ko baca banyarutsa kunyakira; kukaba nkakwo, nari naremvye. Njugumira, umucanwa umengo bancaniyemwo imbabura, urwuya ruca irya n’ino, nzungurirwa nkaguma nikubita hasi,… ariko umuvuzi wese ahaciye yarandaba gusa, ntaco yabivugako. 

Uwamperekeje abajije igituma ntakirwa kandi babona ko ndemvye, abo yabaza bose bamuhaye inyishu bati: “ rindira”. Nagiye kwakirwa inyuma y’isaha yose, atari uko hari abivuza benshi, ahubwo ari kubera ko banyinrengagije; ari naco cantangaje kikanansonga.

Yamara n’aho nyene…

Igihe nshitse mu cumba c’isuzumiro vyari nk’ivyo nyene. Umuganga yanyakiriye nabonye asimbira ku gahamagazo ngendanwa kiwe atangura kuyaga n’incuti n’abagenzi. Ndaheba nditabariza nti: “erega nanje muranyibuka.” Aritangaza ngo: “mbabarira nari nasamaye”. Ni gute wosamara ku kazi ujejwe? Ntazi ko amagara ari amazi aseseka ntibayore? 

Hageze gutondera imiti,  naho nyene sinorohewe. Nahasanze umuntu umwe atonze, ntonda inyuma yiwe.  Uwujejwe kutwakira namusanze yibereye kw’iterefone yitwengera ubutumwa bariko bamwandikira, ubona ko ata mugambi wo kutwakira. 

Dutanguye kwidoga, aho kutwakira yatubajije ati: “ko mungana uko? Nta bandi baraza?” Yampaye inka umwangushi! Ubu rero karashize ingani abarwayi babanze gutumirana bose bazire rimwe gutora imiti? Kandi indwara zidasezerana! Nagira kuba turi bake yari amahirwe yo kwakirwa ningoga, nawe nyene yorohewe. 

Vyakabaye kera turamugondoza, arateba aremera kutwakira. Atwakira aturyagagura nk’uko umengo twotegerejwe twese kurindirana. 

Twikebuke!

Abaganga bitwara batyo baribagira ko dukeneraniye ; baribagira kandi ko igihugu catanze uburyo butari buke kugira bigishwe gukora uwo mwuga. Umuntu arafise uburenganzira bwo kuvurwa  mu gihe kibereye, nk’uko tubisoma mu mateka yategekanijwe n’ishiramwe rijejewe amagara y’abantu kw’isi “OMS”.

Barayamaze bati, uwuja gukira indwara arayirata; akayiratira muganga. Uwo muganga avugwa ni umuganga ababaye abarwayi, arajwe ishinga no kubarokorera ubuzima. Kuja kwa muganga ugatonda umwanya munini biratahuritse mu gihe hari abarwayi benshi; ariko iyo bivuye kuri muganga afata ibintu minenerwe, biba bibabaje cane. 

Barakwiye kwikebuka, bakitaho abarwayi, ntibiyumvire guca amahera gusa. Ku bo bigoye guheba, Reta n’ubugenduzi butandukanye bobafasha mu gutegura ibihano bibereye abo bantu bataye akarangamutima k’ivyo bajejwe. Erega kurokora amagara y’abantu si umwuga, ni umuhamagaro!

*: yahinduwe izina

 

Quitter la version mobile