Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ngo « nta mugabo yobwira umugore wiwe amatungo yose ? »

Mu gihe ukwezi kwa Ntwarante isi yaguhariye agateka k’umukenyezi, nahisemwo kubasangiza ikiganiro nagize n’abagenzi kuri ico kibazo. Bamwe bati : « Nta mugabo wo kubwira umugore wiwe ivyo atunze vyose », abandi bati : « Amirwa ! ». None ukuri ni ukuhe ?

Mu mpera z’iyinga riheze, nagorobeje nganira n’abagenzi, aho twari duhuye ngo twiginane, inyuma y’imisi itari mike tutabonana na benshi muri bo. Mu biyago twagiranye, hadukamwo ibijanye n’amateka y’abakenyezi. Ni ko kumva umwe yinamuye ngo : « Ni ko, abakenyezi barakeneye kugira amateka angana n’ay’abagabo ; ariko nta mugabo wo kubwira umugore wiwe ivyo atunze vyose, ubwo ni ubujuju butagira izina » ; impari ziba ziradutse.

Bidatevye, Aline, umwe mu bigeme bari muri ako kamarwa, amusamira hejuru ati : « Uko ni ko uvyumva vy’ukuri ? Twubakanye nkaramuka nsanze hari ivyo wampishije, ndakubwiye ko utokoroherwa. »

Impamvu

Robert arubatse, afise abana batatu, mukuru muri bo ageze mu mwaka wa gatandatu w’ishure shingiro. Yaratwiganiye ivyamushikiye ati : « Ntarubaka, narabona cane ko data hari amatungo atabwira mama ko afise. Hari amatongo menshi yaguze ruguru, ndetse n’impangu, ariko ivyo vyose twagiye kubimenya ari uko mutama yitavye Imana, tuza turabibwirwa n’abantu. Bimwe bimwe mbere twabikomoje biciye mu mburano. »

Tumubajije ko nawe nyene ari uko bimeze mu rugo iwe, yaranse kwishura ego canke oya. Ico bikoze, yaratwemereye ko umugore wiwe atazi neza na neza umushahara ahembwa ; kandi ngo no kuva bakireshanya, ico kintu ntaco bigeze baganirako, n’ubu.

Si uko bimeze kwa Pascal ; uno yubatse vuba, umugore wiwe aribungeze imbanyi yambere. Wewe ati : « Nimba hari ikintu catumye umukunzi wanje anyizera, ni uko namubwira ayo mpembwa n’utwo mfise twose, kuva tugitangura gukundana. Ntiyarinze no kubimbaza, ni jewe nyene nibwirije, ndabimubwira, maze kuva ico gihe, aca atangura kumfasha mu kumpa ivyiyumviro vy’ingene nokoresha neza ubutunzi mfise, ari naho havuye ivyo kuziganya kubw’urubanza rw’ubugeni bwacu ; ntavyo nari gushobora jenyene, canke naho nkabikora nabi nabi. »

Ngo « ivyo mufise vyose murabisangiye ! »

Emerance ni umwigeme ahejeje vuba cane amashure ; yize ivy’amategeko. Avyura ikibazo kuri Robert n’abamushigikiye ati : « None ko nziga muri sentare, harya muja kwandikwa ku bugeni bwanyu, bahejeje kubaraganisha, baca bababwira ngo : ‘’ivyo mufise vyose, kuva ubu murabisangiye’’ ; aho ntiwumva ko uwo mugore wawe akwitwariye mu gihe wagize ivyo umuhisha, wotsindwa ? »

Gushika aho, wamengo arahejeje guca urubanza, uwo mwanya haba agacerere, twese ngo cwe ! Bugingo tukizirikana ico uwo munyamategeko avuze, twumva Claudine, umwigeme yimirije kwubaka urwiwe arinamuye ati : « Ntabara ! Mpfa kutagira ico mbuze gusa, kandi nkabona umuntu wanje ko ankunda, ivyo vyo kumbwira akantu kose atunze, biramuraba ; yombwira adashatse akareka. »

Ikiyago caciye kiba nk’igisubiye itoto, bamwe bakagiriza abagore n’abakobwa ko ari bo ntandaro abagabo batababwira ido n’ido ry’ubutunzi bafise, abandi bakabita ku mico y’ikirundi ngo ni ko vyamye kuva na kera. Ico bikoze, ntitwigeze twumvikana kuri ico kibazo. None ikibereye ni ikihe ?

 

Quitter la version mobile