Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Abagabo bacu bapfuye, twaciye turongorwa na barumuna babo »

« Guhonora »,  nk’uko tubiyagirwa na Elie Sadiki, umwigisha mu gisata c’indimi n’amayagwa nyafrika, muri Kaminuza y’Uburundi, ni  umugenzo w’ikirundi w’aho hambere, aho serugo yitavye Imana, umupfakazi yaca arongorwa na murumuna w’umuhisi. N’ubu biracabaho. Twaraganiriye n’abo vyashikiye.

Nahimana Claudia ni umukenyezi w’imyaka mirongo itatu n’ine, aba muri zone ya Kanyosha, hano mu gisagara ca Bujumbura. Yaratwiganiye, ati: « Umugabo wanje yapfuye amaze umwaka urenga arwaye. Murumuna wiwe ni we yamubaye hafi umwanya munini. Kubw’iyo ngwara ntivyadukundiye ko twibaruka kandi twari tumaze imyaka ishika kuri itanu twubatse. Amaze kwitaba umuremyi, uwo musore bavukana yaciye aza mu nzu turubakana; vyansubijemwo umunezero, kuko yampaye ikibondo, kandi akambera umushingantahe nk’uwa mbere. »

Nizigiyimana Liberata nawe nyene ni nk’uko nyene; ni umukenyezi w’umwirimizi aba mu Kabezi, mu ntara ya Bujumbura; afise imyaka mirongo ibiri n’icenda, ubu akaba afise abana batatu. Ati: « Inyuma y’imyaka indwi tubana n’umugabo, yahavuye ahura n’impanuka, arasandaba. Nanje nkaba ataho nakora kugira nshobore kubeshaho ibibondo vyanje. Umuryango niho wahitamwo kudushingira na murumuna w’umugabo; uwo yari uwikorera utwiwe mu kudandaza. Umubano wacu ni akaroruhore  ntiworaba. »

Si ivya bose

Naho abo bambere bamerewe neza hamwe n’abo banega babo ba kabiri, hari abandi bahagorewe ay’ikivumvu.

Nsabimana Godeliva*, umukenyezi w’imyaka mirongo   itatu n’itatu wo mu ntara ya Bururi ati: « Maze umwaka umwe mpfakaye, ni ho umuryango w’umugabo wansaba ko nokwubakana na murumuna w’umuhisi, kugira amfashe gukurikirana amatungo umugabo yari afise hirya no hino. Uwo murumunawe ni we bakorana mu bitari bike yadandaza. Ariko sinipfuza kubana na we kubw’ingeso ziwe zidashemeye; ariko biba ngombwa ko nemera, kuko umuryango wari undemereye cane. Bukeye kabiri tubana, yatanguye kundaza hanze, canke akanankubita. Eka mbere akananyima ivyo nkenera ngo ntunge umuryango. Nayo abana bamubonye, baca banyegera. »

Ndayikeza Serafina* nawe, n’imyaka mirongo itatu n’itandatu yiwe ati: « Ese ayo nabonye ! Imiryango imaze kudushingira, umubano wacu ntiwigeze uba mwiza. Kuko yatanguye yitwaza ngo ndakuze kumuruta, e mama ngo ndashaje, ngo nta mugabo asumbwa imyaka n’umugore. Niho yaca atangura kujana n’abakiri bato. Bukeye kabiri, yanduye umugera wa Sida, tuza kubimenya ari uko na jewe namaze kwandura. Ubu mbayeho nibaza kazoza k’abana banje kanigiwe mu menshi n’uwitwa ngo ni se wabo. »

Uwo mugirwa rero bose ntibawubona kumwe, ariko vyose bikaba bituruka ahanini ku miryango iba ishaka ko amatungo adasohoka. Rimwe rimwe bakibagira ko amagara asumba amajana.

*amazina yahinduwe.

 

Quitter la version mobile