Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#ZaNzoga: abazikora n’abazinywa baratubwiye uko babigenza

Ziri ubwoko injojo ! Kanyanga, umudiringi, umunanasi, umugorigori, igisubi, n’izindi rero bita “inkonesere”. Zikorwa gute? Twozisanga he? Zinyobwa na bande? Vyose ni muri kino gisomwa, twarahuye na bene vyo.

Buyoya Pele ni umwe mu bahoze bihereza izo nzoga zitemewe n’amategeko. Aba muri zone ya Musaga. Avuga ko izikunzwe cane n’abantu benshi ari  nk’umudiringi (abandi bakawita “umufort”); ukorwa hakoreshejwe amayani, isukari nyinshi, amazi, ruyeye (levure). Iyo nzoga idashizwemwo isukari bayita igisubi, kuko usanga irura.

Hariho rero na kanyanga; nayo barayikora bakoresheje ifu, irya iba yakorotse ku ruhande rw’insyo zihura (bisigura ko ikorwa mu vyogizwe iyarara), bagaheza bakamara iminsi bavyinitse mu mazi, hama bakabicumba ku ziko. Ivyo biheze bakabishira mu kigunguru gifise umuringoti, maze bagafundikira cane, hamwe umuhisha ata handi usohokera atari muri wa muringoti. Uwo muringoti uba ufise ibice bibiri nyamukuru: icinjira mungunguru itetse hamwe n’igicishwa mu yindi ngunguru y’amazi ahoze, kugira wa muhisha uze gusohoka wasubiye gucika amazimazi; ari yo kanyanga.

Ku mpera za wa muringoti, baca bayitega ikidumu, hakaza haragwamwo ima rimwe rimwe. Ikaba mu mice ibiri bivanye n’ubusumbasumbane bw’ubukari burimwo: hariho iya mbere batazira “kapitambere”; ari nayo ikaze cane, n’iya kabiri baronka babanje kongeramwo amazi muri bwa bugaragari.

Inkarisha bita “umuvango”

Janine* ni umwe mu bajejwe intwaro Ku gwego rw’umutumba mu ntara ya Makamba; aravuga ko haheze igihe abajejwe intwaro barashizemwo inguvu nyinshi kugira izo nzoga zituzwe, mugabo nta kinini cahindutse, kuko abazikora bafise amayeri menshi, ariko kandi na bamwe mu bajejwe kuzigwanya hakaba harimwo abazihereza. Uwo mukenyezi biboneka ko akiri muto akamenyesha ko hari iyo bita “inkonesere”, abandi bakayita “inkarateka” ari na yo ibiciye bigacika.

Jean Paul* nawe ni umukozi ari mu bagana iyo nzoga bita inkonesere canke inkarateka; ati: “Tuvanga umudiringi hamwe n’urwarwa canke umutobe utarasha neza. Ivyo biheze, nta n’uwubica ikanda, n’abazihereza baba bibwira ko ari akarwa ka Gitaza canke mu Rugombo, mu ntara ya cibitoke”. Akabandanya ati: “N’igipolisi kije kuzisesa nta bwoba tugira, kuko ni bo baguzi ba mbere dufise.”

Iyo tumenyereye nk’impeke nayo, ngo ubu bayivanga na kanyanga canke n’ibinini nka “téramycine” (Taramusini), umusengesenge, n’ibindi.

Uko nagiye ndaca mu ntara zitandukanye rero, nasanze hari mwe n’izo nzoga usanga zigwiriye cane mu ntara zimwe zimwe; izo na zo ni nk’iyo bita ikibarube iboneka cane mu ntara ya Ngozi; iyitwa umu*** w’ingwe ikorerwa kandi ikadandazwa mw’I bohero rya Mpimba; ibondo yiganje cane mu Rumonge; igongo n’ikwete mu Rutana, n’izindi nyinshi zitaramenyekana amazina dusanga mu ntara zo mu buseruko n’ubumanuko bw’igihugu nk’I Makamba, Rutana na Ruyigi.

Ibizokumenyesha abazinywa

Ku bamaze gushikwa n’izo nyobwa, usanga umuntu ubwenge bwaragiye, asigaye ayaga ibintu bitajanye, amaso aratukura ukamengo amaze gatatu atagoheka. Hari n’ibindi nko kuvyimba amaguru, abo usanga  inda ivyimvye canke amatama atukuye; ugasanga abantu uba uzi ko bakiri bato mu myaka, mugabo ukamenga barashaje kw’isura, kuko usanga umubiri waranyankabiranye, umushatsi ukabenja; aho ni aho atihereyeko kuko usanga bazinywa bakibagira n’ibifungurwa. Ico bikoze, niba magoyagi, nta co baba bagihereza amaboko, abamaze gusinzikra bakama ku musego w’ibitaro.

Izo nyobwa zifatwa cane n’abagabo, ariko hari n’abakenyezi bazihereza; abakuze co kimwe n’abakiri bato. Abakiriya bazo, akenshi ubasanga mu bafise amikoro abayabaye. Ni nka bamwe bakora ubuzi buruhisha; nk’abikorezi b’imizigo, abubatsi, abasirikare n’abapolisi bato bato, abashoferi, abakarani, aba “convoyeurs”, abaca ingero n’iyindi mice.

Ubunywero bafatiramwo izo nyobwa buri mu mihingo yose y’igihugu, na cane cane iyibamwo abantu bafise amikoro make, mugabo no mu bice bibamwo abantu bifashe, hari abazinywa. Ico bikoze, mwe n’ubwo bunywero buba buri mw’ibanga, usanga abazinywa ari bo bakunda kumenya iyengero ryazo.

*: yahinduwe izina

 

Quitter la version mobile