Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#ZaNzoga: «Gushika aho umugabo atakaza ubushobozi, umugore ntabe akija mu butinyanka»

Nk’uko ishirahamwe OMS ribimenyesha, abantu imiliyoni zitatu n’ibice bitatu bapfa kubera kunywa inzoga. Ariko kandi ngo inzoga zishobora kuba zitera ingwara zirenga amajana abiri, harimwo n’ukutavyara kuri bamwe. Twarasiguje umuhinga.

“Ubundi inzoga ziri ubwoko butandukanye dufatiye ku bukari bwazo”, nk’uko tuvyibutswa na muganga Bivahagumye Leonard, yabinonosoye.

Urugero rwa mbere rugizwe n’izikunze kwitwa “ibiyeri” rufise ubukari buri hagati ya 5 na 7%, umugwi wa kabiri ukagirwa n’imivinyu nayo iri hagati ya 12 na 13%, uwa gatatu ukaba ufise ubungana canke burenga ibice 42%; uwo mugwi wa nyuma ni na wo twoshiramwo inzoga nyinshi zitemewe n’amategeko zikoregwa mu Burundi, nka za kanyanga, imidiringi n’izindi.

Nk’uko uwo muhinga abisigura, abanywi bari imice itandatu: abatanywa (kuri bo inzoga ari umuziro), hari abigeze kunywa barabihagarika, hari abitwa ko banywa bigerera, ni ukuvuga batarenza urugero nk’uko rwashizweho n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu OMS, abanywa batategerezwa kunywa (nk’abagore bibungenze canke abariko bagendesha imodoka), abanywa inzoga mbere hakaba hamaze kwigaragaza ingaruka zazo mu kubaho kwabo. Umugwi wa nyuma nawo ni mugihe umuntu aba atagishobora kubaho neza ataronse akerera; ico bita “ingwara yo kunywa inzoga”. Mbere ngo hari Abarundi batari bake bari muri uwo mugwi, ariko bakabihakana.

Uko amagara aheza agasinzikara

Ingaruka z’inzoga ku magara y’abantu ziri kwinshi; zikavana n’ingene abantu banywa inzoga, ubwoko bw’inzoga n’urugero umuntu anywako.

Inzoga rero zifise ingaruka ku bihimba nka vyose vy’umubiri. Duhereye mu mutwe, iyo umuntu yanyoye inzoga ubwenge burahinduka, agatangura ubwa mbere kunezerwa, mu nyuma hakaza kuba ataco agitinya (akubahuka), mu nyuma akamera nk’uwataye umutwe, hama hakaza ivyo kugira itiro no gusinzira gushika mbere no gutakaza ubwenge.

Ku mutima, haza ingwara zitandukanye; iyizwi cane ikaba ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, n’inkurikizi bijana. Igitigu coco kirababara kurusha, ubona ko ari co kijejejwe guhingura ubumara bw’inzoga buba bwinjiye mu mubiri, noneho kikanabikora imbere y’ibindi gisanzwe kijejwe. Ingararuka rero ziba nyinshi uhereye ku kuvyimba kw’igitigu bivuye ku nzoga, bishobora no gushika ku ngwara ya kanseri yaco.

Izindi zishoboka ni kanseri z’umushishito, zo mu muhogo, urwagasha; aha tukamenya ko inzoga zishobora gutera ingorane z’urwagasha gushika aho haziramwo ingwara y’igisukari, n’ibindi. Ibindi ni uko kuri bamwe zitera ukubura akayabagu (maze bakonda), abandi zikabatera kugira akarenze, bagafungura cane; ari na ho hava ubuvyibuhe burenze bwa bamwe bamwe.

Ku bijanye n’amabanga y’abubatse, ziragabanura ubushobozi bw’umugabo, bishobora gushika no kubutakaza, ntabe agihagije umukenyezi wiwe (hagaca haza ukurenga ibigo). Abagore zishobora kubatera ukutaja mu butinyanka. Ivyo vyose bigashobora kuba intango y’ingorane zo kutavyara ku bubatse.

Inzoga rero zitemewe n’amategeko nka kanyanga, umunanasi, n’izindi, kubera ko zirimwo ubukare bwinshi zituma uwuzinywa ashikira rwa rugero rwa nyuma twise “ingwara yo kunywa inzoga” hakiri kare, bikamutera kuba atakizivirira; maze za ngaruka zose twabona zikamushikira n’ingoga. Aho ntitwavuze umwanda zikoranwa, bishoboka ko habamwo n’imigera y’ingwara zimwe zimwe. Ni naco gituma bene kuzinywa bataramba; nk’uko umuhinga Bivahagumye Leonard abibona.

 

Quitter la version mobile