Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Kaminuza : imvo 3 zituma abanyeshure badatonda mu cigwa

Mu mashure ya Kaminuza, turakunze kubona, mu gihe umwigisha kanaka ari mw’ishure ariko aratanga ubumenyi, abanyeshure bari imbere yiwe ata n’igice c’ikirasi buzuza. Muti none ukwo gusiba icigwa kimwe, ikindi kikitabwa biva kuki ? Umuti wo woba uwuhe ?

Ugusiba icigwa muri kaminuza ku batari bake waracitse nk’umugenzo. Ivyo biri uko, mu gihe ari hake muri kino gihugu wosanga ikirasi kidashikana abanyeshure 80 ku rutonde rw’abacigamwo. Muti none imvo z’uko gusiba icigwa kimwe, ikindi kikitabwa ni izihe ? 

Ni nde mwigisha wo mu mashure ya kaminuza yoba ataribaza ico kibazo ? Nta nkeka ko ata nyishu benshi bashoka bakironkera. Ariko, ba sokuru barayamaze ngo “nta kabura imvo ”. 

Mu kiyago nagiraniye na Mwigisha Zebaze T. Serge H, akomoka mu gihugu ca Cameroun, umuhinga mu gutunganya uburyo inyigisho zitangwa, akaba amaze imisi aha mu Burundi muri Kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika, narakuyemwo imvo zitatu zibituma.

1. Ibishasha

“ Uwo mwigisha nta gishasha aduha ” , uwo ni umwe mu myidogo isangiwe n’abanyeshure badatonda mu cigwa kanaka. 

Ubuhinga bushasha bw’inyigisho za kaminuza BMD burategekanya ko ubumenyi bugenda burahindagurika, bukiyongera, bivanye n’ukugene iterambere rigenda rirazana ibishasha. 

None, uzosanga mwigisha yigishije icigwa nk’imyaka itatu canke irenga, ubumenyi atanga ari bwa bundi, ubuhinga abitangamwo ni ugusoma nka padiri asomera injiri abakirisu, hama ace yitega ko abanyeshure baza kumutega yompi ? Kugira bunguke iki ?

2. Ingurukanabumenyi

 “Vyose narabonye aho yabikuye, nanje nzobivoma aho nyene” ; iyo ni iyindi nyishu. 

Kukaba nkakwo ; noba ndi jenyene maze kubona abigisha bagenda ku mbuga ngurukanabumenyi bakayorora ivyo bahasanze vyose uko nyene, ntibanabigosore, bagaca buzuza impapuro, bagahereza umunyeshure ngo “ akira nywa, ubumenyi ndabahaye ni ubwo ? ” 

None rero, we woba uri umunyeshure, ukaba uzi gukoresha ingurukanabumenyi gusumba na mwigisha wawe [kandi ni ibisanzwe, kuko nta wumenya vyose], hama ugatonda kumara amasaha 8 wicaye, uriko urahabwa ibintu woronka mu minota idashika na 30 ? Mbere, hari n’igihe ingurukanabumenyi usanga ibiguha mu buryo butahuritse cane gusumba n’ubwo mwigisha akoresha. 

Kira noneho, kaminuza yategerezwa kuba ikibanza c’ukuronderera hamwe n’ugusangizanya ubumenyi, ivyo gukora nka padiri imbere y’abakirisu biwe tukabirekera amashengero n’imisigiti. Ikibabaje ni uko uwo mwigisha ahindukira mu kibazo akagusaba ko ubimusubiza uko yabiguhaye. 

3. Inyota

“ Burya, mu kwinjira muri buri cigwa, hari ibintu umunyeshure aba yiteze kunguka ” ; umuhinga Zebaze ni ko asigura. Twovyita nk’inyota umunyeshure wese aba afise, noneho umwigisha akamufasha mu kumwereka canke kumuronsa icomuheza uwo mwina. 

Ni uko rero, “ icobaye ciza, ni uko buri mwigisha yobanje kuganira n’abanyeshure biwe, bakamubwira ivyo biteze mu cigwa ciwe. Bishitse naho ntibagire ico bashikiriza, kubera ko kumbure badashobora kumenya ibigize ico cigwa, mwigisha nyene yotangura akabereka ivyo yifuza ko baronka, bakagira ico bongerako canke bakuyeko. Biratuma umunyeshure agira rwiwe ico cigwa ” ; niko Umuhinga Zebaze Serges atuvunira akagohe.

 

Quitter la version mobile