Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#KwandikwaMuriKaminuza : umwaka ku wundi, ingorane ku yindi

Kwiyandikisha muri kaminuza ntivyamye bikorwa nk’uko tubibona uno musi. Uko imyaka yagiye iragenda, ico gikorwa cagiye kirahindagurika, na canecane ibisabwa ; ni vyo vyagiye birongerezwa, maze bituma ico gikorwa kiguma. Muti vyoba vyagenze gute kugira bigende biragorana ?

NK’uko tubibwirwa n’abinjiye muri kaminuza muri kahise, mu myaka y’1998-2000, kugira umunyeshure yiyandikishe muri kaminuza y’Uburundi, imwe rudende yari ihari ico gihe, yasabwa impapuro zibiri gusa : urupapuro rw’umutsindo hamwe n’urupapuro rwemeza ko yamenye ikibazo ca Reta (certificat d’homologation mu rurimi rw’Igifaransa). Urwo, rwahavuye rusubirirwa n’ urupapuro rw’umutsindo rwa Reta; ni rwo rwemeza ko umuntu yatoye ikibazo ca Reta.

Mu mwaka w’2003, hejuru y’izo mpapuro zibiri, hongeweko urupapuro rwemeza ko uwushaka gutangura kaminuza ata dosiye imukurikirana canke yigeze kumurukirana mu butungane. Ingorane ziba ziratanguye.

Umwaka ku wundi, ingorane ku yindi

Impapuro z’umutsindo zagiye zirateba gukorwa, ku mvo z’ubwinshi bw’abanyeshure canke izindi; urwo ruca rusubirirwa na rumwe rwemeza ko umunyeshure yatoye ikibazo ca Reta, rutangirwa mu bushikiranganji bw’indero, mu biro bimwe rudende; vyumvikana ko bitoroha iyo baje kururonderera rimwe ari benshi.

Eka n’urutangwa n’ubushikiranganji bw’umutekano, rwemeza ko umuntu adakurikiranwa n’ubutungane, gushika mu mwaka w’2016,  rwatangirwa i Bujumbura ku biro vy’ico gipolisi gusa, abanyeshure n’abandi barukeneye bava mu mihingo yose y’igihugu bagahurira muri ico kibanza kimwe rudende.

Mu nyuma, ku mfashanyo y’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu kiraba iterambere “PNUD”,  mu mugambi w’igihugu wo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu urangurwa n’ubushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta,  kuva mu mwaka w’ 2017, harashizweho ibiro bitanga izo mpapuro mu ntara zitanu z’iguhugu, ari zo Bururi, Gitega, Ngozi, Mwaro, na Muyinga. Ivyo vyarafashije buhorobuhoro, ariko, ico kibazo nticigeze gitora inyishu ihagihe.

Ibibanza ni bike, ababigana bakaba benshi

Hambavu y’ingorane y’uburyo izo mpapuro zitwara, ikindi kizituma zigorana kuboneka ni uko ibibanza zitangirwamwo ari bike, nabo abantu bazirondera ibitigiri biguma vyiyongera ku mwaka ku mwaka. 

Nk’uko biri mu cigwa co kunagura inyigisho mu mashure matomato n’ayisumbuye, umugambi w’2012-2020, ibiharuro vy’integabizoza vyategekanya ko abanyeshure biga mu mwaka urangiza amashure yisumbuye bava ku 10 962 mu mwaka w’2010 bakaja ku 41 153 muri uyu mwaka turimwo. Ariko, abakora ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo kubandanya kaminuza bavuye ku 40 000 mu mwaka w’2016 baja ku 78 604 mu mwaka w’2019.

Biragaragara ko ivyo bitigiri birengera kure n’iyo integabizoza z’abahinga. Rero, biguma vyiyongera kuri uwo murindi, mu gihe ibibanza bitangirwamwo izo mpapuro vyo bitongerekana; vyumvikana ko abazirondera batazironkera aho bazikenereye, bigaheza bikabatera ingorane.

Uno musi, Uburundi bufise amakaminuza agera kuri 49 ; abaja kuzigamwo bose bagategerezwa guca mu bibanza biharurwa ku ntoke z’ikiganza kimwe bibaha impapuro zibemerera kwiyandikisha ngo babandanye amashure ya kaminuza. Ni uko biheza bigatera uburemere bw’iyo ngorane, buri mwaka, igihe cose hageze kwiyandikisha muri kaminuza.

 

Quitter la version mobile