Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#KwandikwaMuriKaminuza : “ Dusabe inema y’ukwihangana ? ”

Iyandikwa ryaraheze, ariko hari abatazokwibagira iyo vyaciye. Zimwe mu mpapuro basabwa muri uko kwiyandikisha zikaba zitaboroheye kuronka. Ni icibukiro.

Ncuti Eric*, ni umunyeshure avuka mu ntara ya Karusi, muri komine Nyabikere. Ikintu camutumye amanuka i Bujumbura, ni zimwe mu mpapuro yategerezwa gutanga mu kwiyandikisha muri kaminuza. Avuga ati : “kumanuka i Bujumbura nta mugambi wavyo nari mfise, iyo hataba iki gipapuro; kuko umugira neza yanyemereye kunyigisha, yambwiye ko nzokwiga i Gitega. Namanutse nzi ko nzomara n’imiburiburi imisi ibiri, canke itatu mu gihe vyatevye.”

Ng’uwo Eric arashitse i Bujumbura, ku biro bitanga urupapuro rwemeza ko umuntu yatoye ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kwinjira kaminuza. Bene kumwakira bamuhaye isango ryo kugaruka kurutora inyuma y’imisi 8. Umurima uca uja amayira abiri: “nsubire inyuma ntajanye urwo rupapuro ? Kugaruka ntivyokworoha. Kurindirira mu gisagara ? Hehe ?”

“Muvyara wanje, asanzwe akora akazi ko kunyonga ikinga aha i Bujumbura, yari yansabiye indaro y’imisi 3 itarenga. Vyabaye ngombwa ko asubira kunsabira ukundi gushasha, yongera anguranira udufaranga two kumara iyo yindi misi. Aho, nkaba nabanje kwemera gushika ku gatumba ndayapagasa, kugira ndayamurihe”; ni ko Eric abitwiganira.

N’ababa hafi ntiboroherwa

Na Mpundu Trésor*, avuka mu ntara ya Bubanza, ntivyamworoheye kubironka. Yahawe isango incuro zibiri zose, ariko ata n’imwe bikunda. Muri ukwo kuzembagirika, amafaranga yarahatikiriye, n’umwanya wiwe wose urahatakarira. Ati: “harageze igihe ndabura ico mfata n’ico ndeka, kuko imbere n’inyuma nari nsigaranye amafaranga atarenga 2000 gusa.”

Ayo masango adashika rero ni yo yatuma abatari bake bihebura. Nk’uko bivugwa n’abo banyeshure, uwo vyitwa ko binyarutse, ntaja musi y’imisi 3; mu gihe hari n’abo bimara indwi n’iyerenga.

Hagat’aho, hari ingeso zo guterwa ivyatsi zagiye zibonekeza, aho hari abantu baza kurondera urwo rupapuro, bakarara barutahanye, mu gihe abandi barindirizwa n’imiburiburi imisi 3; aka mwana wa mana? Igiturire? Mbaza nkubaze.

Umuruho

Urugorana cane, ni urupapuro rwemeza ko watoye ikibazo ca Reta, gitanga uburenganzira bwo kwiga muri kaminuza, canke urupapuro rwemeza ko wakoze ico kibazo mu gihe utashikanye ibice 50%. Izo mpapuro,  nta handi na hamwe zitangirwa mu gihugu cose atari i Bujumbura.

Nshitse mu Kigobe aho zitangirwa, nahasanze abanyeshure benshi bava mu mihingo itandukanye y’igihugu. Mu maso, narabona ko nka bose barushe, ndetse banihebuye. Ntibarira busema, kuko hari benshi baba babaye mu buzima bumwe na Trésor canke na Eric; baba batorohewe no gutondera izo mpapuro.

Ubushikiranganji bujejwe ivy’indero burakwiye kwiga ukuntu izo mpapuro zotangwa, abazikeneye batarinze gucumukura; abava kure bakabapfunyiriza urugendo. Nk’akarorero, mu myaka iza, izo mpapuro zikazorondererwa mu buyobozi bujejwe ivy’indero mu ntara.

*:yahinduwe izina

 

Quitter la version mobile