Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#KwandikwaMuriKaminuza : inzira y’umusaraba ?

Haheze amayinga yababa abiri abanyeshure barangije amashure yisumbuye batanguye ivyigwa vyabo vyo mu ma kaminuza, ku bashoboye kuronka ubwo burenganzira. Hagati y’umusi w’ukurangiza ishure ryisumbuye n’umusi w’uguhonyoza ikirenge mw’ishure kaminuza, urugendo ni rurerure. Kubera iki ? Bene kuharuhira bokworoherezwa gute ? Na nde ?

Hari impapuro zitandukanye abanyeshure bipfuza kwinjira kaminuza basabwa. Ntimwibaze ngo ziba zizimvye cane. Nka zose zisaba amafaranga 1000 rumwe rumwe.  Ariko, uravye ukuntu zingana n’ukuntu harimwo izicumukuza bene kuzirondera, utubazo ntitubura kuvyuka. Ubwinshi bwazo butuma uwuzirondera yikokora, akahamarira uburyo n’umwanya. Aho ntituvuze gucurumba, bagenda bagaruka.  

Uburuhe, ukwihebura, inzara n’inyota,… ni vyo biranga imirongo iba itonze imbere y’ibiro, vyaba ivy’ubushikiranganji bw’indero canke ubw’umutekano, barindiriye izo mpapuro. Muri abo batonze, hari ababa ari irya mbere baje kuzisaba, n’ababa baje kw’isango rigira kabiri, gatatu canke karenga… Ikigaragara, ni uko izo mpapuro zicumukuza abazirondera, kandi ata kundi bari bubigenze kuko bategerezwa kuzironka imbere yo kwandikwa. 

“Igihugu umuce”

Nk’uko tubisoma mw’itegeko ngenderwako rishasha rya kaminuza y’Uburundi, ingingo ya 16 irerekana urutonde rw’ibintu uwiyandikisha atagerezwa kwibangikanya: impapuro 11 zose hamwe, hamwe rero n’impapuro zemeza ko barihiye kwiyandikisha, n’amafoto atatu. 

Iryo tegeko nyene rirarekurira kaminuza gusaba izindi mpapuro zose ziyongera kuri izo, mu gihe bikenewe ; ubuyobozi bujejwe ivyigwa muri kaminuza bukira kubimenyesha ukwezi kumwe imbere y’uko kwiyandikisha bitangura. Ivyo vyose bitwara amafaranga, inguvu n’umwanya wo kubirondera.

Ba sokuru barayamaze bati : “ Igihugu umuce ikindi umuce” ; mu zindi kaminuza, baba bitunganije ukundi n’ibisabwa vyabo. Ariko hose, icibonekeza, ni uko hari impapuro zibiri zigoye kuboneka: urwemeza ko umunyeshure yatoye ikibazo ca Reta kimwemerera kuja muri kaminuza n’urwemeza ko adakurikiranwa n’ubutungane, zitigera zihara. 

Mu 2017, kubera urutangirwa mu bushikiranganji bw’indero vyagaragaye ko rutari rworoshe kuboneka, vyabaye ngombwa ko baba barabakira n’abatarufise, bagasabwa kubandanya kuguma barurondera kugira bakwize dosiye. Iyindi myaka yose, izo mpapuro zose zitabonetse, umunyeshure ntiyiyandikisha.

Uyu mwaka w’2020 naho, bivanye kukubona amananiza aranga ukurondera zimwe muri izo mpapuro, hari zimwe mu ntara zaciye zihutira gufata ingingo zisa n’izije gupfunyiriza urugendo abo banyeshure. Nta wutobishima. Ariko none ubwo, izo ngingo zirahagije?

Amananiza

Biratahuritse ko umunyeshure, agiye ku rugero rwa kaminuza, ategerezwa kugira dosiye ikomeye, igizwe n’impapuro zidasanzwe. Ariko rero, birakwiye ko yoroherezwa, akabironka vyoroshe. Ntitwibagire ko uwo munyeshure avugwa ari wa wundi avuka mu muryango winjiza musi y’idolari rimwe ku musi, agakenera kuyafunguramwo, kuyambaramwo, no kuyivuzamwo ; tutibagiye n’uko Uburundi n’aho ari buto, ukwiyunguruza navyo bitoroshe

Kuva kaminuza zibaho, impapuro zisabwa ntizigeze zigabanuka. Haba na mba. Nyabuna zagumye zongerekana, ziva kuri zibiri mu myaka y’1990 zija kuri 10 n’izirenga. Mbega ryoba ari iterambere ryo ku rwego rwo hejuru ? Ibaze namwe!

Mu rukurikira rw’ibisomwa bigiye guca kuri runo rubuga, tuzobona uko izo mpapuro zagiye ziragorana kuboneka n’icabitumye, amakuba urwo rwaruka rubona ruri mu bihe vyo kwiyandikisha, twongere turabire hamwe n’inzira zishoboka kugira ico gikorwa corohe ku neza y’umwana w’Umurundi.

 

Quitter la version mobile