Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#ZaNzoga: ico amategeko avuga

Mu kwezi kwa ruhuhuma, twarabashikirije ibisomwa bijanye n’inzoga zitemewe n’amategeko.  Muri urwo  rutonde, vyaragaragaye ko inzoga atari ikinyobwa gisanzwe. Gutyo, ukuzikora, ukuzidandaza n’ukuzihereza bikaba vyategerezwa kugengwa n’amategeko atomoye.

Amategeko y’igihugu, na cane cane itegeko mpanavyaha, asanzwe ahana abakora, abadandaza n’abihereza ibinyobwa bitazwi n’amategeko. Ingingo y’521 irihanikiriza ukwinjiza mu gihugu, ugukora n’ukugurisha inyobwa zitemewe n’amategeko.

Si ivyo gusa, kuva ku ngingo y’512 kugeza ku ngingo y’524 y’iryo tegeko, nta kindi kivugwamwo atari ubwoko bw’ivyaha n’ibihano bijana, ku nzoga ziswe izitemewe n’amategeko.

Hari n’ibindi

Iruhande y’amategeko, hariho n’ibindi bikorwa vyerekana ko ishaka ririho mu gihugu ryo gutuza ibinyobwa bitemewe n’amategeko.  “Mu mwaka w’2016, ubushikiranganji bw’amagara bujejwe amagara y’abantu bwarashizeho umugambi wo kugwanya inzoga ugukoresha nabi inzoga, ku rwego rw’igihugu. Vyategekanijwe ko uwo mugambi womara imyaka itanu”; ivyo bishikirizwa na Bernadette Munezero, umuhuzabikorwa wo mw’ishirahamwe Bapa, ryishinze gusaba ko inzego zoshiraho amategeko agenga inzoga mu Burundi.

Uwo mupfasoni arabandanya ati: “Mu mwaka w’2018 naho, ubwo bushikiranganji nyene bwatunganije integuro y’itegeko ryerekeye ukwihereza, ukudandaza hamwe n’ugukora inzoga mu Burundi; ariko iyo nteguro iracatebaganye kwemezwa n’inzego zibijejwe.”

Ariko rero…

Uguhanura abakora izo nzoga zitemewe n’amategeko ngo bazihebe, izifashwe zigaseswa, ivyo vyama vyakozwe mu mihingo itandukanye y’igihugu.  

Yamara rero, utwo twigoro twose inzego zimwe zimwe zigira ntiturashobora kugabanya canke guhagarika umurindi w’igwirirana ry’inzoga zitemewe n’amategeko. Eka ndetse, nta n’ikirakorwa kiboneka cotuma Abarundi bahindura ingendo, bimwe biboneka, ku bijanye n’ugukora, ukudandaza n’ukwihereza urukanywa.    

Bernadette Munezero ati: “Uretse ko inzego z’igihugu zikwiye gushira ahabona urutonde rw’izo nzoga zitemewe n’amategeko, birakwiriye ko hashirwaho amategeko atomoye, kandi ayo agashirwa mu ngiro”; ivyo ngo vyofasha Abarundi kwikangura, bagahindura ingendo ku bijanye n’inzoga.

 

Quitter la version mobile