Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#ZaNzoga : twazinywa twareka, hari ukuntu…

Mu Burundi, ugukora, ukundandaza n’ukunywa inzoga, ni ubuzima bwa misi yose bwa benshi. Kumbure bituruka ku kibanza urukanywa rusanzwe rufise mu mucokama w’ikirundi. Ico bikoze, Abarundi nta vyigwa barakora ku nyungu n’agahombo babikuramwo, ari na ho hava agahaze. Tugiye kubayagira ku nzoga zitemewe n’amategeko.

Ziri ubwoko injojo ! Kanyanga, umudiringi, umunanasi, umugorigori, igisubi, n’izindi ; nta wozidonda ngo azimare. Hari izikorerwa aha iwacu n’izizanana hanze y’igihugu. Nk’uko bigaragara mu rukurikirane rw’ibisomwa tugiye kubashikiriza, uhereye mu gisagara ca Bujumbura ukageza mu ntara zose zigize Uburundi, hamwe hose hari ubwoko butandukanye bw’izo nyobwa.

Uburyo mwe n’izo nzoga zikorwa, abazihereza, amasaha bazinywerako, ibibanza, urugero n’ingaruka ivyo vyose biheza bikazana, ni akumiza ! Naho nyene bene kuzikora bakoresha ivya ndagutakiye, bakazikorana isuku rike, abazinywa ivyo ntavyo babona. Kandi burya ngo « ni bo benshi gusumba abihereza izitwa iz’ikizungu »,nk’uko vyemezwa na bamwe mu babikurikiranira hafi.

Ata gikozwe…

Hirya no hino twama twumva utwigoro tw’inzego zitandukanye, mu ntumbero yo kurwanya ubwo bumara. Hari abategetsi bagerageza kwama bariko barazisesa aho bazisanze hose, abafata ingingo rimwe na rimwe ugasanga nta nguvu zikwiye zifise, n’utundi twigoro.

Ivyo vyose biramaze gukorwa ibihetangabo vyinshi. Ariko, urugero izo nzoga zikorwa canke zinywererwako, eka ndetse n’ubwoko bwazo, bikomeza kuduga nk’uko twasanze bimeze.

Muti none umuti woba uwuhe ?

Ku ruhande rumwe, « umuhinga w’ukuvura isumbi, avura icayiteye », ku rundi ruhande naho : « imiti ikora ikoranye ». Bisaba uruhara rwa benshi ; hari abasabwa gufata iy’imbere n’abandi basabwa guherekeza.

Mu ntumbero yo kugerageza kuvyura no gushira ahabona ingorane zituruka ku gukora, ukudandaza n’ukwihereza mu buryo butabereye inzoga zitwa zitemewe n’amategeko, Yaga igiye kubashikiriza urukurikirane rw’ibisomwa kuri ico kibazo. Twiteze ko Abarundi batandukanye, umwe wese ku rugero ariko, uhereye ku bafata ingingo, abazishira mu ngiro n’abo zikorako, umwe wese azotahura yongere ashitse uruhara rwiwe ; ngo bikunde dutabare abamaze kugwa mu kaga, abatarakomereka bakingirwe.

Vyose hamwe, ni mu rukurikirane twise #ZaNzoga. 

 

Quitter la version mobile