Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#ZaNzoga: « Inkuru y’inkuba … »

N’ubwo abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano badasiba kwita ku rutare ngo bazituze, inzoga zitarekuwe n’amategeko ziragisibije mu mihingo itari mike y’igihugu. Abazidandaza babikora ataco binona bakibagira ko izo nzoga zifise ingaruka mbi nyinshi. Hano tubahe uburorero bw’abaza barasinzikaye.

Eric* amaze guhindurirwa aho akorera incuro nyinshi (“mutation disciplinaire”). Bamukuye mu ntara zidandazwamwo umunanasi bamujana aho udakunze kuboneka, ariko naho nyene akaborerwe ntiyagahevye. Ubu aranywa, bwije akarara ku nkombe z’ibarabara, bwaca agatonda mw’ishure yavumbagaye, imbere y’abana yigisha.

Mu mwaka uheze hoho, yarakubise umugore wiwe afise imbanyi irateba irakoroka, bitewe n’inzoga yari yanyoye.  Mu nyuma baravanye, ubu umugabo arara aho bwije ageze. Agashahara kaza yarakamaze kose, ahembwa ajana mu kabare. Abamwegereye bemeza ko ahora afata urugendo rurenga ibirometero mirongo ibiri agiye kugura umunanasi iyo bawukora.

Uwundi ateye ikigongwe ni Chantal*, umuvyeyi w’abana batatu. Ubu basigaye ari impfuvyi kandi bari bagifise nyina abavyara; baramuburiye hejuru!  Kuva se apfuye, umwana mukuru yari afise imyaka icenda, nyina yadukanye ingeso yo kunywa umunanasi. Uko imisi yaciwe, yama atonda iyo barukanye gushika n’aho yaduka kugurisha agatongo k’umuryango. Uno musi, abo bana babaye mu ngorane zidasanzwe. Babeshejweho n’ababanyi. Bazindukira gusega, iyo babibuze bakarara ubusa. Icibagiwe co ni ukuja kw’ishure. Ubu basa n’abariko barigira haruguru, baraja guca ingero, ariko ayo baca hari aho baca baja kuyavuzako nyina nk’iyo yatemvye akavunika canke agakomereka kubera akaborerwe.

Si abo gusa

Umwe mu ndongozi zo muri iyo ntara ya Kayanza twaganiriye agira ati: « Abantu biguze inzoga zitemewe n’amategeko bafashwe nk’abasazi mu kibano, kuko bakora ibitaroranye, bashira isoni bakagira n’amanyama. Ngo abahungu bobo barumba ari abasore, ntibaba bagishoboye no kuja kuresha inkumi. » 

Si ivyo gusa; mu kinyamakuru Iwacu, hari inkuru yasohotse y’umuntu wo mu Mbogora, mu ntara ya Mwaro, yahevye kaminuza kubera ukunywa umudiringi n’inzoga yitwa igiti yari yamenyereye.

Mu kibano, imiryango irimwo abanywa izo nzoga yamamwo urwamo. Indero y’abana bahavutse iratituka. Abazinywa barahinduka, ugasanga ntaco bakimaze mu muryango, ndetse nta n’ico bacubaha. Bene kuzinywa, usanga ataco bitayeho atari inzoga yonyene.  Ikizira ni uko ashobora gusangira ikiyago n’abandi kuko ntaba akizi ico ikiyago kimaze.

Uwobivuga ntiyobiheza, ariko be n’abo bantu usanga ari umuzigo ku miryango yabo; kuko uretse ko ataco baba bagihereza amaboko kiretse icupa, baguma bakeneye kuvuzwa mu gihe bagwaye, canke iyo bashatse izo nzoga ata mahera bafise, bikabatera no kwiba.  

*: Yahinduwe izina

Quitter la version mobile