Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Uri umwo ? Uradeya ? Ni akavubu ? » : Ikirundi kiri kune kikaba gutanu

Mu gihe Uburundi buri mu bihugu bike kw’isi bifise ururimi kavukire rumwe, hari uduce tumwe tumwe usanga dufise Ikirundi twisangije ; nabibonye mu ntara kama ya Kumoso.

Nta misi irahera ngize urugendo rw’akazi mu ntara ya Ruyigi, neza na neza muri komine ya Gisuru. Mu gihe ryari irya mbere ndahahonyoza ikirenge, narazimiye, bisaba ko ndondera uwunzimurura. Niho nahura n’umutama kw’ibarabara, maze mbanza kumuramutsa nk’uko umuco w’ikirundi ubidutegeka. 

N’icubahiro cinshi nti « ndabahaye bwakeye mutama ! » Mu kunyishura, arungikanya ati « Uri umwo ? Uradeya ? Ni akavubu ? ». Kubera ukudatahura ivyo yari anyishuye, nca ndamubaza ko ari Umurundi. Uri uwundi ati : «  Ndi we ijana kw’ijana. » 

Niko kuja muvyo kunsigurira ko iyo ari indamukanyo y’Ikirundi mw’ako gace, ndetse anansigurira uko baca bishura, aho bagira bati : « Ndi umwu, ndadeya ndewe, ndi kene ». Twaciye tubandanya tuyaga, ndetse mu kunzimurura aranamperekeza, agenda arambwira vyinshi ku nsiguro z’iyo ndamukanyo.

Insiguro

Ikirundi kivurwa mw’ako gace ka Kumoso, utahabaye canke uhavukire, si bose bagitahura. Kubw’uyo mutama Nyandwi Petero, ubu akwije imyaka mirongo irindwi n’itandatu, ngo ikirundi co muri ako gace kiratandukanye n’ikivugwa mu zindi ntara kama z’Uburundi. 

« Uri umwo ? » bikaba bibazwa uwuramukijwe ko afise iwe, aho aba. « Uradeya ? » naco, kikabaza ko ufise amagara meza, ukomeye ku mubiri. Nayo « Ni akavubu ? » kikabaza uwuramukijwe ko akomeye mu bihimba vy’irondoka, ko igitsina ciwe gikora neza. 

Naho bir’uko, kubw’uyo mutama, iyo ndamukanyo ngo hari abo itaramutswa yose, cane cane mu gace kabaza ko ari akavubu. Ndetse n’iyo bayiramukijwe kubera ukutamenya, ntiyishurwa.

Abo nabo ni bande?

Vyose bituruka mu nsiguro y’ako gace « Ni akavubu ». Mu gihe kabaza ko ukomeye mu bihimba vy’irondoka, iyo mvugo yafatiwe ku mvubu iri mu mazi ; iyo ikomeye, usanga iza iriburura umutwe mu mazi, yongera iwibika. Gutyo, iyo mvubu ikagereranywa n’igitsina gabo, iyo cafashe umurego mw’ipantaro.

Kubw’uyo mutama Petero, iyo uwuramukijwe yishuye ati « Ndi kene », bisigura ko ari umugabo, ndetse n’uwomuha umugore yomwabira. Ico nico gituma abakenyezi n’abigeme, ako gace k’indamukanyo katabaraba, batakaramutswa, ndetse n’uwihenze akakavuga, batakishura.

Uri uwundi ati : « Uwutazi ikirundi akirundwamwo » ; naratangaye nsanze Abarundi tutazi bihagije Ikirundi kivugwa mu ntara zose z’Uburundi, gushika aho umurundi aba nk’umunyamahanga mu gihugu ciwe. 

Nimba hatariko hararengerana, harageze ko abajejwe gutunganya icigwa c’ikirundi mu mashure, bosubiramwo indinganizo y’inyigisho z’urwo rurimi ; maze Ikirundi cigishwe bafatiye ku budasa bwaco, umwanya ukwiye, kugira ntidusubire kuba nk’abanyamahanga mu rurimi rwacu.

 

Quitter la version mobile