Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Kwigisha indimi mu mashure shingiro: umwana ni uwosoma akiri muto!

Amashure shingiro ntazobandanya kwigisha, mu mwaka wa mbere, nk’uko vyahora, indimi zine ari zo: ikirundi, igifaransa, igiswahili n’icongereza. Kubwa Egide Nikiza, iyo ngingo ni nziza ariko ngo hari hakwiye izindi ziyishigikira kugira ubumenyi bwiyongere mu bijanye n’indimi.    

Abanyeshuri bo mu mashuri nshingiro bagiye kuza bariga ukwandika ikirundi no gusoma igifaransa kuva mu wa mbere. Mu mwaka wa kabiri, igifaransa bazoheza bige kucandika. Icigwa c’icongereza bozoza bariga ukugisoma mu mwaka wa gatatu, ukucandika navyo bazovyigishwa mu wa gatanu. Ukuvuga igiswahili bizokwigwa kuva mu wa gatanu, maze ukucandika biheze bibe mu mwaka wa gatandatu.  

Uyo ni umugambi uri mu nteguro nshasha y’itunganywa ry’inyigisho z’indimi mu mashuri shingiro. Iheruka kwemezwa n’Inama nshikiranganji yo kuwa 12 kigarama.

Indinganizo nziza

Abagize Leta y’Uburundi basanze ukwigisha indimi zine zose kuva mu mwaka wa mbere bidaheza ngo bifashe mu nyigisho zibandanya.  

Mu mwaka wa kane, abanyeshure bazoheza bigishwe ivyigwa vy’ibiharuro n’ivy’ubuhinga mu gifaransa mu ntumbero y’uko bategurwa kwiga ivyigwa vyose kuva mu mwaka wa gatanu mu rurimi rw’igifaransa.

Mu runani ‘‘Bafashe bige’’, rwitaho ivyerekeye indero mu mashuri, barashima iyo ndinganizo nshasha. Samandari Yohani, umukuru w’iryo shirahamwe, avuga ko ukwiga indimi zine kuva mu wa mbere bitoroshe; ati: “Mu mwaka wa mbere, usanga umwana ataranamenya neza n’ikirundi.”

Uwo akurikiranira hafi ivyerekeye igisata c’indero yibutsa ko ivy’ukwiga indimi zine mu mashure ari bishasha. Ngo iruhande y’abana, n’abigisha ubwabo ntibavyumva neza. Ati kira noneho, “haheze igihe c’imyaka 5 canke 10 ni vyiza ko hasuzumwa ko biriko biragenda neza, bigihwanye n’igihe gihe abantu bagezemwo.”  Samandari akavuga ko iyo nteguro nshasha izogirira akamaro abana, indero muri rusangi.  

Yamara ivyo ntibihagije

Iyo nteguro nshasha y’ukugene indimi zigiye kuza zirigishwa mu mashuri nshingiro ni nziza. Izotuma abana biga neza maze bagatandukanya icigwa c’ururimi n’ikindi.

Ariko rero, jewe mbona ko iryo hinduka ry’integuro rero, ryonyene ntaco ryofasha, hamwe abanyeshure boguma bitwara uko biri muri kino gihe.  Barakwiye kurifatirako bakiri bato, abigisha bagafasha mu kubahimiriza gusoma. Ikiboneka ni uko ubumenyi mu mashure, mbere no ku vyerekeye indimi, bugenda buragabanuka.

Ni ko, ibitabu si vyinshi mu masomero, ariko ivyo gusoma birahari mu ma komine nka yose biciye mw’ishingwa ry’amazu yo gusomeramwo hamwe n’ivy’akaranga.

 

Quitter la version mobile