Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Nize ikirundi bantwenga, kingaburira batangaye

Ncinjira kaminuza, hari abantwenze ngo nize ibitagira akamaro mu buzima. Ni nde yababeshe ? Ikirundi kirambeshejeho, jewe n’abanje. Sinibagira iyo navuye. 

« None nk’aho uriko uta umwanya wawe, ivyo wize bizokumarira iki mu buzima ? » Ico ni ikibazo nabajijwe incuro nyinshi cane n’abantu banebaguye igisata nariko ndiga, ncinjira muri kamiNuza. Vyarashika na jewe nkumva ko noba ndiko ndiga ibintu bitagira agaciro. Yamara, ni je nari nagihisemwo.

Maze guheza amashure yisumbuye, nsaba igisata nokwigamwo muri kaminuza. Muri bitatu nasavye, harimwo igisata c’Indimi n’Amayagwa vyo muri Afirika. Abajejwe gutanga ibisata vyo muri kaminuza baciye bampa igisata cigirwamwo ivy’inyifato. Naciye ndacanka nsubira gusaba ibisata vy’indimi n’amayagwa vyo muri Afrika nyene. Baca barantunganiriza. Ingorane ziba ziratanguye.

Namaze umwaka wa mbere ntaryohewe, kubera ko aho nciye mu biga mu bindi bisata, bambwira ko ndiko nta umwanya wanje, ngo nize Ikirundi muri kaminuza, e mama ngo mu biga sindimwo…

Maze gushika mu wa kabiri, narakunze ca gisata canje, ndagihimbarirwa pe ! Numva umengo ndabona iyo nja. Ubona ko nari nsanzwe nkunda Ikirundi, narabandanije kugeza aho ndangiza ivyigwa. 

Maze guheza

Bidatevye, naciye nigisha ikirundi kw’ishure rimwe mu yo ngaha i Bujumbura ; kandi ryigako abana b’abifise. Naranezerwa ndiko ndigisha. Narakunda abanyeshure, nabo bakankunda. 

Muri uwo mwaka nyene, hari uwaciye andondera, ampa akaraka ko kuza ndahinyanyura ibijanye n’Ikirundi mu mareresi yariko aratunganya. Yarampemvye ndashima. Erega n’izina ryanje ryarandikwa ku mareresi yahinyanyuriwe i Buraya ; ngahimbarwa. 

Ico kirundi ni co catumye mba umumenyeshamakuru, kandi uwo mwuga ndawumazemwo imyaka 10. Mu kinyamakuru natanguriyemwo, bahamagaye abize indimi n’amayagwa vya Afirika ngo bazane amadosiye bahiganirwe kuronka akazi, baca barangomwa. Bukebuke, uwo mwuga wampaye abantu benshi, nshika aho ntoshitse, kandi unyigisha vyinshi.

Igitangaje, uko nahura n’umuntu yize ibindi bibaza ngo birimwo ubuzima kurusha, yarambaza ngo mbe harya wize iki ? Namubwira ca gisata ; ukaza wumva avuze ati : « None vyagufatiye hehe ngo wige ibintu ataho bizogushikana ? » Aho hose, yaba atagira akazi, nanje nza mbeshejweho na ca kirundi bakengera. 

« Ikirundi, Uburundi, Abarundi »

Umwe mu bigisha twari dufise muri kaminuza yama akunda kutubwira ati : « icivugo canyu cari gukwiye kuba Ikirundi, Uburundi, Abarundi .»

Uvyumvise uko, womengo birasanzwe ; mugabo woba utazi Ikirundi kandi witwa Umurundi ;… Ibaze namwe ! Bisigura ngo niwakunda ikirundi (imvugo y’ikirundi, indero ndundi, imico y’ikirundi n’ibindi), uzoba uri Umurundi atari uwanditswe mu gitabo c’ubwenegihugu gusa. Umaze kuba uwo Murudi rero, uzokunda Uburundi, kuko uzoba ubuzi wisunze ico kirundi. None wokunda igihugu utazi ivyaco gute ?

Ntugakunde ico utazi rero, kandi ufise ubwenge. Ntuzimirane amaso utari agahuzo. Ntihagire rero uwusubira kwihenda ngo Ikirundi ntaco kimaze, uwutabizi araza ambaze. 

Mu mashure, bakenyere bagihe umwanya ukwiye, abacigisha bakarihirizwe ubwenge, kandi ubutohoji bubandanye. Utazi Ikirundi, burya uba waratakaje imizi. Urabura amaja n’amaza, kandi ugasanga uwukubwiye Ikirundi uramunebaguye. Iyo hageze kuvuga ijambo ry’urubanza, mpora mbona abantu babura ayo bacira n’ayo bamira. Uwuvuze neza agahundwa amashi !

Enda ni dukunde Ikirundi, tugikundishe n’abacu, ni ngirakamaro.

 

Quitter la version mobile