Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#KwitunganirizaImigambi: abavyigiye bo bagereye he?

Mu mwaka w’2011, Kaminuza y’Uburundi, yaratanguje igisata c’Ukwitunganiriza Imigambi mu vy’imico n’akaranga. Abanyeshure barangiza ico gisata bahereza he ? Ni izihe ngorane bagira bashitse mu buzima busanzwe?

Ico gisata cashizweho muri ya ntumbero nshasha y’inyigisho (BMD), aho ihangiro ari ukumenyereza umunyeshure « kwiga adahanga amaso Reta ko ari yo yonyene itanga akazi ». Cagiyeho kugira « gifashe abaciga kwiteza imbere canke gukora imigambi mu vy’imico n’akaranga bafatiye ku vyo bize ».

Cyriaque Arthur, umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi, ari nawe yitaye ku rutare kugira ico gisata kibeho muri iyo Kaminuza, avuga ati: « Mu Burundi, benshi bafata imico n’akaranga nk’udukino dusanzwe, ari naco gituma batwita “utugenegene”. Ariko, aho barahihendera cane, kuko imico n’akaranga ari zo nyabuna nkingi z’iterambere ».

Kuva ico gisata kibaho, kimaze gusohora incabwenge 82. Ariko, nk’uko bamwe muri abo babishingira intahe, ukuba baraciye muri ico gisata si ko kworoherwa mu kwitunganiriza imigambi y’iterambere; kuko bidasaba ubumenyi gusa.

Wa muhini mushasha… 

Eloi*, umwe mu barangije muri ico gisata mu mwaka uheze  ati : « Ntivyoroshe na gato, ubona ko ivyo kubeshwaho n’ico gisata atari ibisanzwe bimenyerewe mu Burundi, rimwe na rimwe umuntu agitangura, arabura n’aho ahera ».

Kumbure kubera ubwoba rero no kuremerwa n’amajambo y’ababanyi n’abaryango, benshi bahitamwo kutabandanya ivyo bitamenyerewe mu Burundi, bakaja kuronderera ahosumba ahandi. Nk’uko Eloi abishimangira ati: « Usanga benshi mu barangije muri ico gisata bariko bisumamwo hirya no hino, mu bintu ataho bihuriye n’ivyo bize. » 

Biracakengeretse

Ivyo bikorwa vy’imico n’akaranga birakundwa cane n’abantu bagira imanza; zaba iz’ubugeni, imisi mikuru mu gihugu n’izindi. Ariko n’aho biryoshe, Abarundi baracabikengera. Uwubikora afatwa nk’umuntu w’umunyatugenegene nyene. N’iyo bageze kumuhemba, umengo ni ukumusororera. 

Muri ico gihe rero, urumva ko bisa nk’uko ata kintu umuntu afise ashora kw’isoko, noneho ngo abikuremwo umwimbu womutunga n’abiwe. Ababikora nabo baca badebukirwa, n’imigambi yo muri ico gisata ntitere imbere. Abo bavyize benshi bahitamwo kuja mu bindi vyitwa ko vyubashwe, bizeye kubaho neza gusumba. 

Akagumye bagumako?

Ivyo gukora muri ico gisata biragwiriye cane mu gihugu cacu. Umuntu ashobora gukorera mu mvyino ndangakaranga, mu bacafyi, ababumvyi, mu baririmvyi bagezweho, mu bakinyi b’ibikino n’ivyese, n’ahandi. 

Ariko, kubera ari ibintu bitarahabwa agaciro nk’ivyobeshaho umuntu aha iwacu, haracakenewe ubufasha bwa bamwe n’abandi; na cacecane Reta.

Nk’akarorero, harakenewe ikigo kijejwe kurondera abo bose bakorera mu vy’imico n’akaranga kugira berekane ivyo bakora; bimenyekane. Ico kigo ni co coja kirategura ibibanza vy’ihayanisha-gurishwa ry’ibikorwa bitandukanye vy’abo bahazampano, n’amahiganwa yo kumenyekanisha ibiratwa bitandukanye igihugu cacu gifise.

Ivyo vyose kugira bishoboke, ntihakora ubumenyi butangwa muri ico gisata gusa; nyabuna hakenewe uguhinyanyura amategeko n’amateka aranga igisata c’imico n’akaranga, eka ndetse n’uguhamagarira bifatanye n’ukongereza amahirwe ku bashaka gutumbereza imitahe n’imigambi yabo muri co.

 

Quitter la version mobile