Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#KwandikwaMuriKaminuza: akamo ku bushikiranganji bwindero n’ubw’umutekano

Si agaseseshwarumuri, impapuro zisabwa abanyeshure bagiye kwiyandikisha muri kaminuza ziragoye kuronka. Zaba izo mu bushikiranganji bw’umutekano canke izo mu bw’indero, zose ntizoroshe kuronka. Muti ni igiki cokorwa kugira ngo ziboneke bitagoranye? Mbwirira bene vyo.

Mu mpapuro zigoye kuronka, urwemeza ko umunyagihugu ata caha yagirizwa n’ubutungane ruza mu za mbere. Igipolisi giheruka gutangaza ko impapuro zo kwuzuza zishobora kuboneka biciye ku rubuga ngurukanabumenyi. Ni vyiza. Ariko none, urwo rupapuro rutererwako igikumu ku kigo gikuru c’igipolisi c’inyamiramabi i Bujumbura gusa, ari naco gituma ivyo ata kinini bije guhindura; kuko Abarundi benshi barukeneye, biracasabwa ko bashika muri ico kibanza. Mu gihe hegereje gutangura amashure ya kaminuza hoho bikaba ibindi.

Kuva mu mwaka w’2015, harashizwe mu ngiro umugambi wa Reta wo kworohereza abanyagihugu, bakegerezwa ubutegetsi. Ni ho hatorwa intara zitanu ari zo: Gitega, Ngozi, Bururi, Mwaro na Muyinga, bashobora gutangiramwo urwo rupapuro. Ivyo vyakozwe n’ubushikiranganji bujejwe abakozi n’akazi, bufadikanije n’ubw’umutekano bufashwe mu mugongo n’igisata ca Onu “PNUD”.  Ariko rero, ishirwaho ry’ivyo bigo ntiryatoreye inyishu ico kibazo, vyarapfupfahaje gusa.

Ivyo bigo bikora bite?

Ivyo bigo vyatanguye gukora, neza na neza, bimwe mu 2017 ibindi mu 2018. Uko bikora, nk’uko bisigurwa n’umwe mu bakora ku kigo c’i Bujumbura,  “uwushaka urwo rupapuro aratumbera ico kigo hama bakamubwira ibisabwa, akabitanga, kurya bikorwa no ku kigo gikuru,  i Bujumbura. Ivyo biheze, biraheza bikarungikwa i Bujumbura kugira babishireko umukono w’umukuru w’igipolisi c’inyamiramabi, hama bikagaruka muri ca kigo, gutyo bikabona guhabwa uwabisavye.” Agapfindo: impinduka ni iyihe ?

Abandanya ati: “mu gushika i Bujumbura bizanwa n’imodoka za posita. Hari aho usanga imbere y’uko ibiro kanaka birungika, birindira ko abasaba baba benshi, canke vyashika i Bujumbura bikaba umurengera, bigateba guterwako umukono, imbere y’uko bisubizwa inyuma mu buryo bwa posita kandi. Ivyo rero bituma biteba, bigatuma benshi bahitamwo kwishikira i Bujumbura, gutyo bakaba benshi.”

Ku vyerekeye urundi rupapuro rugoye kuronka, urwo mu bushikirangaji bw’indero, Firimino Vyumvuhore ajejwe ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza, ivyo guteba kuronswa izo mpapuro si ivya misi yose. Avuga ati: “bivana n’ibihe. Nko mu gihe amashure ya kaminuza agomba atangure ni ho abazirondera baba benshi. Hari n’aho bagera ku 1200 ku musi umwe. Biraheza bigateba kubera abakozi n’ibikoresho ikigo kijejwe ivy’ibibazo gisanzwe gifise bateba bakarengerwa”.

Inyishu

Ubutegetsi bwaragerageje gushiraho urutonde rw’ingene abashaka zimwe mw’izo mpapuro boja barazironswa, ariko naho nyene ntivyagenda neza nk’uko bikwiriye. Aho Firimino agatanga impanuro ati: “urwo rupapuro rushobora kuronderwa umwanya wose mu gihe umuntu yamaze kumenyeshwa amanota ntabanduka yaronse mu kibazo ca Reta. Abazi ko bazorukenera rero boza kururondera hakiri kare, na rirya atari urupapuro uvuga ngo rurata igihe”. Aha naho umuntu akibaza ati impapuro zita igihe nazo gute? Zoronderwa umuntu atazi igihe aziyandikishirizako ? Ya ngorane yo kuzembagirika.

Ikintu nyamukuru cofasha, ni ugukomeza umugambi wa Reta wo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu, mu kwugurura ibigo bitanga impapuro nk’izo mu gihugu cose nk’uko umuhanuzi mu gisata c’ubushikiranganji bujejwe abakozi n’akazi vya Reta abishikiriza. Ariko n’aho biri uko, kwugurura ivyo bigo ntibikwiye. Ahubwo hotangwa n’impusha zo gushirira umukono kuri izo mpapuro muri ivyo bigo vyuguruwe, kuko hejuru yo gupfunyira urugendo abazikeneye, n’umwanya wo kubirindira wogabanuka. 

Hamwe atababiterako umukono bahari, hopfuma higwa uburyo bwo gutwara binyarutse izo mpapuro aho zitererwako umukono, canke mbere hakabaho urutonde rw’ingene ibigo bikuranwa gutererwako umukono bikaba bigaragara. Icibonekeza, ni uko mu bofasha mu kworosha ico kikorwa, ubushikiranganji bw’indero n’ubw’umutekano buza imbere. 

 

Quitter la version mobile