Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ng’uku uko bategura umukobwa agira aje kurongorwa mw’idini rya Islam

Umukobwa ari mu kuja kwabaka urwiwe arahabwa impanuro zijanye n’inyifato azogira mu rugo.  Izo azihabwa keshi na ba inasenge ; nk’uko biri mu mico y’ikirundi. Uwo mugirwa no muri iki gihe ca none hari abakiwukurikiza ; mw’idini rya Islam ho ugahabwa agaciro gakomeye.

Zuwena* ni umukenyezi w’inararibonye mu gisagara ca Ngozi ; asengera mw’idini rya Islam, akaba ari mw’ishirahamwe rya be n’abo bakenyezi bihaye igikorwa co kugarukira umuco wo gutegura abigeme bagira baje kurongorwa.

Uko bigenda…

Nk’uko uwo mupfasoni yabitwiganiye, ngo hasigaye imisi mike ngo umukobwa w’umu isilamukazi yubake urwiwe, bisabwe n’abavyeyi biwe canke n’uwo mukobwa nyene, harategekanywa umusi wo kumutegura ; agatekererwa impanuro zidasanzwe. Ati : « Duhamagara abapfasoni bakuze, bakamwigisha uko azofata umugabo. Bati umugabo utamufashe neza, abandi barashobora kumugutwara. Baramwigisha gusenga, kwubaha, kwitwara neza mu vyoroshe no mu bigoye. Ibanga ry’abubatse turarishimikirako cane, kuko ingo nyinshi zirasambuka iyo vyagenze nabi.»

Kubw’uyo mukenyezi, ngo kubera ko izo mpanuro ziba zikenewe cane, ubu basigaye batumako n’ivyuma bifata amajwi n’amasanamu, kugira ngo uwo mwigeme niyashika mu rugo azoze arumviriza ivyo bamuhanuye, aheze abigendere. Ariko rero akongerako ati : « Mu gihe aba ariko yigishwa amabanga y’abakuze, nta mwana ahegera, mbere ngo n’uwufata amasanamu duhitamwo uwukuze, ashobora kugumya ibanga ; kuko harimwo ukumwereka ingene bigenda mu ngiro. »

« Inyigisho zirangiye, kaba ari akaryo keza ko gutanga utuganuke kuri uyo mukobwa, bakamunezererwa, ndetse ababishaka bakanatamba » ; nk’uko abandanya avyigana.

Ubu bikorwa ukundi

Rimwe na rimwe, birashika ko umuntu ariko ararengana mu ma karatiye agwiriyemwo abo mw’idini rya Islam, ukumva ingoma canke umuziki uriko uravuga. Ukumva abahita bavuga bati : « tuje kurorera umuhazara kwa naka. » Aho rero haba hariko harabera wa mugigwa wo gutegura no gusezera umukobwa buca yubaka urwiwe.

Kubwa Zuwena, uburyo bikorwa ubu hamwe hamwe, bitangukanye cane n’ivyo idini rya Islam ryemera. Akabona ko ibiba ubu ari ibiterasoni. Ati : « Barazana iradiyo bagatamba. Uri abakuze, uri abana, bose baravangana bagatamba. Hari n’abavyeyi bakuze ibintu bigaragara ko biteye isoni mu maso y’abana ; nk’uko womengo bagomba kwerekana ku mugaragaro bimwe vyigishwa abo bakobwa ahiherereye ; eka mbere n’abafata amasanamu baba bari aho. Ic’impanuro co ntibahuta baranaciyumvirako, kandi ari co gihambaye muri vyose. »

Bamwe n’abandi mu ba isilamu bafise impungenge ku ngaruka bishobora kugira ku bana babo kuko ngo bashobora kuhigira ubuhumbu mu gushaka kuja gushira mu ngiro ivyo babonye ku bantu bakuze.

Ururani rwo kugarukira uwo muco

Naho biri uko, mu gisagara ca Ngozi hariho abakenyezi bo muri iryo dini bagiye hamwe, bagira ishirahamwe ryo gutegura mu rupfasoni umwigeme agomba kuja kwubaka urwiwe. Ivyo rero hari abo biha icizere ko bishobora kugira ico bihinduye, umuco ntubandanye utituka.

« Vyongeye, n’abajejwe inyigisho muri iryo dini rya Islam ngo ntibasiba kwiyamiriza iyo nyifato, basaba ko vyohagarara » ; nk’uko Zuwena arangiza abimenyesha.

 

Quitter la version mobile