Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Kwubakana n’uwo mudasangiye idini : vyogenda gute ?

Bigezweho ko, mu mashengero amwe amwe ya hano mu Burundi, abigishamana batemera kuraganisha abageni badasangiye amadini. Abahuye n’ivyo vyago baratwiganira uko vyagenze.

« Mw’ishengero iwacu, baratwihanikirije ko badashobora guhezagira ubugeni bw’umukobwa n’umuhungu badasangiye idini » ; uwo ni Thierry, umusore w’imyaka 32, yategekanya kugira ubugeni n’umukunzi wiwe Emerance muri uyu mwaka w’2019, ariko vyanse, biturutse ku kudahuza kw’amadini basengeramwo.

Uwo musore arabandanya ati : « Ubona ko amakuba adasiga ayandi, i muhira iwacu naho, abavyeyi barandahiye ngo umuhungu si we akurikira idini ry’umugore wiwe, ahubwo ngo ni umukobwa yonkurikira » ; aho ni mu gihe yariko ariyumvira ko yopfuma ahindura idini, akaja mu ry’uwo mukobwa bifuza kubakana.

« Ariko kandi, n’umukunzi wanje nawe ntibiriko biramworohera  nawe nyene ngo ntiyoza gusengera iwacu, kubera iwabo ngo batemera bimwe n’idini ry’iwacu. Baramwankiye rero » ; nk’uko uwo nyene urubanza abandanya avyigana.

Vyama vyabaye

Nadège* na Janvier* bahisemwo guhindura amashengero bari basanzwe basengeramwo, kugira bahurire muri rimwe bumvikanye. Ivyo babigize hakiri kare, kugira imiryango yabo ntize ibabere intambamyi, canke mbere n’ayo mashengero nyene.

Naho abo babigenjeje uko, hari abandi basa n’abatoye izindi nzira zitoroshe. Diane* na Théophile*, bo bumvikanye ko bobanza bakaryamana, maze umukobwa agasama imbanyi, hama ivyo bitume abavyeyi bajijuka, bakabareka bakabana, kuko na bo nyene barabankiye kugeza ubu.

Amategeko nayo

Naho abatari bake bakunze guhura na mwe n’izo ngorane, itegeko n° 1/024 ryo kuwa 28 Ndamukiza 1993, rigenga ivy’ingo n’imiryango, ntiribuza mwe n’abo basore n’inkumi kwubakana.

Mu ngingo ya 87 y’iryo tegeko, haravugwamwo ko ubugeni ari umwumvikano w’umugabo n’umugore, bihuye n’amategeko. Igihe conyene imiryango, inzego canke uwundi muntu uw’ari we wese arekurirwa kugira ico abivuzeko, ni mu gihe bano bagiye kubakana bashobora kuba hari ico bahajije mu bijanye n’amategeko ; ivyo bikaba bidondaguye neza mw’iryo tegeko, kuva ku ngingo ya 88 kubandanya.

Ni uko rero, iyo hageze ko bashinga urwabo, abahungu n’abakobwa bahura n’intambamyi zitari nke. I ruhande y’uko ubugeni bwo mu Burundi busanzwe butwara uburyo bw’amafaranga atari make, biragera mu miryango bigakomera, ubu naho hakaba hagezweho ivy’amadini adahuza ukwemera. Aho ni aho tutavuze ubwoko nabwo ; kuko nyene hari ababukorerako.

* : yahinduwe izina.

 

Quitter la version mobile