Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Kugira ubugeni: abavyeyi bakunze kuvyisukamwo ariko…

Uko imyaka yagiye iragenda, kurushinga vyagiye birahinduka haba mu nteguro eka mbere n’ababitegura. Aho hambere hahise, umuhungu bamuzanira umukobwa atazi, bakabonana ku musi wa rwo. Ubu si ko bikiri. Ariko n’aho vyahindutse, hari abavyeyi badashobora kwemera ko umwana wabo yubakana n’uwo badashimye.

Nk’uko bivugwa n’umuhinga mu vy’inyifato Jacques-Antoine Malarewicz, “umusore n’inkumi barakeneye kwitunganiriza ubugeni bwabo bonyene uko babishaka. Baraheza bakitegurira ubugeni bwabo hagisigaye umwaka ngo urubanza rube, kugira ngo ruzobe urubanza rubereye ruhuza incuti n’abagenzi”. 

Kubera ko urubanza badashobora kurwifasha, kandi baba bafise ababo, baraterereza. Erega hari n’abasaba ingurane kugirango bashobore kuronka ayakwiye urubanza rwose. Benshi bikora ku ncuti, bagaterereza, bisunze abantu bazotumirwa mu rubanza.

Muri iyo myiteguro yose abavyeyi baritanga bimwe biboneka.

Ariko si bo bafise ijambo rya nyuma

Abavyeyi basanga abana babo baramaze gushimana batazi iyo vyabereye, babikunda canke bareka ntaco baba bari bugire. Kimwe conyene gishoboka bashobora gufata mu minwe, ni indinganizo y’urubanza iyo ari abavyeyi bifise. 

Naho nyene kenshi usanga ari umwana avuga ati nkeneye iki na kiriya, abavyeyi baba bumushigikire. Kandi nk’uko bivugwa n’umuhinga Florence Maillochon yanonosoye ibijanye n’imibano, “abavyeyi ni bo baba bazi incuti za hafi canke ibisanira. Baraheza bakabijamwo kurusha abana babo”. 

Vyarahindutse…

Muri rusangi, ukurushinga vyagiye birahindagurika. Ubu biranashika ugasanga abantu bagize ubugeni bamaze igihe babana. Iyo bagize ubwo bugeni, ni ugusezerana imbere y’amategeko, canke kwereka incuti n’abagenzi ko biyambitse iryo teka nk’uko bisanzwe. 

Iyo babanye gutyo, kenshi bitumwa n’uko baba bafitaniye umwana. Baraheza bagategura urubanza bakarukora nk’abandi bose, mbere bakambara iz’ubugeni. Nk’uko wa muhinga Florence Maillochon abivuga, “ico gihe si uguhimbaza ubugeni bw’abagiye kwubakana, nyabuna buba ari ubugeni bw’abasanzwe bubakanye”. 

Kuja inama

N’aho hari abavyeyi babona ko umwana wabo ari bo bamubonera vyose mu bijanye no gushinga umuryango wiwe, ico bakwiye kumenya ni uko umwana w’ubu agera mu bigero yaramaze kugenda henshi. Iyo ashimanira n’uwo bakundana nta muvyeyi ahamenya. Ni naco gituma ata kwisunga iki canke kiriya kugira ngo umuvyeyi abe intambamyi mu rukundo rw’abana. 

Ikindi na co, haba no mu ndinganizo y’urubanza nyene, iyo umwana wabo afise uburyo bukwiye canke abavyeyi bakagira amikoro, icokorwa boja inama bakumvikana uko bikorwa. Erega ubu benshi, baba abasore canke abigeme, bubaka urwabo bashikana imyaka yitereye ugereranije n’imyaka bubakirako kera. Ivyo abavyeyi barakwiye kubitahura, bakamenya ko amase ya kera atagihoma urutaro”.

 

Quitter la version mobile